Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nyamugigima ya Turukiya: ibihumbi n’ibihumbi biyemeza kurera wa mwana yavukira mu bihomoka
Na Merlyn Thomas & Nawal al-Maghafi
BBC News
Abaharurwa mu bihumbi bariko bariyemeza kurera wa mwana w’umukobwa yavukira mu bihomoka vy’inzu yabomotse mu buraruko bushira uburengero bwa Syria biturutse kuri ya nyamugigima yo ku wa mbere.
Igihe arokorwa, uyu mwana Aya – bisigura igitangaro mu carabu – yari agifatanye na nyina wiwe biciye ku ruzogi.
Nyina wiwe, se wiwe n’abavukanyi bane bose barapfuye inyuma ya nyamugigima yateye igisagara ca Jindayris.
Aya ubu ari mu bitaro.
Hani Marouf , umuganga amukurikirana, avuga ati: "Yashitse ku wa mbere ameze nabi cane, yavyimvye, yakubaguritse, akanye kandi adahema neza”.
Ubu amerewe neza.
Amavidewo yerekana Aya ariko aratabarwa yarazungurutse cane ku mbuga hwaniro. Amashusho yerekana umugabo yiruka ava mu bihomoka vy’inzu afise umwana mu minwe yuzuye ivumbi.
Khalil al-Suwadi wo mu muryango wa kure yari ahari igihe Aya atabarwa yaciye amutwara kwa Dr Marouf mu gisagara ca Afrin muri Syria.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi baciye ku mbuga hwaniro bariko barasaba amakuru yiwe kugira ngo bamutunge.
Umwe ati: “Ndipfuza kumutunga nkamuha ubuzima bwiza”.
Umunyamakuru w’imboneshakure yo muri Koweit ati: "Nditeguye kumurera kandi nkamutunga…..mu gihe amategeko yobinyemerera”.
Umukuru w’ibitaro, Khalid Attiah, avuga ko yakiriye amaterefone menshi y’abantu bava mu mpande zose z’isi bashaka gutunga Aya.
Dr Attiah afise umwana w’umukobwa amusumvya amezi ane, avuga ati: “Si nshobora kwemerera umuntu n’umwe ubu ko amutunga. Gushika abo mu muryango wa kure bagarutse, ndamureze nk’uko ari umwe mu bana banje”.
Muri kino gihe, umugore wiwe amwonsa co kimwe n’umukobwa wabo.
Mu gisagara Aya avukamwo ca Jindayris, abantu babandanya barondera ababo mu bihomoka vy’amazu yasenyuwe n’iyo nyamugigima.
Umumenyeshamakuru ariyo, Mohammed al-Adnan yabwiye BBC ati: "Ibintu ni ubugesera. Hari abantu benshi cane bazibiriwe mu bihomoka. Hariho abantu tutarashobora gukurayo”.
Avuga ko igisagara casambuwe ku rugero rwa 90% kandi ko nyinshi mu mfashanyo gushika ubu ari izitangwa n’ab’aho nyene.
Abatabazi bo mw’ishirahamwe ry’ubutabazi rya Syria, Casques blancs/White Helmets, basanzwe bamenyereye gutabara abantu baguweko n’ibihomoka bitewe n’intambara yo muri Syria kuva imyaka cumi irenga, babandanya bafasha Jindayris.
Mohammed al-Kamel ati: "Abajejwe ubutabazi na bo nyene ubwabo bashobora kuhasiga ubuzima kubera amazu ashobora kubomoka umwanya uwo ari wo wose”.
Ati: "Twakuyeyo ibiziga bitatu muri bino bihomoka kandi twibaza ko hari umuryango ukizibiriweyo kandi abawo bakomeye – turabandanya ibikorwa”.
Muri Syria, abantu barenga 3000 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye kubera iyi nyamugigima.
Iki gitigiri ntikirimwo abapfiriye mu turere tw’igihugu turi mu minwe y’inyeshamba.