Amerika yabujije igurishwa ry’ibihingurwa n'amakompanyi y'Ubushinwa ku mvo z’umutekano

Huawei

Ahavuye isanamu, Reuters

Reta Zunze Ubmwe za Amerika yabujije kugurisha no kwinjiza ibikoresho vy’amakompanyi atanu y’Ubushinwa, harimwo Huawei na ZTE, ku mvo z’umutekano w’igihugu.

Ayandi makompanyi ari kuri uru rutonde ni Hikvision, Dahua na Hytera ahingura ibikoresho vya ya ma camera yo gucungera (video surveillance) hamwe na ya maradio yo guhanahana amakuru.

Ni bwo bwa mbere abategetsi ba Amerika bafashe ingingo nk’iyi ku mvo z’umutekano.

Hikvision ivuga ko ibikoresho vyayo ata ngorane z’umutekano biteje kuri Amerika.

Ivuga ko iyi ngingo ata “kintu na kimwe izofasha ku mutekano wa Amerika, ariko ko izokwonona vyinshi kandi ko izoba uruhombo ku badandaza bato bato, abategetsi bo hasi, abarongoye amashure ku nzego z’uturere hamwe n’abantu ku giti cabo muri Amerika, mu twigoro twabo two kwikingira, gukingira imihana yabo, udurandaza rwabo n’amatungo yabo”.

Huawei n’ayandi makompanyi aherutse guhakana ko ata makuru ahereza reta y’Ubushinwa.

Umurwi w’igihugu ujejwe guhanahana amakuru muri Amerika (Federal Communications Commission, FCC) uvuga ko abawugize bemeje nijoro ku wa gatanu ata n’umwe avuyemwo izo ngingo nshasha.

Jessica Rosenworcel arogoye uyo murwi avuga mw’itangazo ati: "FCC yariyemeje gukingira umutekano w’igihugu cacu mu gutuma ibikoresho vyo gutumatumanako bitizewe bitemererwa gukorera mu gihugu cacu.

"Izi ngingo nshasha ni nkenerwa mu bikorwa vyacu bibandanya vyo gukingira Abanyamerika icoza gihungabanya umutekano wabo biciye mw’itumatumanako”.

Kubera iyi ngingo itaraba ivya kahise, aya makompanyi ari ku rutonde arashobora kubandanya agurisha ibidandazwa vyayo vyari bisanzwe vyemewe kugurishwa muri Amerika.

Ariko FCC ivuga ko iriko irarondera insiguro ku ngingo zizosubirwamwo muri kazoza ku bijanye n’ibikoresho vyari vyaramaze kwemererwa kwinjira canke kugurishwa, ibi bigasigura ko bishoboka y’uko impusha zisanzwe zihari zishobora kuzofutwa muri kazoza.

Izi ngingo ni zo zanyuma ziherutse gufatwa na Amerika ku makompanyi y’Ubushinwa ku makenga y’uko yoba akora nka maneko, ubwoba bukaba bugenda bwiyongera muri ino myaka ya vuba kuri iki kibazo mu bategetsi ba Amerika.

Ku butegetsi bwa Barack Obama, harafashwe ingingo zo kugabanya ibidandazwa vy’amakompanyi y’Ubushinwa vyinjira kw’isoko ya Amerika. Ku butegetsi bwa Donald Trump zariyongereye, zikaba zibandanya ku butegetsi bw’umukuru w’igihugu wa kino gihe, Joe Biden.