Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kajugujugu zibiri za gisirikare zigonganye mu kirere cumi barapfa
Abantu cumi bapfuye inyuma y’aho kajugujugu zibiri z’igisirikare ca Maleziya (Malaisie/Malaysia) kirwanira mu mazi zigonganiye mu kirere ziri mu myimenyerezo y’idefire.
Imwe muri izi kajugujugu yaciye inkingi y’amababa (rotor) y’iyindi yigenzi yayo imbere y’uko zompi zikorokera hasi, nk’uko biboneka mu mashusho yasohowe n’ibinyamakuru vyo muri iki gihugu.
Iri sanganya ryabereye mu gisagara citwa Lumut, gisanzwe kirimwo ikigo c’igisirikare kirwanira mu mazi.
Nta bazwi ko boba barokotse.
Igisirikare ca Maleziya kirwanira mu kirere kivuga kiti: "Abari muri izi ndege bose bapfuye, ibisigarira bikaba vyarungitswe ku bitaro vya gisirikare [vya Lumut] ku mvo zo kumenya umwidondoro wabo”.
Kivuga kandi ko kigiye gushinga komite yo gutohoza icateye iri sanganya.
Bivugwa ko imwe muzi izi kajugujugu, izwi nka HOM M503-3 yarimwo abantu indwi, yakorokeye mw’ibarabara.
Iyind izwi nka Fennec M502-6 yarimwo aba bandi batatu, yakorokeye muri pisine (piscine) hafi y’aho.
Igisata c’igihugu kijejwe ubutabazi no kuzimya imiriro kivuga ko camenyeshejwe iri sanganya isaha isaha zitatu n’iminota 50 z’agatondo (9h50) mu masaha yo muri ico gihugu (ni ukuvuga isaha icenda z’ijoro n’iminota 50 mu masaha ya Gitega na Kigali).
Muri Ntwarante (3) uno mwaka, kajugujugu y’igisirikare ca Maleziya kijejwe gucungera imbibe yarakorokeye mu nyanja hafi y’izinga Angsa rya Maleziya mu gihe yari mu myimenyerezo yo kuguruka.
Umudereva wayo, umufasha wiwe hamwe n’abandi babiri bari muri yo bagiye kurokorwa n’abarovyi.