Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igiteramo ca Chris Brown cashize ahabona ikibazo c'amabi akorerwa abagore muri Afrika y'Epfo
Igiteramo ca Chris Brown cimirije muri Afrika y'Epfo cavyuye ikibazo c'urugero ruteye agashitsi rw'amabi akorerwa abagore, aho abaharanira uburenganzira bavuga ko gitanga ubutumwa bubi bivanye na kahise kiwe ko gukora amabi.
Mu masaha adashika abiri, uwo muririmvyi amaze kuronka agashime ka Grammy yashoboye kugurisha amatike yiwe yose yo kwinjira muri FNB Stadium i Johennesburg - ikibuga ca mbere kinini muri Afrika y'Epfo ku bibanza vyo kwicaramwo birenga 94.000. Abayarondera babaye benshi cane gushika aho hongerwako uwundi munsi wo mu kwezi kwa Kigarama (kwa 12).
N'ubwo hari benshi bashaka kuja mu giteramo ciwe, uwo muririmvyi w'umudiho wa R 'n' B ntahabwa ikaze n'abadashaka ko aremesha igiteramo kubera kahise kiwe k'ihohotera.
''Aho nabona inkuru ko Chris Brown azoza muri Afrika y'Epfo, naraguye mu gahundwe ndababara cane,'' bivugwa na Sabina Walters, umuyobozi nshingwabikorwa wa Women for Change, ishirahamwe riharanira uburenganzira bw'abagore n'abana muri Afrika y'Epfo.
Iryo shirahamwe ryaciye ritanguza urwandiko rwo kubuza uwo muririmvyi w'umunyamerika kuza kuririmba. Rumaze kuronka imikono irenga 20.000.
''Urwo rwandiko rwatangujwe kugira turungike ubutumwa bukomeye ko tudashobora kwihanganira gukeza abantu bafise kahise ko guhohotera abagore,'' niko Walters avuga, na cane cane mu gihugu nkia Afrika y'Epfo.
Afrika y'Epfo ifise rumwe mu ngero ziri hejuru cane kw'isi z'abagore bicwa n'ihohotera rishingiye ku gitsina.
Muri ico gihugu umuntu arasambanywa ku nguvu buri minota 12 kandi vyibazwa ko abandi benshi batamenyekana.
''Iyo umuntu nka Chris Brown ahawe umwanya mu gihugu aho amabi ashingiye ku gitsina ageze ku rugero rw'akaga, bitanga ubutumwa bubi - ko kwamamara n'ububasha biri hejuru yo kubazwa ivyo wakoze,'' niko Walters avuga.
Kamwe mu burorero buzwi cane bwa kahise k'ihohotera ka Chris Brown n'amatati yo mu rugo n'umuririmvyi Rihanna mu 2009.
Chris Brown, yari afise imyaka 19 ico gihe, yaremeye icaha co guhohotera aca acirirwa imyaka 5 yo gukirikiranwa ku nyifato yiwe ariko adapfunzwe, ibikorwa vy'ikibano hamwe no guhabwa inama ku bijanye n'intureka zo mu rugo.
N'ubwo Rihanna yamubabariye hanyuma bagasubira kugendana akanya gato inyuma y'ivyari vyashitse, Chris Brown yaragirijwe kandi ihohotera n'bandi bagore n'abagabo.
Women for Change bashaka kumenya ingene ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bahaye viza (uruhusha rwo kwinjira mu gihugu) umuntu yagiriwe n'ivyaha vy'ihohotera''.
Ku bwa Walters, iyo ngingo ''iteye amakenga kandi yerekana ukudakora neza kwa reta.''
Ku bw'amategeko yo muri Afrika y'Epfo, kuba warigeze kwagirwa n'icaha bishobora gutuma wimwa viza. Ariko irashobora gutangwa ''ku mvo y'ineza'' kandi abayironka bavyemerwa n'umuyobozi mukuru wo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati.
Chris Brown aramaze kwankirwa kwinjira mu bindi bihugu, harimwo Ubwongereza, Australia, Canada na Nouvelle Zelande, n'ubwo mu nyuma yahavuye aja kuvugiriza mu Bwongereza n'ahandi i Buraya.
Ariko abafana biwe muri Afrika y'Epfo ntibacika intege.
Prof Mamokgethi Phakeng yahoze ari icegera c'umuyobozi wa kaminuza ya Cape Town yanditse kuri X ko azokwitaba igiteramo ca Chris Brown.
''Sinshigikiye na gato amabi ashingiye ku gitsina kandi ndayarwanya. Nemera ko abo bose bakora ayo mabi bakwiye guhanwa n'amategeko ata uwuvuyemwo kandi ata kubabarira.
''Ariko reka ntomore hamwe ubutumwa bwoba butumvikanye neza: nzoja kuraba igiteramo ca Chris Brown hamwe yoza. Ivyo bintu bibiri kimwe ntikivanaho ikindi.
''Kuvuga ko kuryoherwa n'igiteramo bifatanye n'ikintu cose uwo muririmvyi yakoze muri kahise ni ukworosha ibintu cane ...no kudashira mu gaciro'', niko avuga.
Prof Phakeng asigura ko umuziki ari ''ikintu kinini'' kurusha uwo muntu''.
Avuga ko kureka kuja mu giteramo ca Chris Brown bitozoca birangiza amabi ashingiye ku gitsina muri Afrika y'Epfo.
N'ubwo ari igiteramo ca mbere ca Chris Brown muri Afrika y'Epfo, abafana barakirindiriye cane.
Umwe yavuze kuri X: '' Chris Brown muri Afrika y'Epfo??... nzofata ideni ryo kumubona no kumuramutsa.''
''Chris Brown ntutuzi ... ariko jewe n'umugore wanje tuzoba turi mu bafana bataboneka mu bwugamo turirimba dutamba igitero cose!!!!'' niko uwundi yavuze.
Walters yavuze ko hari n'abamuteye ubwoba kubera iryo sekeza yatanguje ryo kurwanya ico camamare co muri Amerika.
''Abashigikiye Chris Brown basa n'abiteguriye kumurwanira uko bigenda kwose,'' niko avuga.
''Amajambo turiko turumva ku rwandiko rwacu avuga vyinshi, kandi yerekana ingene, nk'abanyafrika y'Epfo, tudatahura co kimwe amabi akorerwa abagore.''
Avuga ko kenshi abantu baba biteguriye ''kubabarira inyifato y'ihohotera'' iyo hageze ku bantu rurangiranwa bakunda.
Gutoranya mu kwiyamiriza amabi birabangamye kuko bikomeza umuco wo gusambanya ku nguvu n'urugero runini rw'amabi abagore bakorerwa buri munsi, nk'uko Walters avuga.
Perezida Cyril Ramaphosa aremera ko Afrika y'Epfo ihanzwe cane n'amabi ashingiye ku gitsina hanyuma mu kwezi kwa Myandagaro (8) yasavye abagabo muri ico gihugu kwerekana aho bahagaze.
''Ico tugamije amaherezo ni uko hadasubira kuba amabi ashingiye ku gitsina, '' niko yavuze.
Ariko iryo hangiro riracari kure nk'ukwezi - nta kinini kirahinduka imyaka itanu inyuma y'aho atereye akamo ko guhangana n'ikibazo co gusambanya ku nguvu.
Uwu mwaka wonyene, Women for Change yasezeye abagore barenga 200 batakaje ubuzima kubera ubwicanyi butota abagore.
''Urugamba ntirwerekeye ico giteramo gusa. N'urwo guhindura imvugo muri Afrika y'Epfo, aho abakora amabi babibazwa, aho amabi akorerwa abagore atihanganirwa, atirengagizwa, canke ngo yibagirwe.''