Amerika iriko ikurikirana igipurizo maneko c’Ubushinwa

Iki kintu c'amayobera carahagaritse ingendo z'indege i Montana ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iki kintu c'amayobera carahagaritse ingendo z'indege i Montana ku wa gatatu

Na Max Matza

BBC News

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zirakurikirana icikekwa ko ari igipurizo maneko c’Ubushinwa cabonetse hejuru y’ibibanza nyamukuru mu misi iheze.

Abategetsi bajejwe kwivuna abansi bavuga ko bazi neza ko iki “gipurizo maneko cari hejuru cane” ari ic’Ubushinwa. Giherutse kwibonekeza mu ntara ya Montana iri mu burengero.

Ariko abarongoye igisirikare bahavuye bafata ingingo yo kutakirasa kuko bagize amakenga ku kaga ibisigarira vyaco bishobora guteza.

Ubushinwa ntaco burabivugako.

Perezida Joe Biden wa Amerika yahawe amakuru y’ingene ibintu bimeze.

Iki gipurizo caciye hejuru y’amazinga ya Aleutian muri Alaska, hamwe no muri Canada imbere y’ukuboneka hejuru y’igisagara ca Billings i Montana ku wa gatatu, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ko reta yari yateguye indege z’intambara, harimwo n’ama F-22, mu gihe Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) yari gutegeka ko kiraswa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abategetsi bo hejuru mu gisirikare, harimwo umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin hamwe na Jenerali Mark Milley, umukuru w’ibiro vya gisirikare, barabonanye ku wa gatatu kugira ngo bihweze ibi bintu. Ico gihe Austin yari aramutse afata urugendo rumushikana muri Philippines.

Ariko babonye ko batofata ingingo yo kukirasa kubera ingaruka ibisigarira vyaco vyari kugira ku bantu bari ku butaka.

Montana, intara ituwemwo n’abantu bake, iri muri zitatu zonyene mu gihugu zirimwo ububiko bwo mu kuzimu bwa misire z’ubumara, ku kigo Malmstrom Air Force Base, abategetsi bakavuga ko iki gipurizo maneko cazungurutse mu kirere c’ibi bigo bikomeye mu ntumbero yo kwegeranya amakuru.

Hagati aho, uyu mutegetsi wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi avuga ko ata “kintu gikomeye giteye ubwoba” kw’igendereza rya Amerika kuko abategetsi ba Amerika “bazi neza aho iki gipurizo kiri n’aho gica”.

Uyu mutegetsi avuga ko Amerika yavuganye n’abategetsi b’Ubushinwa i Pékin/Beijing hamwe n’abo mu buserukizi bwabwo i Washington.

Mu nama y’ejo mu biro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi (Pentagon), abategetsi baranse kuvuga aho iki gipurizo kiri. Baranse kandi no gutanga izindi nsiguro ku bwoko bwaco, harimwo n’ingene kingana.

Bavuga ko ibipurizo maneko nk’ibi vyakurikiraniwe hagufi mu myaka itari mike iheze, ariko ko iki c’ubu “gisa n’ikimaze umwanya muremure kiyerera muri kino gihe”.

Ibinyamakuru vya reta y’Ubushinwa ntaco biravuga kuri iki kintu, ariko kiriko kiravugwa cane ku mbuga hwaniro z’Ubushinwa, aho bamwe batwenzwa n’ukumva ko ari igipurizo maneko.

Umwe mu bakoresha urubuga rwa Weibo yanditse ati: "Mbega ni gute twokoresha igipurizo mu gihe dufise ibigendajuru vyinshi”.

Umukenguzamateka Marco Rubio, umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu mugambwe w’abarepubulika akaba ari muri komite y’inama nkenguzamateka ijejwe igendereza, ariyamiriza iki gipurizo kivugwa ko ari ic’Ubushinwa.

Yanditse kuri Twitter ati: "Mu myaka itanu iheze, urugero rwa maneko ku gihugu cacu rwaraduze cane bikomeye”.

Iki gipurizo kivugwa ko ari maneko gishobora kwunyura icuka kibi gisanzwe kiri hagati y’ibi bihugu imbere y’urugendo rw’umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Antony Blinken ategekanya kugira mu Bushinwa mu ndwi iza. Ruzoba ari rwo rugendo rwa mbere rukozwe muri ico gihugu n’umushikiranganji w’intwaro ya Biden.

Azoba ari i Pékin mu biganiro n’abategetsi b’Ubushinwa ku bibazo bitari bike, harimwo umutekano, Taiwan na Covid-19.

Ategekanya kubonana na Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Financial Times.

Ibipurizo ni bumwe mu buryo bwa kera bukoreshwa mu bikorwa vyo kuneka. Ubigereranije n’ibindi bikoresho bikoreshwa muri maneko, bishobora gukoreshwa mu buryo buzimbutse kandi ata muntu arimwo, mbere bikamara igihe kirekire mu kirere.