Ikompanyi ya Amerika Intuitive Machines yashitse ubwa mbere ku kwezi

Ahavuye isanamu, Intuitive Machines
Ikompanyi yo muri Amerika yakoze ikintu c'imbonekarimwe mu kuba ikigo ca mbere c'abikorera utwabo gishoboye gushikana ikigendajuru ku kwezi.
Ikompanyi Intuitive Machines yo muri Houston yashikanye ikigendajuru cayo Odysseus hafi y'impera y'ubumanuko (pôle Sud/South Pole) bw'ukwezi .
Vyatwaye iminota mikeyi kugira ababikurikirana bamenye ko ico kigendajuru cashitse, ariko ikimenyetso cahavuye kiboneka.
Umuyobozi w'urwo rugendo Tim Crain yamenyesheje ati: ''Ico twokwemeza ata gukekeranya ni uko igikoresho cacu kiri ku kwezi".
Abakozi b'ico kigo banezerewe bakoma amashi bumvise iyo nkuru.
Kari akanya keza, atari gusa kuri ico kigo conyene, ariko ku mugambi wa Amerika ujanye n'ikirere muri rusangi.
Hari haciye imyaka 50 imbere y'uko Intuitive Machines isubira ku kwezi. Urugendo rwaheruka gukorwa ku kwezi rwari urwa Apollo mu 1972 aho iki kigendajuru ca Amerika cagwa neza ku kwezi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikigo ca Amerika kijejwe ibirere Nasa caguze icumba mu kigendajuru Odysseus c'ibikoresho bitandatu vy'ubuhinga, umukuru wayo Bill Nelson akaba yaciye akeza Intuitive Machines kuri ubu butumwa avuga ko ari "intsinzi".
Yavuze ati: "Amerika yasubiye ku kwezi. Uyu musi bubaye ubwa mbere muri kahise, ikompanyi y'abikorera utwabo - ikompanyi ya Amerika -itunganya kandi ikayobora uru rugendo gushika hariya. Uno musi ni umusi werekana ubushobozi bwa Nasa mu gukorana n'ibigo vy'abikorera utwabo".

Ahavuye isanamu, Goonhilly
Abagikurikirana bahanganye n'ingorane z'ubuhinga zahatswe guhagarika urugendo n'imbere y'uko iki kigendajuru gitangura kwururuka.
Ivyuma bizwi nka LASERS (Light Amplification by Stimulated Emission of Radiation/Amplification de la lumière par émission stimulée de rayonnement) bitanga umuco waco ntivyariko bikora neza.
Amahirwe ni uko hari ama-LASERS y'ikigo Nasa yari muri iki kigendajuru, abahinga bakaba barashoboye kuyafatanya n'amamashini nyabwonko y'iki kigendajuru.
Ikigendajuru Odysseus cashitse ku kwezi isaha zitanu n'iminota 23 z'ijoro (23:23) ku wa kane. Kigishika, nticashotse gisohora ikimenyetso, ivyatumye imitima isimba uko umwanya wagenda, ariko mu nyuma itumatumanako ryahavuye rikorwa, nubwo ritari ryiza.
Ibi vyateje amakenga ku kungene ikigendajuru cashitse kimeze. Hagati aho, inyuma y'amasaha make, Intuitive Machines yatangaje ko Odysseus yariko irahagarara neza yongera irungika amakuru, harimwo n'amasanamu.

Ahavuye isanamu, Intuitive machines
Ahari hagenewe kugwa kino kigendajuru ni ahantu hari ikinogo hafi y'umusozi muremure w'ibirometero bitanu uzwi nka Malapert. Ni ko gace kari kure cane mu bumanuko ku kwezi ata kigendajuru cari bwigere gishikako, kari kuri degré/degree 80 mu bumanuko.
Kari ku rutonde rw'ibibanza Nasa itegura kurungikamwo abahinga bayo mu vy'ikirere mu myaka cumi iri imbere mu mugambi bise Artemis.
Aka karere karimwo ibimanga birebire bitigera bibona umuco w'izuba - hari igitutu igihe cose - abahinga bakaba bibaza ko hashobora kuba hariyo amazi y'ibarafu.
Ibi bikoresho bitandatu vya NASA biri muri iki kigendajuru Odysseus birimwo ibikora ibikorwa bijanye n’ubuhinga butandukanye.
Itohoza rikomeye rizoba ryeyekeye umwimerere w’umukungugu w’ukwezi, abahinga b’ikigendajuru Apollo basanze ari ikibazo gikomeye, kuko uharagura ukongera ugatuma ibikoresho vyabo biziba.
Abahinga b’iki kigo bashaka gutahura neza ingene uno mukungugu ugururwa n’ikigendajuru iyo kiguye ukaduga hejuru y’ubuso imbere yo kugaruka hasi.
Imbere y’uko Intuitive Machines irungika iki kigendajuru kigashika neza, amakompanyi ya reta yonyene niyo yari amaze kurungika ibigendajuru ku kwezi bigashika neza – aya nayo akaba ari aya Amerika, icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti, Ubuhsinwa, Ubuhindi n’Ubuyapani.
Mu kwa mbere uno mwaka wa 2024, iyindi kompanyi ya Amerika Astrobotic yararungitse ikigendajuru cayo, Peregrine, ariko igihe cari kikiri mu nzira gitera kija ku kwezi, cagize ikibazo c’ubuhinga, nticagira amahirwe yo gushikayo. Vyabaye ngombwa ko kigarukanwa kugira ngo gihire mu kirere c’Isi.










