Menya Gliese 12 b, umubumbe ungana n’Isi abashakashatsi batoye

Umubumbe wa Gliese 12 b uzunguruka izuba imisi 12.8 kandi ufise uburinganire bunganga n’ubw’Isi.

Ahavuye isanamu, Kaminuza ya Warwick

Insiguro y'isanamu, Umubumbe wa Gliese 12 b uzunguruka izuba imisi 12.8 kandi ufise uburinganire bunganga n’ubw’Isi.

Abahinga bo kuri kaminuza ya Warwick mu Bwongereza bavuga ko bari mu murwi mpuzamakungu w’abahinga batoye uwundi mubumbe ungana n’Isi umuntu ashobora kubako.

Mu bikorwa bakoranye n’ikigo NASA co muri Amerika hamwe n’igisata ca Bulaya kijejwe Ikirere (European Space Agency, ESA), bavuga ko uno mubumbe uzwi kw’izina rya Gliese 12 b ufise ubushuhe bungana n’ubwibonekeje mu Bwongereza mu 2022 igihe iki gihugu giterwa n’ubushuye bwinshi, kandi ukaba ari umwe mu mibumbe y’urutare aho abantu bashobora kuba.

Iyi kaminuza ivuga ko kubera uno mubumbe uri ku ntera y'ibiromereto vyababa imiriyaridi 400 uvuye ku mubumbe w'Isi, ibi bisigura ko uri kure cane ku buryo bitoroshe kuwumenya mu buryo bwimbitse.

Dr Thomas Wilson, umuhinga mu bijanye n’imibumbe wo kuri kaminuza ya Warwick, avuga ati: "Ni ukuri iri ni ivumbura rishimishije kandi rizofasha ubushakashatsi bwacu ku vyerekeye imibumbe isa n’uw’Isi mu mibumbe n’ibinyenyeri bizunguruka izuba".

Uno mubumbe ufise ubushuhe bwababa 42C, ariko abahinga bavuga ko badashobora kumenya neza ingene ikirere cawo, nimba kihari, coba kimeze.

Uzunguruka izuba imisi 12.8 kandi ufise uburinganire bunganga n’ubw’Isi.

Uno murwi wakoresheje amakuru yegeranijwe n’ibigendajuru vy’ibigo NSA na ESA mu kwemeza ukubaho kw’uno mubumbe n’ibiwugize nk’ubushuhe, uburinganire n’intera uriko uvuye ku mubumbe w’Isi.

Dr Wilson ati: "Ikiryoshe gusumba, ni uko uno mubumbe ari wo wa mbere wegeranye cane n’Isi mu buringanire n’ubushuhe bushobora kuba buri ku migabane tuzi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Umuco turiko turabona ni uwo mu 1984 [40 imyaka 40 iheze] – ni co gihe wafashe kugira ngo udushikire hano ku mubumbe w’Isi.

"Imibumbe nka Gliese 12 b ni mike cane kandi iri kure na kure, rero kuri twebwe, kugira ngo dushobore kwiga umwe gusa mu buryo bwimbitse kugira ngo tumenye ibijanye n’ikirere n’ubushuye vyawo ni ibintu bidakunze kuba.

Larissa Palethorpe, umwe mu bakoze ubu bushakashatsi akaba ari n’umunyeshure ariko araca urupapuro rw’umutsindo rwa Doctorat kuri kaminuza za Edinburgh na University College London mu Bwongereza, avuga ko ari wo mubumbe " wonyene rudende " ushobora gukorerwako ivyigwa vyimbitse vyofasha kumenya ibintu bimwe na bimwe ku kungene ibizungurutse izuba vyagiye bibaho.

Yongerako ati: "Isi iracari umubumbe kiremwamuntu ashobora kubako, ariko Venus ntibishoboka kubera ata mazi ifise. Ikirere ca Gliese 12 b kirashobora kutwigisha vyinshi ku bijanye n’ingene imibumbe yagiye igira ibintu bishobora gutuma umuntu ahaba uko yagiye ihinduka".