Ibizira n'ibikwiye gukorwa ku mfungurwa zabitswe

    • Umwanditsi, Nazanin Motamedi
    • Igikorwa, BBC Persian

Gushusha ibifungurwa bishobora kugira ingaruka ku mamagara. Gukurikira izi nama bishobora kugufasha kugabanya ivyago vyo gufatwa n'ingwara ziturutse ku bifungurwa.

Ng'uku uko ushobora kwirinda:

Ico wokora

Ntugumize infungurwa zawe hanze

Ntugumize infungurwa zawe zikanye umwanya munini hanze ya firigo, nturenze amasaha abiri. Iyo ari umuceri hoho ntukwiye kurenza isaha imwe, kubera umugera witwa bacillus cereus spores urwiramwo.

Ntushuhuruze umuceri watumyeko (waguze) hanze uhiye

Burya umuceri watumyeko hanze uba wabanje gushushwa kuko bene urudandazwa baba babanje kuwuteka uri ngaho urindiriye abakiriya, bagaheza bakawushusha imbere yo kuwugurisha, bisobanura ko gusubiramwo kuwushusha irya kabiri bitera vya vyago vyo kwanduriramwo imigera yihisha mu bifungurwa. Ni vyiza kuwufungura ubwo nyene ukigushikira.

Ntugumize imfungurwa zitetse igihe kinini muri firigo

Gerageza ivyo waraje, ibinfugure bukeye, nturenze hagati y'amasaha 24 -48 , canke ubishire mu kibanza gikonje cane bicike ibarafu (muri freezer/congelateur) mu gihe ata mugambi ufise wo kubifungura vuba.

Ntukuremwo ibarafu mu nkoko wabitse, ukoresheje amazi asusurutse

Ibi bishobora gutuma impande zose zitaviramwo ibarafu icarimwe, aho usanga ibice bimwe vy'inyama yawe bigera aho bishobora guterwa n'imigera mu gihe ibindi navyo bitaba biravamwo ibifarafu neza. Ivyiza ni ukubanza ukagabanya ubukonje bw'inyama yawe mu kuyikuramwo ibarafu, kandi mu guteka uyihishe neza.

Campylobacter bacteria ni umugera uboneka mu nkoko ukunze gutera ibibazo mu mushishito (igifu) harimwo kudahwa, mbere ushobora no gutuma umuntu aja mu bitaro.

Ico ukwiye gukora

Gumiza ibifungurwa vyawe muri firigo, ubivaneyo ubishusha.

Ubushakashatsi bwakozwe bwerekana ko kugumiza ibifungugwa muri firigo (kuri 5°C canke munsi) bituma uducafu tw'imigera itera ingwara tudashobora kubijamwo ngo turwire.

Banza ureke ibifungurwa vyawe bihore imbere yo kubishira muri firigo

Gushira infungurwa zihiye muri firigo ubwo nyene zigishushe, bishobora gutuma ubushuhe buduga muri firigo, ibindi bifungurwa vyari bisanzweyo bikandukirwa n'imigera ishobora gukuriramwo.

Ivyiza, reka ibifungurwa vyawe bihore ku meza uce ubishira muri firigo bikimara guhora udatevye.

Ahasanzwe hari ubushuhe, uko ubimaza umwanya muto hanze niko biguma bimeze neza.

Menya neza ahari 'impungenge'

Hagati ya 8°C na 63°C, imigera irashobora kugwira vuba vuba. Kugumiza firigo yawe kuri 5°C canke munsi biragabanya ivyago vyo gufungura ibintu bishobora guhinduka umubiri wawe (food poisoning), nayo kubishira ahari ubukonje buri munsi ya zero kugeza kuri -18% bica bihagarika igwirirana ry'imigera. Ariko iyo migera ntaho iba yagiye, imigera ntipfa kubera ubwo bukonje, irashobora kwivyukiranya mu gihe ibifungurwa bisubiye gususurutswa bikurwamwo ibarafu.

Shira imfungurwa zawe zikonje muri firigo mu kurindira ko zivamwo ibarafu

Urashobora kugumiza ibifungurwa vyawe muri freezer/congelateur gushika igihe bizoshikira itariki ntarengwa yo gukoreshwa (use-by-date), muri ivyo bifungurwa harimwo umukate, ushobora gususurutsa bitagoranye kandi ushobora kumara igihe kinini iyo wakonjeshejwe.

Banza ukuremwo ibarafu mu mfungurwa imbere yo kuzishusha

Kuramwo ibarafu mu bifungurwa, mu kubigumiza muri firigo gushika ku masaha 24 , bivanye n'ico gifungurwa ico ari co.

Ibifungurwa binini nk'inkoko yose bimara umwanya munini gusumba uwo, ariko ibifungurwa bike bigasaba umwanya muto.

Hari ibifungurwa bimwe bimwe bishobora gukurwamwo ibarafu ukoresheje microwave/ micro-onde, ariko rero n'ugukurikiza neza ibisabwa.

Gukuramwo ibarafu mu bifungurwa biciye mu kubishira muri firigo bituma izo mpungenge zose zo kubangamirwa n'imigera zitongera kubaho.

Campylobacter ni umugera dusanga mu nkoko, ushobora gutuma uwuvyihereje afatwa n'ingwara zo mu nda, kudahwa ndetse umuntu agashobora no kuja mu bitaro.

Urabe neza ko imfungurwa zawe zavuremwo ibarafu imbere yo kuziteka

Kutarangiza gukuramwo ibarafu mu mfungurwa bishobora gutuma zipfuba (zidasha kumwe mu mpande zose), bigatuma imigera ishobora gusigaramwo.

Nturenze amasaha 24 utarangije umuceri waraye

Umuceri ushobora kuba urimwo utugera twa bacillus cereus tutumva umuriro.

Guhoza ugaca ushira muri firigo ubwo nyene udatevye umuceri ugiheza kuwuteka, bigabanya ivyago vyo gutosekarwa n'iyo migera, ariko ukawushusha rimwe gusa. Gushira muri congelateur bituma iyi migera idasubira kugwira.

Witonde cane mu gihe ushuhiriza umuntu w'amagara make

Abantu bafise abasoda bake (ubudahangarwa buri hasi) mu mubiri, canke bafise ikibazo c'amagara, canke bibungenze, ndetse n'abasaza, baba bari mu gitigiri c'ababangamirwa vyoroshe cane, n'imigera iturutse mu bifungurwa.

Shusha neza gushika ubonye umuhisha

Nimba wakoresheje microwave mu gukuramwo ubukonje mu mfungurwa, ubihindukize neza kugirango umenye ko bishushe hose.