Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya buvuga ko bwatanguye kugaruza ahari hafashwe n'ingabo za Ukraine muri Kursk
- Umwanditsi, Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
Ubushikiranganji bw'Uburusiya bwo kwivuna abansi buvuga ko ingabo zabwo zimaze kugaruza ibigwati 10 vyari vyafashwe n'ingabo za Ukraine mu gitero ca giturumbuka mu ntara ya Kursk yo mu Burusiya mu kwezi guheze.
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yemeje ko Uburusiya bwatanguye ibikorwa vyo ''gutera abari babuteye, ivyo bikaba bijanye n'integuro ya Ukraine''.
Uburusiya bwavuze ko ingabo zabwo zo mu buraruko zagaruje ivyo bigwati mu minsi ibiri mu karere ka Snagost, ku ruhande rw'uburengero rw'akarere kafashwe na Ukraine muri ico gitero yagavye ku wa 6 Myandagaro(8).
Umusirikare wa Ukraine agwanira mu ntara ya Kursk yabwiye BBC ko igitero c'Uburusiya ku babuteye catanguriye ahatari kure mu buseruko bwa Sudzha.
''Intambara irakomeye cane kandi ibintu ntibisa n'ibigiye kutugendera neza ubu,'' niko uwo musirikare yavuze abanje gusaba ko izina ryiwe ritamenyekana.
Igitero ca Ukraine gisa n'icari kigamije gusamaza Uburusiya mu mugambi wabwo wo gukomeza kwinjira mu buseruko bwa Ukraine. Ubu Ukraine ivuga ko yafashe akarere kangana na 1.300km2 (kirometero kwadarato) z'ubutaka bw'Uburusiya.
Ariko ingabo z'Uburusiya zakomeje gufata ibigwati muri Ukraine y'Ubuseruko ubu zikaba zisugereje igisagara ca Pokrovsk, ikibanza gihambaye mu bijanye n'urugamba.
Abahinga bihweza ibijanye n'intambara mu kigo co muri Amerika 'Institute for the Study of War' bavuga ko uko igitero c'Uburusiya co kwivuna kingana mu bunini n'aho kizogarukira bitaramenyekana kandi ko hakiri kare kugira hagire ico umuntu acemezako.
Konte imwe yo ku rubuga hwaniro rufatiniye isano n'ingabo za Ukraine yavuze ko ingabo z'Uburusiya zagavye ico gitero bitari vyitezwe hafi ya Snagost kandi ko ingabo za Ukraine ziriko zirivuna.
Umuhinga w'umurusiya mu vya gisirikare Anatoly Matviychuk yabwiye ikinyamakuru Moskovsky Komsomolets ko ahantu hasumba 100km2 hagarujwe kandi ko ''ivyankenerwa n'ukwongereza ingabo ubu bitagishobora gushikira intara ya Kursk''.
Igisirikare c'Uburusiya catewe kititeguye gitangazwa n'ubunini n'umurindi vy'igitero ca Ukraine muri Kursk mu kwezi guheze.
N'ubwo Ubususiya bwumiwe n'ingene ingabo za Ukraine zorohewe mu gufata ibisagara n'ibigwati harimwo n'ica Sudzha, umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin yavuze haheze hafi ukwezi ko zananiwe.
Ingabo za Ukraine zari zagerageje gutesha umutwe Uburusiya - ''kugira bushwiragize ingabo zimwe zive aha izindi zije hariya hanyuma duhagarike igitero cacu mu turere dukomeye, cane cane Donbas''- niko yavuze.
Uretse ko uwo mugambi [wabo] utakoze, Putin yasiguye ko igitero ca Ukraine cafashije gushika ku ''ntego ya mbere'' y'Uburusiya, iyo avuga ko ari ugufata Donbas - intara z'amahinguriro za Donetsk na Luhansk muri Ukraine.