Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ni nde uyu murundikazi yari azwi cane muri Basketball yapfiriye mw'isanganya ry'akazi muri Amerika?
Abakunzi ba Basketball mu Burundi no mu Rwanda babajwe no kwumva urupfu rwa Florence Sifa Kalume batazira Dada, umwigeme yari n'ubuhinga bwinshi mu nkino za Basketball, eka na football.
‘Dada’ yari afise imyaka 32 na 1,70m z’uburebure, yavukiye i Bujumbura, mu myaka iheze yamenyesheje ko yatanguye gukina Basketball mu 2004 avyinjijwemo n’incuti yiwe.
Valery Manirakiza, umukuru w’umurwi Gladiators yahoze yitwa Berco Stars avuga ko umurwi wiwe wababajwe n’urupfu rwa Kalume Florence rwabaye ejo mw’isanganya ry’akazi aho yakoraga.
Mu butumwa yarungikiye BBC, umukuru w'umurwi Gladiators, avuga ko Dada yari umwe mu bakinyi b’abigeme bakomeye cane Uburundi bwigeze kuba bufise.
Avuga ko Florence Sifa yahitanywe n’isanganya ry’akazi, ico mu gifaransa yise ‘traumatisme cranien’ muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho yari asanzwe aba.
Ati: “Turabuze umwana wacu… Imana imwakire mu bwami bwayo”.
Sifa 'Dada' yari nde?
Abakunzi ba basketball mu karere baramuzi nk’umukobwa muto muto yirabura rwose akunda guseka cane hagati mu rukino.
Yarabaye ‘meneuse’ cane cane w'umurwi Berco Stars hamwe n'umurwi w’Intamba mu Rugamba w’abigeme. Yari afise ubuhinga cane mu gutanga umupira (pass) neza cane, ubuhinga bwiwe bwamugejeje muri Amerika.
Akiri muto yiga mu Burundi, yarahavuye aja kwiga no gukina muri Crane High School muri Uganda inyuma y’uko abakuru b’iryo shure bakunze ingene akina mu mahiganwa y’amashure yisumbuye mu karere, bakamusaba kuza kwiga no gukinira ishure ryabo. Yahamaze umwaka umwe asubira mu Burundi.
Igihe yakina mu karere yarabaye Most Valable Player (M.V.P) mw’ihiganwa ry’Uburundi, MVP mu karere ka gatanu ka Africa incuro zibiri, MVP muri Uganda (2007).
Imyaka myinshi yayimaze muri Berco Stars y’i Bujumbura imbere y’uko mu 2016 aja gukina i Dallas, Texas, muri Jacksonville College muri Amerika.
Mu 2018 Florence Sifa niho yageze mu murwi w’abagore wa basketball wa Bearcats wa kaminuza ya Cincinnati avuye muri Jacksonville College aho yatsinda amanota nibura 17 ku mukino.
Sifa yarakiniye Bearcats imyaka nibura itatu imbere y’uko azimangana mu bakinyi b’iryo shure kaminuza. Ubu ntivyari bizwi neza ko agikina basketball mu murwi uzwi.
Hampande y’umupira w’amaboko, basketball, aho yakiniye umurwi Berco Stars (wahavuye uhinduka Gladiators) hamwe n’umurwi nserukiragihugu w'Uburundi, Dada azwi ko yanakinye n’umupira w’amaguru mu murwi La Colombe.
Valery Manirakiza yabwiye BBC ko ubu hakiri kare kumenya ibijanye no kumufuba n’aho bizobera niba ari muri Amerika canke mu Burundi.
Kaminuza ya Cincinnati mu kigandaro
Ishami ry’inkino rya Kaminuza ya Cincinnati muri Amerika ryatangaje akababaro ritewe n’urupfu rw’uwahoze ari umunyeshuri n’umukinyi wayo Florence Sifa yapfuye kuwa mbere.
Mu itangazo, iyi kaminuza ivuga ko bagenzibe bamwita “FoFo”, mu Burundi aho avuka no mu karere na ho akaba yari azwi kw’izina rya Dada.
Iyi kaminuza ivuga ko yayikiniye imikino 54 hagati ya 2018 na 2020 kandi mu 2019 yahembwe nk’umukinyi mushasha w’umwaka yitwaye neza ‘American Athletic Conference Newcomer’.
John Cunningham arongoye igisata c’inkino kuri iyo kaminuza asubirwamwo avuga ko “FoFo yari umuyobozi mu murwi wacu w’abagore, Bearcats, yarangwa n’ubuntu n’intego yo gutsinda”.
Yongerako ati: “Tubabajwe n’urupfu rwiwe. Turazirikana umuryango wiwe mu masengesho.”
Iyi kaminuza ivuga ko FoFo yatsinda nibura amanota 6.8 ku rukino.