Korea y'Epfo na Amerika barashe za misire mu nyanja

    • Umwanditsi, Yvette Tan
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Nathan Williams
    • Igikorwa, BBC News

Korea y’Epfo n’igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyarashe ibisasu vya misire bitari bike mu nyanja nk’uko bivugwa na Seoul, mu ntumbero yo kwihora Korea ya Ruguru yari yabiteye mu gaturuturu k’ejo ku wa kabiri hejuru y’Ubuyapani.

Izi misire zarashwe mu Nyanja y’Ubuseruko – izwi kandi nk’Inyanja y’Ubuyapani – hagati ya Korea n’Ubuyapani.

Ku wa kabiri, Pyongyang yarashe igisasu ca misire kiraswa kure mu bikorwa vyo kugerageza ibirwanisho vyayo, bukaba ari bwo bwa mbere yari igicishije hejuru y’Ubuyapani kuva mu 2017.

Mu kwihora, Amerika, Ubuyapani na Korea y’Epfo biri mu myimenyerezo rusangi mu ntumbero yo kwerekana inguvu zavyo.

Itangazo ryasohowe kuri uno wa gatatu, rivuga ko Korea y’Epfo na Amerika, kimwe kimwe cose carashe misire zo mu bwoko bwa ATACMS (Army Tactical Missile System) zakorewe muri Amerika.

Umuvugizi w’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano muri Amerika, John Kirby, yabwiye CNN ko ibi bisasu vyarashwe mu ntumbero yo kwerekana ko Amerika n’incuti zayo “vyama vyiteguye kwishura ku gasotoro ka Korea ya Ruguru”.

Hagati aho, igisasu ca Korea y’Epfo cagize ingorane giturika kitarashika, ariko ntavyo cononye, nk’uko igisirikare cayo kibimenyesha.

Igisirikare kivuga kandi ko misire yo mu bwoko bwa Hyunmoo-2 yari itwaye ikibombe nayo itaturitse, gica gisaba imbabazi ku bwoba cateje.

Abanyagihugu baba mu gisagara ca Gangneung kiri ku mupaka, bavuga ko bumvise ikintu giturika baca babona umuriro mw’ijoro.

Ariko igisirikare, n’aho kivuga ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke, caje kwemera ibi inyuma y’amasaha indwi.

Abanyagihugu ba Gangneung bavuga ko babonye umuriro mu kirere bumva n’igiturika isaha indwi z’ijoro ryakeye mu masaha yo muri ico gihugu.

Baciye baguma mu kizime mu kiringo c’amasaha, bamwe muri bo bandika ku mbuga hwaniro babaza ivyari bibaye, berekana n’amashuho y’ivyo bari bahejeje kubona. Videwo yerekana ikintu gisa n’icaka umuriro, kirekura n’umwotsi.

Ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi Kang Won Ilbo gisubiramwo umwe mu bakoresha izi mbuga avuga ati: "Sinshobora kuryama kuko numva ubwoba [inyuma y’aho numvise] igiturika”.

Uwundi nawe yibajije nimba yari indege igize isanganya.

Ingingo ya Pyongyang yo kurekura igisasu ca misire hejuru y’Ubuyapani ku wa kabiri yabonetse ko ari ingingo ikozwe n’ibigirankana mu ntumbero yo kwunyura ibintu, bituma Tokyo na Washington zimera magabo.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Fumio Kishida avuga ko irungikwa ry’iki gisasu ari “inyifato y’ubukozi bw’ikibi”, mu gihe Perezida Joe Biden wa Amerika, mu kiganiro yagiranye na Kishida kuri terefone, yamwemereye ko atazokwigera adohoka ku vyo Amerika yiyemeje vyo gukingira Ubuyapani.

Mu masaha y’ejo ku wa kabiri, umuvugizi wa Maison Blanche/White House John Kirby yavuze ko vyari ibintu biteye umutima uhagaze.

Mu gihe ico gisasu ca misire caca hejuru y’Ubuyapani ku wa kabiri, abanyagihugu bo mu buraruko, harimwo abo mw’izinga rya Hokkaido be n’abo mu gisagara ca Aomori, bavyuwe n’induru y’amafirimbi yo kugabisha (sirens) hamwe n’ubutumwa mu materefone yabo bwavuga ngo: "Biboneka ko Korea ya Ruguru yarekuye misire. Murasabwe kuva mu mazu canke mwinyegeze mu kuzimu”.

Ishirahamwe ONU rirabuza Korea ya Ruguru kugerageza ibirwanisho birasa kure n’ivy’ubumara. Kurekura za misire mu bindi bihugu canke hejuru yavyo utabigabishije canke ata kuvugana vyabanje kubaho kandi bihonyanga amabwirizwa mpuzamakungu.

Irungikwa ry’igisasu ca misire mu gaturuturu k’ejo ku wa kabiri na Korea ya Ruguru ryari rigize gatanu rikozwe na Pyongyang mu ndwi imwe gusa.

Vyinshi mu bisasu vya misire vyayo birungikwa kure cane hejuru mu kirere, ibi bigatuma bidaca mu birere vy’ibihugu bibanyi.

Ariko kukirungika hejuru y’Ubuyapani canke hafi yabwo bifasha abahinga ba Korea ya Ruguru kubigerageza nk’uko boba bari mu bihe bisanzwe vy’ikoreshwa ryavyo, nk’uko umuhinga Ankit Panda yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Ibi bikorwa vyatumye icuka kibi kiri hagati ya korea ya Ruguru n’Ubuyapani, icuka kiva ku bukoloni bw’Ubuyapani kuva mu 1910 gushika 1945 kuri Korea, hamwe n’inyuruzwa ry’abayapani ryakozwe na Korea ya Ruguru muri kahise.

Mu kw’icenda, Korea ya Ruguru yaremeje itegeko riyigira igihugu gitunze ibirwanisho vy’ubumara, aho n’indongozi yayo Kim Jong-un yatangaje ko n’ibiganiro bifise intumbero yo kubuza igihugu ciwe gukora no gutunga ibirwanisho vy’ubumara bidashoboka.