Habonetse ibimenyetso bitanga icizere ko ubuzima bushoboka ku mubumbe wa kure, K2-18b

Igishushanyo ca K2-18b, umubumbe uri kure cane ushobora kuba ufise ivyotuma ubuzima bushoboka kuri wo

Ahavuye isanamu, Cambridge University

Insiguro y'isanamu, Igishushanyo ca K2-18b, umubumbe uri kure cane ushobora kuba ufise ivyotuma ubuzima bushoboka kuri wo
    • Umwanditsi, Pallab Ghosh
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vyo ubuhinga

Abahinga batoye ibimenyetso bishasha, nubwo ari ivy'imfatakibanza, vyerekana ko umubumbe wa kure cane uzungurukwa n'ukundi kwezi ushobora kuba ufise ibintu bishobora gutuma haba ubuzima.

Umurwi w'abashakashatsi ba kaminuza ya Cambridge uriko wiga ikirere c'umubumbe uzwi nka K2-18b watoye ibimenyetso vy' udukaba (molecules), hano kw'isi tuva mu binyabuzima bisanzwe.

Bubaye ubwa kabiri habonetse icizere gisumbirije ku binyabutabire (substances chimiques) bishobora kuba bitanga ubuzima, bibonywe na telescope (rugagamisha ibona ibiri kure cane ) ya NASA, James Webb Space Telescope (JWST), mu kirere c'uno mubumbe.

Ariko uno murwi hamwe n'abahinga mu vy'inyenyeri bigenga bashimangira ko hagikenewe ubundi bushakashatsi kugira ngo ibi bimenyetso vyemezwe.

Ari muri laboratware yiwe ku kigo ca kaminuza Cambridge University's Institute of Astronomy, Nikku Madhusudhan arongoye uno murwi w'abashakashatsi avuga ko yizeye vuba kuzoronka ivyemezo nyavyo.

"Iki ni co cemezo ca mbere gikomeye cane cerekana ko ubuzima bushoboka kuri uno mubumbe. Ndashobora kuvuga ko dushobora kwemeza iki kimenyetso mu mwaka umwe canke imyaka ibiri".

K2-18b isumba umubumbe w'Isi incuro zibiri n'igice ikaba iri ku birometero birenga imiriyaridi 1.000.000 uvuye kuri uno mubumbe w'isi turiko.

Telescope JWST irakomeye cane ku buryo ishobora gusuzuma ibinyabutabire bigize ikirere c'uno mubumbe ikoresheje umuco w'izuba ukirabirizamwo.

Uno murwi w'abahinga ba Cambridge watoye ko iki kirere gisa n'igifise ibimenyetso nibura vya kamwe mu dukaba tubiri dufitaniye isano n'ubuzima: imyuka (gas) dimethyl sulphide (DMS) na dimethyl disulphide (DMDS). Ku mubumbe w'Isi, aya magaze ava mu vyimeza n'udukoko dutoduto vyo mu mazi.

Prof Madhusudhan avuga ko yatangajwe n'urugero rw'iyi myuka rwabonetse mu mwihwezo umwe wonyene.

Ati: "Urugero rw'iyi myuka tubona ruri muri ico kirere rusumba incuro ibihumbi n'ibihumbi iyo dufise kw'Isi.

"Rero, nimba vy'ukuri iri sano n'ubuzima ari iry'ukuri, vyumvikana ko ubuzima bushoboka kuri uno mubumbe".

Prof Madhusudhan avuga kandi ati: "Nitwamara kwemeza ko ubuzima bushoboka kuri K2-18b, vyoba bigaragaye ko ubuzima ari ikintu gisanzwe cane mu gisokoro c'ibinyenyeri [galaxie]".

Telesikope The James Webb Space Telescope irakomeye cane ku buryo ishobora kwihweza ibirere vy'imibumbe iri ku mamiriyaridi n'amamiriyaridi y'ibirometero

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Telesikope The James Webb Space Telescope irakomeye cane ku buryo ishobora kwihweza ibirere vy'imibumbe iri ku mamiriyaridi n'amamiriyaridi y'ibirometero
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Haracari ibintu vyinshi bidatomoye n'ibibazo vyinshi bitararonka inyishu muri iki gihe, nk'uko uno murwi wa Prof Madhusudhan uvyiyemerera.

Ubwa mbere, ivyavuye muri ubu bushakashatsi ntibiri ku rugero rusabwa kugira ngo vyemezwe.

Kugira ngo ibi bishoboke, aba bashakashatsi bategerezwa kuba bashobora kwemeza ko ivyo batoye ari ukuri ku rugero hafi rwa 99.99999%, ko atari irementanya. Mu bushakashatsi, ni vyo bikunze kwitwa gatanu kuri gatanu.

Ibi biherutse gutorwa ni gatatu kuri gatanu gusa, 99,7%. Ibi bishobora kuba biboneka umengo ni urugero rwo hejuru, ariko ntirukwiye kugira ngo abahinga bemere koko ko ivyavuye muri ubu bushakashatsi ari ukuri kudateye amazi. Ariko gusa rurasumba kure cane urugero rwa kimwe kuri gatanu 68% uno murwi washitseko mu bushakashatsi bwawo, haraciye amezi 18, bwakiranywe amakenga menshi ico gihe.

Ariko nubwo uno murwi wa Cambridge woshika kuri gatanu kuri gatanu, ntivyoba bihagije kugira ngo hemezwe yuko koko ubuzima bushoboka kuri uno mubumbe, nk'uko bivugwa na Prof Catherine Heymans wo kuri kaminuza ya Edinburgh n'ikigo Astronomer Royal co muri Ecosse/Scotland, ataho ahuriye n'uno murwi w'abashakashatsi.

Yabwiye BBC ati: "Nubwo ata makenga yoba ahari, haracari ikibazo ku mamuko y'iyi gaze.

"Kw'isi, iva mu bimera n'udukoko vyo mw'ibahari, ariko n'aho twoba dufise amakuru nyayo, ntidushobora kuvuga tudakekeranya ko yamuka ku binyabuzima vyo ku wundi mubumbe kuko hari ibintu vyinshi bitangaje bibera mu kirere kandi tutazi ibishobora kuba vyabaye kuri uno mubumbe bigatuma haba utu dukaba".

Iki ni co uno murwi wa Cambridge wemera; ubu ukaba uriko urakorana n'iyindi mirwi kugira ngo barabe nimba aya magaze ya DMS na DMDS ashobora guhingurwa n'ibindi atari ibinyabuzima muri laboratware.

Iyindi mirwi y'abashakashatsi itanga izindi nsiguro zidafatiye ku binyabuzima ku bijanye n'amakuru ava ku mubumbe wa K2-18b. Hari impari zikomeye atari gusa ku kumenya nimba koko DMS na DMDS zibaho, ariko kandi n'ibigize uno mubumbe.

Igituma abashakashatsi benshi bafata ko uno mubumbe ufise ibahari nini cane y'amazi ni uko ikirere ca K2-18b kitagira gaze ya ammoniac (ammonia). Bemeza ko ammoniac imirwa n'amazi menshi cane ari musi. Ariko bishobora gusigurwa kandi n'ibahari yaturutse kw'ishonga ry'urutare, ibi bikaba vyotuma ata buzima bushoboka, nk'uko bivugwa na Prof Oliver Shorttle wo kuri kaminuza ya Cambridge.

"Ivyo tuzi vyose ku bijanye n'imibumbe izunguruka izindi nyenyeri biva ku muco mutoyi cane urabiriza mu kirere cayo. Rero ni ikimenyetso gikomeye cane dutegerezwa kwihweza, atari gusa mu ntumbero yo kurondera ibimenyetso vy'ubuzima gusa, ariko no ku bindi vyose".

"Kuri K2-18b, igice kimwe c'impari kuri yo kijanye n'ingene uno mubumbe uremwe".

Dr Nicolas Wogan wo ku kigo Ames Research Center ca NASA wewe afise iyindi nsiguro aha ivyavuye muri ubu bushakashatsi. Yasohoye ubushakashatsi buvuga ko K2-18b ari ikirundo kinini c'amagaze kidafadika.

Izi nsiguro zompi na zo nyene ntizemerwa n'iyindi mirwi kubera ko zitajanye n'ivyo JWST yatoye, ibi bikerekana impari zikomeye ku bijanye na K2-18b.

Prof Madhusudhan aremera ko hakiri umusozi muremure wo kuduga kugira ngo ashobore kwishura kimwe muri ibi bibazo bikomeye mu bijanye n'ubuhinga. Ariko yemeza ko we n'umurwi wiwe bari mu nzira nziza.

Ati: "Mu myaka mirongo, turashobora kuzokwibuka iki gihe maze tukemeza ko ari co gihe abahinga bashikira ikirere (univers).

"Iki kirashobora kuba igihe kidasanzwe, aho mu kanya gato, ikibazo nyamukuru co kumenya nimba turi twenyene mw'isanzure ry'ikirere ari kimwe mu vyo tuzoshobora kwishura".

Ubu bushakashatsi bwasohotse mu kinyamakuru c'ubushakashatsi The Astrophysical Journal Letters.