Ingene ikigendajuru Parker Solar Probe ca Nasa kiriko kigerageza kwegera cane hafi y'izuba

Parker Solar Probe izokwegera cane izuba ku rugero rutari bwigere rubaho

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Parker Solar Probe izokwegera cane izuba ku rugero rutari bwigere rubaho
    • Umwanditsi, Rebecca Morelle
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa siyanse
    • Umwanditsi, Alison Francis
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa Siyanse

Ikigendajuru c'ikigo ca Amerika Nasa gikora ivyigwa vy'ikirere kiriko kiragerageza gukora imbonekarimwe mu kwegera cane Izuba ku rugero rutari bwigere rubaho.

Iki kigendajuru kizwi nka Parker Solar Probe kiriko kirinjira mu kirere c'iki kinyenyeri, aho gihanganye n'ubushuhe bw'umurengera n'imishwarara ikaze cane.

Haraheze imisi ata makuru ava kuri iki kigendajuru muri iki gihe kiriko gica hafi y'Izuba mu bushuhe bw'ikirenga, abahinga bakaba barindiriye ikimenyetso kiva kuri co, citezwe ku wa 27 Kigarama (12), kugira barabe ko cashoboye kurokoka.

Bizeye ko ubu bushakashatsi bushobora gufasha gutahura neza ingene Izuba rikora.

Dr Nicola Fox, umukuru w'igisata ca siyanse (science) muri Nasa, yabwiye BBC News ati: "Abantu bamaze imyaka ibinjana biga Izuba, ariko ntushobora kumenya ikirere c'ahantu udashitseyo.

"Kuri ivyo rero ntidushobora vy'ukuri kumenya ikirere c'inyenyeri yacu kiretse tugiciyemwo".

Iki kigendajuru kizogurukira hanze y'ikirere c'Izuba

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Iki kigendajuru kizogurukira mu kirere co hanze c'Izuba

Parker Solar Probe carungitswe mu kirere mu 2018, gitera kija hagati na hagati y'ibizungurutse Izuba.

Kiramaze guca mu micungararo y'Izuba incuro 21, mbere kiregera cane gusumba, ariko urugendo rwaco buca ari Noweli ruciye umuhigo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kwegera cane Izuba, iki kigendajuru kiri ku birometero imiriyoni zitandatu n'ibihumbi amajana abiri (6.200.000km) uvuye kuri iki kinyenyeri cacu.

Ibi bishobora kwumvikana nk'uko kitaba cegereye Izuba, ariko Nicola Fox wo muri Nasa arabisigura: "[Aha kw'Isi] Turi ku birometero miriyoni 150 (150.000.000km) uvuye ku Zuba, hamwe rero nofata Izuba n'Isi hagati yavyo hagaca imetero imwe gusa, vyumvikana ko Parker Solar Probe yoba iri kuri sentimetero imwe uvuye ku Zuba – rero aha ni hafi".

Iki kigendajuru gitegerezwa kurwana n'ubushuhe bwa 1.400C n'imishwarara ishobora gutuma ivyuma vya elektroniki gifise bihungabana.

Gikingiwe n'inkinzo ya carbone ifise intimbatimba ya sentimetero 11,5 ariko ubuhinga bw'iki kigendajuru ni ubwo kwinjira no gusohoka kinyaruka cane.

Nkako kizoba kiriko kiriruka cane kuruta ikintu ico ari co cose cakozwe n'umuntu, aho kizoba kiri ku muvuduko w'ibirometero 690.000 kw'isaha – ibi bikaba bingana n'indege yova i Londres mu Bwongereza ija i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu masegonda adashika 30 (Hari ibirometero birenga 5.570).

Ikirere gikayangana n'amabara atandukanye mu buryo butangaje giterwa n'umuyaga w'izuba

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Ikirere gikayangana n'amabara atandukanye mu buryo butangaje giterwa n'umuyaga w'izuba

None ni kubera iki bakobeje bashaka "gukora" ku Zuba?

Abahinga bizeye ko mu gihe iki kigendajuru gica mu kirere co hanze y'iki kinyenyeri – ikizwi nka corona - bizotorera umuti ibisigabwenge bimaze igihe kirekire.

Dr Jenifer Millard, umuhinga mu vy'inyenyeri wo muri Fifth Star Labs, asigura ati: "Iki kirere caryo kirashushe cane, cane koko, kandi ntituzi igituma.

"Uhonyoye ku Zuba woba uri mu bushuhe bwababa 6.000C canke zirenga, ariko corona, iki kirere co hanze ushobora kubona mu gihe c'ubwirakabiri, gishika ku ma degre aharurwa mu mamiriyoni – kandi kiri kure cane y'Izuba. None iki kirere bigenda gute ngo kibe gifise ubushuhe nk'ubu?"

Ubu bushakashatsi buzofasha kandi abahinga mu gutahura umuyaga w'izuba – utu tuvunjivunji dutoduto tw'umuriro twama tuva kuri corona.

Iyo utu tuvunjivunji duhuye n'inguvu z'isumaku z'Isi, ikirere kirakayangana, kigaca ibibatsi n'amabara atandukanye mu buryo butangaje.

Ariko iki citwa igihe c'ikirere na co nyene gishobora gutera ingorane, kikonona intsinga z'umuyagankuba, ivyuma vy'ubuhinga bwa none n'ivy'itumatumanako.

Dr Millard ati: "Gutahura Izuba, igikorwa caryo, igihe c'ikirere caryo, umuyaga w'izuba, ni nkenerwa cane mu buzima bwacu bwa misi yose kw'Isi".

Abahinga bizeye ko ubushakashatsi buriko bukorwa hakoreshejwe iki kigendajuru buzofasha mu gutahura ibitangaza vy'izuba

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Abahinga bizeye ko ubushakashatsi buriko bukorwa hakoreshejwe iki kigendajuru buzofasha mu gutahura ibitangaza vy'izuba

Abahinga ba Nasa barindiranye Noweli umutima uhagaze mu gihe ata makuru y'iki kigendajuru ariko arashika kw'isi.

Nicola Fox avuga ko igihe bazoba baronse ikimenyetso, bazoca bamurungikira ubutumwa bw'umutima w'icatsi kibisi kugira ngo bamumenyeshe ko iki kigendajuru kimeze neza.

Aremera ko afise umwitwarariko ku bijanye n'ubu butumwa butoroshe, ariko arafise icizere kuri iki kigendajuru.

" Ndatewe umutima uhagaze n'iki kigendajuru. Ariko vy'ukuri twaragihinguye ku buryo gishobora kurinda ibi bintu biteye ubwoba bwinshi, bwinshi cane. Ni ikigendajuru gikomeye cane, cane koko".