Ayavugwa mw'igura n'igurishwa ry'abakinyi: Baribaza nimba Rashford azoshobora kwererwa muri Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikinyamakuru Mundo Deportivo co muri Espagne canditse muri kano gatondo ko ku wa mbere ko "Umwongereza [Marcus Rashford], umukinyi wa kabiri azoba yinjiye muri Barça muri uno mwaka w'inkino wa 25-26, yamaze gushika i Barcelona akaza gupimwa kwa muganga uno musi".
Kivuga kandi ko "azokwerekanwa ku mugaragaro ku muhingamo wo ku wa gatatu kandi azofata urugendo ku wa kane [mu Buyapani na Korea y'Epfo]" kandi ko " Lamine [Yamal] ashobora kumuhebera inomero '19' ".
Ni inyuma y'aho mw'ijoro ry'ejo ku wa Mungu amasanamu yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana Marcus Rashford ashika i Barcelona.
Muri Kigarama (12) umwaka uheze, niho Barcelona yatangura kurondera uno musatirizi wa Manchester United inyuma yo gutangaza ko yipfuza kuronderera ahandi kubera umumenyereza Ruben Amorim yamukinisha gake.
Mu kwa gatanu, umukuru w'igisata kijejwe inkino Deco yemeye ko bipfuza Rashford, kandi ko ashobora gutuma "umurwi wisununura".
Ariko iki ni co abatari bake baguma bibaza - ubo koko azokwererwa?
Hagati aho, agiye muri Barcelona nk'intizo, inyuma y'amezi make yari amaze atijijwe nyene Aston Villa kuva muri Ruhuhuma uno mwaka wa 2025.
'Ntaco novuga ku mukinyi uwo ari we wese ataraba uwacu' – Arteta kuri Gyokeres

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku ruhande rwayo, Man U ivugwa ko yoba iriko irondera gusitana na Arsenal mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Sporting, Viktor Gyokeres.
Inyuma yo kuryosharyosha Noni Madueke akimukira muri Arsenal , ku wa gatandatu, umumenyereza w'uno murwi wo mu buraruko bwa Londres, Mikel Arteta yateye umunoho abafana b'aba-Gunners banyotewe kuva kera kubona umurwi wabo uronse umusatirizi nyawe.
Nubwo hari amakuru avuga ko Manchester United ishobora gutangaza amafaranga yipfuza gutanga kugira irabe ko yoronka Gyokeres, Arteta yatanze ikimenyetso gikomeye ko uno musatirizi yahoze akinira Coventry ashobora ahubwo gushika vuba kuri Emirates Stadium (ikibuga ca Arsenal).
Abajijwe ico yovuga kuri uno musatirizi wo muri Suwede, Arteta yishuye ati: "Ntaco novuga ku mukinyi uwo ari we wese ataraba uwacu. Igihe tuzoba turonse ikintu nyaco twoha umukinyi uwo ari we wese niho tuzobikora".
Ibi ariko ntivyerekana ko Gyokeres yoba ari mu nzira aja muri Arsenal, ariko gusa akajambo 'ataraba' kahaye icizere kinini abafana ba Arsenal ko kumbure ibintu vyoba biri hafi mu kugenda neza.
Gushika ubu, uno murwi umaze imyaka itatu y'inkino ikurikirana urangiza ihiganwa ry'Ubwongereza uri mu kibanza ca kabiri ukaba unyotewe cane iri higanwa uheruka gutsindira mu mwaka w'inkino wa 2003-04.
Arsenal ubu imaze kugura abakinyi Kepa Arrizabalaga yahora muri Chelsea ku mibiroyini zitanu gusa z'amapawundi, Martin Zubimendi – yahora akina hagati muri Real Sociedad ku miriyoni 60 z'amapawundi, Christian Norgaard yahora akinira Brentford ku miriyoni 10 z'amapawundi, hamwe na Noni Madueke yahora akinira Chelsea ku miriyoni 48,5 z'amapawundi.
Nta musatirizi iraronka, uru rukaba ari uruhande rw'uno murwi rumaze igihe kitari gito rujegajega.
Ayandi avugwa: Manchester United iripfuza abandi bakinyi babiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester Cityyatangaje igiciro c'imiriyoni 35 z'amapawundi ku mukinyi wayo wo hagati, Umwongereza James McAtee w'imyaka 22, mu gihe ariko aronderwa n'imirwi nka West Ham na Eintracht Frankfurt. (Telegraph )
Real Madrid irarindiranye umunezero umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa na Liverpool , Ibrahima Konate w'imyaka 26, aho uno murwi wo muri Espagne witeze kuzomuronka kuri gusa mu ci ry'umwaka uza, ariko gusa ishobora kugerageza kumurondera muri iri ci ku giciro gitoya. (Football Insider)
Umurwi wo muri Arabia Sawudite wariko urondera umusatirizi wa Real Madrid, Umunyabrezili Vinicius Jr w'imyaka 25 mu masezerano yotumye ahembwa amamiriyoni amajana wakuyemwo akarenge, ariko ushobora kuzosubira kugerageza mu mwaka uza wa 2026. (AS - in Spanish)
Real Madrid iriko ikurikiranira hagufi umukinyi w'inyuma waArsenal n'umurwi nserukiragihugu w'Ubufaransa William Saliba w'imyaka 24. (L'Equipe - mu Gifaransa)
Leeds United iripfuza ko hoba imirwi myinshi yorwanira umukinyi wayo, Umunya-Espagne Mateo Joseph w'imyaka 21, kugira irabe ko yoronka amafaranga yokwifashisha mu kugura Umunyabreili Rodrigo Muniz w'imyaka 24 akinira Fulham. (Sun)
Umumenyereza wa Manchester United Ruben Amorim aripfuza kuronka abandi bakinyi babiri muri kino gihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi. (Mirror)
Imaze kugura abakinyi babiri: Matheus Cunha yahora akinira Wolves ku miriyoni 62,5 z'amapawundi, hamwe na Diego Leon yahora akinira Cerro Porteno yo muri Paraguay ku giciro kitarashirwa ahabona.
Man U yari yarondeye kandi umusatirizi wa Inter Milan, Umutaliyano Francesco Pio Esposito w'imyaka 20 mu kwa mbere ariko uno murwi wa Serie A uranka kumurekura. (Football Italia - mu Gitaliyano)
Umusatirizi wa Kameruni Bryan Mbeumo w'imyaka 25, yahejeje ibipimo vyo kwa muganga muri Manchester United, ibi bikerekana ko ashobora kuba agiye kwimukira muri uno murwi vuba avuye muri Brentford.(Fabrizio Romano)
Tottenhamiripfuza gutanga amafaransa asabwa ku mukinyi w'inyuma wa Bournemouth, Umunya-Ukraine Illia Zabarnyi w'imyaka 22. (Caught Offside)
Nottingham Forest iri imbere mu mirwi iriko irwanira Umwongereza akina hagati muriAston Villa Jacob Ramsey w'imyaka 24 .










