Mu mafoto: Ibikorwa vy'ubutabazi birabandanya inyuma ya nyamugigima yateye Turukiya na Syria

Abantu baharurwa mu majana bapfuye abandi nabo batari bake barakomereka muri nyamugigima yabereye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Turukiya, hafi y'urubibe rwa Syria.

Iyi nyamugigima ifise uburemere bwa 7.8 yatanguye mu masaha ya kare cane kuri uno wa mbere igihe abantu bari bagisinziriye.

Abahinga bamwe bavuga ko iyi ifise kuba ari yo nyamugigima ya mbere ikomeye ibaye muri Turukiya.

Abanyagihugu bakomeretse muri ino nyamugigima yo mu gaturuturu bariko baravurwa mu bitaro biri hafi y'akarere kagenzurwa n'inyeshamba za Syria, Bab al-Hawa, winjira muri Turukiya.

Abajejwe ubutabazi bariko bita ku rutare kugira barokore abantu bazibiriwe mu bihomoka inyuma y'aho amazu aharurwa mu majana abomokeye muri bino bihugu vyompi.

Abajejwe ubutabazi bateruye umwana w'umukobwa w'imyaka itatu bamutwara muri rusehabaniha, bamukuye mu bihomoka vy'inzu yari yabomotse. Perezida Erdogan wa Turukiya avuga ko abajejwe ubutabazi baciye barungikwa mu turere twakozweko n'iyi nyamugigima.

Eka n'ibitungwa na vyo nyene vyakozweko n'ino nyamugigima.

Abanyagihugu baharurwa mu mamiriyoni bo mu bihugu vya Turukiya, Syria, Libani, Chypre na Israel bumvise iyi nyamugigima - yatanguriye neza na neza mu gisagara ca Gaziantep muri Turukiya.

Abantu benshi i Diyarbakir mu buraruko bushira ubuseruko bwa Gaziantep (kw'isanamu aho hejuru) bazibiriwe mu bihomoka.

Iyi sanamu yafatiwe mu kirere yerekana ibikorwa vyo kurondera no kurokora abantu mu bisigarira vy'inyubakwa yo mu kigwati ca Cukurova mu karere ka Adana muri Turukiya.

I Malatya mu buraruko bushira ubuseruko bwa Gaziantep, amamodoka yahondaguwe n'amazu yasenyutse.

Ibihugu bitari bike, harimwo Israel na Amerika, biriko biremera gutanga imfashanyo.

Mu buraruko bwa Syria, iyi nyamugigima yabomoye amazu atari make mu gisagara ca Hama.

Abategetsi ba Turukiya na Syria bavuga ko igitigiri c'abapfuye kirenga abantu 1.500, ariko gisa n'igishobora kwiyongera