RDC n'Urwanda bateye 'intambwe igaragara' mu nzira igana ku mahoro n'iterambere i Washington

Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo hamwe n'iy'Urwanda baraye bateye igikumu ku nteguro y'ugukorera hamwe mu vy'ubutunzi, mu nzira yo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo.

Iyo bari i Washington muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, intumwa z'ibi bihugu vyompi zaraye ziteye igikumu kuri iyi nteguro mpuzakarere, izwi nka Regional Economic Integration Framework (REIF), intambwe ifatwa ko idasanzwe mu kurondera kugarukana icuka ciza hagati y'ibi bihugu bibiri.

Nk'uko biri mw'itangazo rusangi ry'Inama ya kane ya Komite ijejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro hagati ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) n'Urwanda yabaye muri ino ndwi i Washington, iyi nteguro yerekana ibisata nyamukuru vyo guteza imbere ugufashanya mu vyo ubutunzi n'iterambere hagati y'ibi bihugu bibiri.

Ino komite igizwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Repubulika y'Urwanda, Reta ya Qatar, Repubulika ya Togo (nk'umuhuza w'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika), hamwe n'Urwego rukuru rurongoye Ubumwe bwa Afrika.

Iyi nteguro yerekana kandi inyungu nyazo ziva ku mahoro, be n'amahirwe yozanira abanyagihugu bo mu karere mu bijanye no gushora imitahe no kwagura ubutunzi.

Nubwo biri uko, impande zose zabonye ko hari ugukwega amaguru mw'ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro ya Washington yo ku wa 27 Ruheshi (6) 2025, baca biyemeza gushiramwo inguvu.

Impande zose zumvikanye ku bikorwa bidasanzwe vyokorwa vuba mu bijanye n'ivyo zisabwa mu gutuza umuhari w'inyeshamba za FDLR hamwe n'iyindi mihari ikorana nawo, ibi bikaba vyotuma Urwanda na rwo rukuraho ingingo zarwo zokwivuna.

Barabiye hamwe uko biteguriye ibikorwa vya gisirikare aho bizoba nkenerwa, bumvikana ingene bagiye gushira mu ngiro ivyo bemeranije, kandi banashima utwigoro twa buri ruhande mu gushira mu ngiro inshingano zarwo ku buryo bufatika ku rubuga.

Urwanda rusanzwe rwagiriza reta ya DR Congo ko ihaye indaro ikongera igakorana n'izi nyeshamba za FDLR zirwanya reta ya Kigali, ivyo Kinshasa yamye ihakana, ikavuga ko ari urwitwazo rwayo mu kuvogera ubutaka bwa Congo.

Ku ruhande rwayo, Kinshasa yagiriza Urwanda ko ari rwo rwayiteye rwinyegeje inyuma y'umuhari M23, ivyo na rwo nyene ruhakana.

Ariko, abahinga ba ONU bagiye berekana neza ingene ingabo za Congo zikorana na FDLR, hamwe n'ukungene ingabo z'Urwanda ari zo zifatiye umuriro M23, mu kuyiha ibikoresho n'abasirikare.

Muri iyi nama igira kane ya Washington, impande zose zasubiye kwiyemeza "kwirinda ibikorwa vy'agasotoro canke imvugo y'urwanko, na cane cane imvugo ishobora kubangamira canke gutuma bigorana gushira mu ngiro amasezerano y'amahoro, harimwo no mu makoraniro mpuzamakungu".

Muri uno mubonano kandi, Qatar, igihugu muhuza mu biganiro bibandanya hagati ya Reta ya Congo n'umuhari AFC/M23, yaramenyesheje aho ibiganiro bigeze, aho yerekanye "intambwe zimaze guterwa ku bibazo nkoramutima, harimwo no guhanahana impfungwa".

Muri Ndamukiza (4) uno mwaka, intumwa za Kinshasa n'iza M23 zarumvikanye agahengwe "inyuma y'ibiganiro vyo kubwizanya ukuri kandi vyubaka" i Doha, ariko icuka kibi nticatevye kwaduka mbere gushika ubu karacamwo bagatana mu mitwe mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.

Mu mpera z'ukwezi guheze kwa Gitugutu (10), haravuzwe intambara hagati y'imirwi ihurikiye mu runani rwiswe Wazalendo hamwe na M23 mu duce twa Masisi na Walikale muri Kivu ya Ruguru yatumye abantu benshi bata izabo, nk'uko vyavuzwe n'ibinyamakuru vyo muri DR Congo.

Buri ruhande rwagirije urundi guhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara.

Hagati aho, iyi Komite ishinzwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro hagati ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) n'Urwanda yarishimiye inama ya mbere y'umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya RD Congo na AFC/M23 yabereye i Doha ku wa 5 Munyonyo (11) 2025.

Impande zose ziyemeje kwongereza inguvu muri uno mugambi w'amahoro no kubandanya zikorera ku ntambwe zimaze guterwa mu nzira y'iterambere n'amahoro.

Nubwo biri uko, umuhari AFC/M23 urabandanya ushinga imizi mu turere wigaruriye mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo kuva usubiye gutangura intambara mu mpera za 2021.

Bimwe mu vyo uriko urakora harimwo gushiraho ubutegetsi, ubucamanza n'izindi nzego, ibisa n'ibishimangira ibivugwa na bamwe mu banyecongo ko uno muhari urondera gushinga reta yigenga mu duce ugenzura.