Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Dr Mukwege "nta mahoro" abona mu ngabo za EAC zorungikwa muri Congo
Dr Denis Mukwege, umuganga w’umunye-Congo yatsindiye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel avuga ko kurungika muri Congo ingabo z’akarere zivuye mu bihugu birimwo ivyagirizwa gutera igihugu ciwe ataco bizofasha.
Ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’Ubuseruko, EAC - Congo yinjiyemwo mu kwezi kwa kane - ririko rirategura kurungika ingabo zaryo gufasha kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho muri Congo.
EAC igizwe kandi n’Urwanda, Uburundi, Uganda, Kenya, Tanzania na Sudan y‘Epfo.
Uretse ivyo bihugu bitatu vya nyuma, bitatu vya mbere birafitaniye isano n’ikibazo c’umutekano muke mu buseruko bwa Congo. Urwanda rwo Congo irwagiriza gushigikira umugwi M23 ugwana na reta mu ntara ya Kivu.
Amashirahamwe atarondera inyungu za poritike muri Congo avuga ko Uburundi bwarungitse ingabo mu karere ka Uvira muri Sud Kivu kurwanya imigwi y’abarundi yitwaje ibigwanisho ya Red Tabara na FNL.
Ingabo za Uganda kuva mu mpera z’umwaka ziri muri Congo kugwanya ADF, umugwi witwaje ibigwanisho uturuka muri Uganda.
Dr Mukwege avuga ko kurungika ingabo za EAC zirimwo iz’ibihugu bifise uruhara mu “guhungabanya, gukora amabi no gusahura itunga ryacu ata maragamo canke amahoro bizozana”.
Martin Fayulu nawe yashize ijwi hejuru
Umukuru mu butavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Felix Tshisekedi, Martin Fayulu, nawe yavuze ubwa mbere ku kibazo kiri hagati y’Urwanda na Congo.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Kinshasa ku wa kane mw’ijoro, Fayulu yasavye reta yiwe kwirukana uwuserukira Urwanda muri ico gihugu no guhamagaza uwugiserukira i Kigali.
Fayulu avuga ko ibaye incuro ya “gatanu” Urwanda “rutera” Congo “kuva mu 1995-1996”.
Ariko Fayulu - n’ubu hari abakimwita 'umukuru w’igihugu yatowe' inyuma yo gutsindwa na Felix Tshisekedi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2018 - yagiriza umukuru w’igihugu kuba ari we yatumye ibihugu bibanyi vya Congo mu buseruko bija mw’ihiganirwa ry’ico gihugu.
Amwagiriza kugiranira amasezerano yo mu mpisho na bimwe muri ivyo bihugu.
Ingabo za Uganda kuva mu kwezi kwa Kigarama (kwa 12) ziri muri Congo kugwanya umugwi wa ADF ukomoka muri Uganda ariko umaze imyaka uyogoza intara za Nord Kivu na Ituri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo.
Inzego zijejwe umutekano za Congo n’Urwanda nazo zigeze gufatanya mu kurwanya umugwi wa FDLR.