Menya uno mutamakazi w'imyaka 81 yinjiye mw'ihiganwa ry'ubwiza kw'isi, Miss Universe

    • Umwanditsi, Woongbee Lee na Flora Drury
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Seoul and London

Wipfuza kuzoba ukora iki mu gihe uzoba uri mu myaka ya 80?

Kumbure ushobora kuzoba ukora mu karima, wiga ururimi, utembera buke buke, canke ukina n'abuzukuru.

Canke kumbure ushobora kwinjira mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'ubwiza ufise intego yo gutanguza umwuga wawe w'imideli ku rwego mpuzamakungu.

Kuri Choi Soon-hwa, iki ni co kintu cari coroshe.

Muri ino ndwi, uno mutamakazi w'imyaka 81 niho yinjira muri iri higanwa guhangana n'abandi bagore bafise ica kane c'imyaka yiwe mw'ihiganwa rya Miss Universe aserukira Korea y'Epfo, mbere akaba yari yiteze gushika mu gice ca nyuma kizobera muri Mexique mu mpera z'uno mwaka.

Ikibazo umuntu yokwibaza: ni igiki cabimutumye?

Inyuma y'akanya gato "avuye kuri scène", uno yahoze ari umukozi w'ibitaro yabwiye BBC ati: "Inyuma yo kurera abana no guhura n'ibibazo, hasigaye abantu babiri gusa, aha rero ni ho ukeneye kurondera ico wipfuza gukora.

"Umaze kukironka, gica gihinduka inguvu ziyobora ubuzima bwawe, kikagushikana ku ciza urondera kikanakwubakira imigenderanire myiza n'abantu, ibi navyo bikagufasha kugira ubuzima bwiza".

Ku bwa Choi, yamye yipfuza kuba umunyamideli, kuva umurwayi umwe amusavye ko yobitangura igihe yari afise imyaka 72.

Iri jambo ryamuhaye icizere nyaco co gutera iyi ntambwe inyuma y'imyaka myinshi y'ingorane z'amafaranga, zatumye we n'umuryango wiwe bahakwa gutembagara.

Uko imyaka yagenda kuva ico gihe, yagiye amenyekana cane muri Korea y'Epfo - harimwo no gushogomanga mu ndwi yahariwe ihayanishwa ry'imideli (fashion week) - ariko ivyo gutanguza umwuga hanze vyabonetse ko ari ikintu kitoroshe.

Igihe rero Miss Universe, ihiganwa rizwi cane ry’ubwiza ryatanguye Choi afise imyaka icenda, ifata ingingo yo gukuraho amategeko abuza abahiganwa barenza imyaka 28 mu ntango z'uno mwaka, ntiyatanzwe kurondera ano mahirwe - maze aca aba umugore wa mbere ashaje gushika ubu yinjiye mw'ihiganwa.

Ati: "Cari ikintu ntashobora kwibaza. Kuva imyaka itari mike, nagumye nipfuza kwinjira muri iri higanwa nk'umunyamudeli.

"Hagati aho, nta nzira nari mfise canke uwari gushobora kuhanshikana, ariko kuva rero iri higanwa rya Miss Univers rikuyeho inzitizi z'imyaka, narinjiye mfise intego yo gushika ku rwego mpuzamakungu".

Ikurwaho ry'inzitizi z'imyaka rije mu gihe kuva muri ino myaka ya vuba iheze iri higanwa rya Miss Universe ririko rirondera kuba ihuriro rya benshi - mu kwemerera n'abagore barongowe, abagore bibona mu buryo butandukanye n'igitsina ndemanwa (transgender) hamwe n'abagore batunze imiryango ari bonyene kwinjira mw'ihiganwa.

Ariko kubona uno mutakamazi yinjira mw'ihiganwa vyateje uruyogoyogo - cane cane no mu bo bahiganwa.

Ati: "Abari mw'ihiganwa bakubiswe n'inkuba bambonye, bamaze kwumva ko mfise imyaka 80 hoho, bararyohewe cane, baza bambwira ngo nshaka kugira imyaka nk'iyo yawe".

Iki rero camushikanye ku rwego mpuzamakungu yamye yipfuza kugerako: umupfasoni Choi ariko aravugwa cane mu binyamakuru kw'isi yose.

Ico atashoboye gushikako ni itike yo gushika muri Mexique: urugori rwa Miss Universe ku ruhande rwa Korea y'Epfo rwatahukanywe na Han Ariel w'imyaka 22.

Hagati aho, Choi ntiyatashe iminwe misa - ariko yavanyeyo iteka ryo kwitwa "Uwari yambaye neza cane".

"Gusa kuba ushobora kwinjira mw'ihiganwa ni ikintu gihimbaye kandi c'iteka", niko avuga, akongerako y'uko yibaza ko ari we wa mbere mu bagore benshi bashaje yinjiye muri iri higanwa, kandi mu buryo bwagutse.

Ati: "Kubera iki ari ikintu kikiri gishasha havugwa vyinshi, ariko uko abakuze bazogenda bavyitabira, ivyibazwa kuri bo bizogenda bihinduka, maze hagere igihe c'aho abakuze bazoshobora kwitabira amahiganwa mpuzamakungu.

"Ariko muri iki gihe, riracari ihiganwa hagati y'abakiri bato".

Kandi uko bizogenda kwose muri kazoza, arazi ko bamwe mu bafana bakomeye cane bazoba muhira iwe mu buryo bw'abuzukuru biwe, b'imyaka 23 na 24.

"Abuzukuru banje barankeza, bavuga ngo, 'Nyokuru wacu ameze neza cane, ni mwiza, eka ni mwiza cane!'"