Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gambia: Uwahoze arongoye igendereza yaciriwe urwo gupfa
Umucamanza wo muri Gambia yaciriye urubanza rwo gupfa uwahoze arongoye igendereza ry’iki gihugu, Yankuba Badjie, hamwe n’abandi bane bari mu bajejwe umutekano, ku caha co kwica umunyaporitike mu 2016, mu misi ya nyuma y’ubutegetsi bw’agahotoro bw’uwahoze ari umukuru w’ico gihugu, Yahya Jammeh.
Uyu munyaporitike, Ebrima Solo Sandeng – yari imbere mu mugambwe United Democratic Party utavuga rumwe n’uwari ku butegetsi – yari yahagaritswe mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta.
Yapfiriye mw’ibohero haciye imisi ibiri, abanje gukubitwa no kuborezwa igufa.
Urupfu rwiwe rwatumye abanyagihugu baterwa n’uburakari.
Inyuma y’imyaka 22 yari amaze ku butegetsi, Perezida Jammeh yagiye kubuvako yari yanse kugenda inyuma yo gutsindwa mu matora yo muri Kigarama 2016, kubera igitsure c'ibihugu vyo mu karere.
Mu 2017, Jammeh yahungiye muri Guinée équatoriale, ari naho akiri mu buhungiro.