M23 yigaruriye igisagara ca Nzibira mu ntara ya Kivu y'Epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amakuru ava muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR Congo) avuga ko inyeshamba z'umuhari M23 uvugwa ko ufashwe mu mugongo n'Urwanda zigaruriye igisagara gikomeye ca Nzibira kiri mu ntara ya Kivu y'Epfo.
Ni inyuma y'intambara zikomeye zivugwa ko zabaye muri teritware ya Walunguhagati y'uno muhari n'igisirikare ca DR Congo gifatanije n'imirwi ikorana naco.
Ababibonye bavuga ko inyeshamba zabanje gucucagira ibisasu ibirindiro vy'ingabo za reta zikoresheje vya bimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, imbere y'uko zifata iki gisagara ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu.
Abasivire baba mu micungararo y'iki gisagara baciye bahunga igihe amakuru yavuga ko inyeshamba ziriko zirasatira iki gisagara yatangura gukwirakwira.
Radio Okapi ifashwe mu mugongo n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ikorera muri Congo, isubiramwo ababibonye bavuga ko intambara zabaye urutavanako mu bigwati bitari bike vyo mu micungararo y'ico gisagara harimwo Cisaza, Cibanda, Muyange, Karhuliza na Kalongo.
Izi ntambara ni zo za vuba zihonyanze ingingo ngenderwako zateweko igikumu n'impande zompi, ingingo zirimwo n'agahengwe, mu biganiro bihagarariwe na Qatar, hari mu kwezi kw'indwi. Izi ngingo ngenderwako zirimwo n'izibuza ko haba ibitero bishasha canke kwigarurira utundi turere.
Radio Okapi ivuga kandi ko mu ntara ya Kivu ya Ruguru naho igisirikare ca DR Congo congereje ibitero vyaco ejo ku wa Mungu nyene, aho carashe vya muzinga ku birindiro bitari bike vy'izo nyeshamba mu materitware ya Masisi na Walikale.
Nzibira ni ikibanza gicishwamwo ibikoresho vy'igisirikare ari naho bategurira ibikorwa vyo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho.
Ni akarere kandi gatunze amabuye y'agaciro nk'inzahabu n'ubutare bwa kasiterite (cassiterite).
Kuva M23 isubiye gutanguza intambara mu mpera z'umwaka wa 2021, imaze kwigarurira uturere tutari duto tw'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo imigwa mikuru y'izi ntara, Goma na Bukavu.
Reta ya Kinshasa, ishirahamwe ONU n'ibihugu bimwe bimwe vy'uburengero bavuga ko Urwanda ari rwo rufatiye umuriro umuhari M23, mu kuwuha ingabo ibihumbi hamwe n'ibikoresho bikomakomeye, ivyo reta ya Kigali ihakana, ikavuga gusa ko yafashe ingingo zo kwikingira.
Ku ruhande rwayo, reta ya Kigali, ONU n'ibihugu bimwe bimwe vy'uburengero na bo bavuga ko reta ya DRC ifasha umuhari FDLR urwanya reta y'Urwanda, Kinshasa ikaba ibihakanaivuga ko ata mugambi wa reta uriho wo kuyifasha, mbere ikavuga ko ari urwitwazo rw'Urwanda kugira ngo ruvogere ubutaka bwa Congo.









