Abanya Namibia bihanijwe gukorera ibirori mu kaburi

    • Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo

Abategetsi ba Namibia bibukije abantu ko bidakwiye ko batunganiriza ibirori mu matongo y'abapfuye, inyuma y'aho hari abakoreye ibirori mw'itongo ryo ku mugwa mukuru, Windhoek, abantu benshi bakavyiyamiriza mu mpera z'indwi ishize.

Nk'uko abategetsi b'ico gisagara ca Windhoek babivuga, ibirori vyakorewe mw'itongo ry'abapfuye rya Gammams, vyerekanye ivyicaro, ibikoresho vyo gukanyisha hamwe n'inzoga vyazanywe ku bwinshi.

Umwe mu bahaba babonye ivyo birori avuga ko vyari akamaramaza.

Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Facebook, yiganye uko yabonye abo bantu binjira mu kaburi, avuga ko "kuva mu marembo y'ako kaburi, gushika imbere, amamodokari yabo yari yuguruye inyuma mu bubiko, abantu bariko baranywa, kandi akaburi bagahinduye nk' ikirabo kidandarizwamwo inzoga zitemewe, aho kuva ikibanza c'uburuhukiro."

Yavuze kandi ko bahasize imicafu myinshi, amacupa n'ibikopo banywereyemwo vyandagaye irya n'ino.

Mw'itangazo casohoye kuri uyu wa kane, igisagara ca Windhoek camenyesheje ko ivyo ari "ibintu bidashobora kwihanganirwa, bongerako ko "bitubahiriza agateka k'abapfuye kandi bihungabanya iyindi miryango y'ababuze ababo iri mu kigandaro".

Iryo tangazo kandi ryibukije ko gusiga imicafu hafi y'itongo ry'abapfuye ari icaha gihanwa n'amategeko kandi ko bazokomeza gucunga mu buryo bukomeye, kugira ngo bubahirize ivyo bibanza vyo gushingura abapfuye.

"Imva ni ibibanza ntavogerwa bigenewe gushinguramwo no kwunamira abapfuye gusa", niko rivuga.

"Imanza zo guhurira hamwe, kunywa inzoga, no guta imyanda mu kaburi birabujijwe cane."

Ubu si ubwa mbere Gammams ija mw'itangazamakuru.

Mu 2021, hari umuntu yafashwe inyuma y'aho video ihanahanywe cane imwerekana ariko ararasa mu gihe hariko harashingurwa umuntu muri iryo tongo nyene.

Muri ico gihe co gushingura nyene, abandi babonye imodokari zikubita amacerere mu kibanza zihagarikwamwo, nk'uko vyatangajwe n'ibinyamakuru vyo muri Namibia.