Nimba isi yiruka ibirometero vyinshi kw'isaha, kuki twebwe tutigera twumva ko tuvuye aho turi?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Juan Francisco Alonso
- Igikorwa, BBC News Mundo
Isi ni umubumbe uri mu kirere utujana mu rugendo rwihuta muri ico kirere. Uwo mubumbe ugenda ku muvuduko ungana n'ibirometero 107.280 kw'isaha, uzunguruka izuba.
Isi yizungurukako ku muvuduko w'ibirometero 1.666 kw'isaha ku murongo uca hagati y'isi 'Equateur'.
None kubera iki tutumva dusa n'abashaka gutembagara?
Kudahindura umuvuduko no kutanyiganyiga
Kugira utahure ivyo bintu, umuhinga mu vyo imibumbe w'umunye Chili, Javiera Rey araduha akarorero.
Uwo muhinga yafashanije n'abandi gushinga ishirahamwe Star Tres, rifise intumbero yo kuza rirashira ahabona ubumenyi bw'ubuhinga muri Amerika y'Epfo, asigura ati:
"Iyumvire ko uri mu ndege. Muhagurutse, wumva umenga urinjiye cane mu ntebe, hanyuma mu gihe na ho mwururutse, mwumva umenga muriko murabandanya imbere. Ni kubera y'uko ukutanyiganyiga bituma dusa n'abaguma uko twari tumeze ata kwikoma."

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Igihe indege iba ishitse ku muvuduko munini, ntuba ukibona ko muriko muragenda, ushobora guhagarara ugatambuka."
Rero, mu gihe indege idahinduye umuvuduko, uca umenga irahagaze.
Ni co kimwe n'isi: Igihe iriko iragenda ku muvuduko umwe, uca umenga ntiriko irava aho iri mu kirere.
Ikintu cose kiri kw'isi, harimwo n'abantu, bagenda kuri uwo muvuduko udahinduka, turi kumwe n'uwo mubumbe, ariko ntitwumva iva aho ari.
Ariko hariho n'izindi mvo zikomeye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hari izindi nguvu na zo nyene zifise uruhara
Na rukuruzi (gravité) na yo nyene iratuma tutumva isi iriko irazunguruka.
Solmar Varela, umuhinga mu biharuro, muri kaminuza yo muri Venezuela asigura ati: "Iyumvire ko wuriye mu modoka yo gusiganwa ugaca ugendera ku murongo ugororotse ku muvuduko udahinduka.
"Muri ico gihe, ntushobora kwumva ko imodoka iriko iragenda, ariko ushitse mw'ikona, urumva inguvu ziguhindira ku rundi ruhande rurabana n'iryo kona, nk'uko umenga zishaka kugusohora muri iyo modoka.
"Igituma udaturumbuka muri iyo modoka n'uko uba wambaye umusipi ukugumya."
Ni na ko bimeze ku vyerekeye iyi isi. Ikase, izana inguvu mu bisanzwe zoshoboye kutujugunyira mu kirere.
Ariko kubera inguvu za rukuruzi zisumba izo z'isi, duca tuguma tumatanye n'isi.
Varela ati:"Rukuruzi ikora nk'umusipi wo mu modoka."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ntushobora kwumva isi iriko iragenda
Kuba wumva ko isi itava aho iri ni kimwe mu vyatumye, mu binjana n'ibinjana, twibaza ko uwo mubumbe uri hagati y'iyindi.
"Kuva kera twemera ko isi iri hagati y'iyindi mibumbe kuko abantu bararaba mu kirere, bakabona inyenyeri ari zo ziriko ziragenda", nk'uko bisigurwa n'umuhinga mu vyo imibumbe wo muri Venezuela, Miriam Rengel, akaba ari n'umushakashatsi mu kigo ca Max Planck mu vyerekeye izuba, mu Budagi.
Miriam yongerako ati: "Ariko ibintu vyarahindutse igihe Nicolaus Copernic na Johannes Keples bazana iciyumviro ca "héliocentrique " , Galilée na we atora amezi ane y'umubumbe wa Jupiter, aca anabona ko ari imibumbe izunguruka iruhande y'izuba.
Hari abavuga ko iyaba isi igenda, twoca tuyumva kandi ko dukoroye ikintu kivuye hejuru, kitogwa aho ugikororeye ahubwo cogwa inyuma.
Ariko Galilée yaratoye uburyo abibeshuza.
Yatanze akarorero akoresheje ubwato buriko buragenda n'umuvuduko munini udahinduka mu kiyaga gitekanye, asuka ima ry'amazi mu kintu.
Yabonye ko, n'aho ubwato bwariko buragenda, amama yagumye agwa muri ico kintu.
Rengel asigura ati: "Uko ni ko yerekanye ko vyose biterwa n'ikibanza uba urimwo."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Akamenyero no kwitegura
Ikindi gituma tudashobora kwumva ko isi iriko iragenda ni uko gusa twabimenyereye.
Marta Ábalos umwigisha muri kaminuza ya Complutense i Madrid asigura ati: "Turamenyereye uko isi igenda kuva tuvuka".
Ku ruhande rwiwe, Rey ashimangira ko uburyo bwo kwumva bw'ibinyabuzima bwamenyereye kugira isi iriko iragenda ntibidutere nk'ibizunguzungu nk'akarorero.
Kuba ikirere c'isi (atmosphère) kigenda ku muvuduko usa n'uwungana n'uwo isi, na vyo bibifisemwo uruhara.
"Umwuka ukikije isi uzunguruka co kimwe ku muvuduko usa n'uwungana, nta muyaga twumva uvuye kuri uko kuzunguruka kw'isi", ni ko M.Abalos asigura.
Ikindi na co, kubwa Rey, isi iriko iragenda ntituma haza umuyaga kuko "ikirere kiragaragara".














