Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatari munsi ya 24 bapfiriye ku nkengera za Madagascar
- Umwanditsi, Kalkidan Yibeltal
- Igikorwa, BBC News
Abantu batari munsi ya 24 bapfuye inyuma y’aho ubwato bubiri bwarimwo abarwiriyemwo abanya Somalia, burohamiye ku nkengera za Madascar, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi baho.
Itangazo ryavuye mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Somalia n’amakungu, rimenyesha ko hariko hakorwa utwigoro “kugira ngo abarokotse bashobore gusubizwa mu gihugu amahoro”.
Ubwo bwato uko ari bubiri bwari butwaye abagera ku 70.
Ubwo bwato bwasanzwe aho bwasheshwe ku nkengera za Madagascar ku munsi wa gatandatu mw'ibahari Indiano.
Birakekwa ko bwakwamye imoteri.
Umwe mu bategetsi bo muri leta ya Somalia, yabwiye abanyamakuru bo muri ico gihugu ko abo barokotse batabawe n’abarovyi.
Abarokotse bavuga ko bariko bagerageza kuja mw’izinga rya Mayotte ryegukira igihugu c’Ubufaransa.
Ni inzira imenyerewe gufatwa n’abagenda barondera ubuhungiro bava muri Somalia ariko kandi iteye impungenge.
Ubukene no kutagira akazi birangwa mu karere ko mw’ihembe rya Afrika, bituma benshi mu bakiri bato birukira gufata inzira itoroshe yerekeza mu bihugu vya Bulaya, bizeye uburamuko no kwisununura mu buzima.
Abategetsi ba Madagascar baragabisha ko “hari impungenge zifatiye ku bimukira badaciye mu mategeko” bisigura ko bakeka ko n’abo bari mu bwato bishoboka ko bari abimukira.