Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenyatta, Obasanjo na Desalegn bagenywe nk'abahuza mu ntambara ya RD Congo
Abahoze ari abakuru b'ibihugu vya Kenya na Nigeria be n'uwahoze ari Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, baraye bagenywe na EAC hamwe na SADC kugira ngo bahagararire umugambi w'amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Itangazo ryasohowe na Perezida William Ruto wa Kenya ari na we arongoye EAC, ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko, rivuga ko Uhuru Kenyatta wa Kenya, Olusegun Obasanjo wa Nigeria na Hailemariam Desalegn Boshe wa Ethiopia ari bo bagiye guhagararira umugambi wa EAC na SADC wo gushikana ku mahoro mu buseruko bwa Congo.
Ni icemezo gifashwe n'abarongoye EAC hamwe na SADC, bari kumwe n'umunyamabanga mukuru wa EAC nk'uko iri tangazo ribivuga, inyuma y'inama y'abakuru b'ibihugu b'iyi miryango yompi iherutse kubera i Dar es Salaam muri Tanzania mu ntumbero yo kwigira hamwe iki kibazo.
Perezida João Lourenço wa Angola aherutse gutangaza ko kubera imirimo mishasha yo kuba umukuru w'Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika atazoshobora kubandanya ari umuhuza mu kibazo ca DR Congo.
M23 yasubiye gutanguza intambara mu buseruko bwa RD Congo mu mpera za 2021, ivuga ko iharanira uburenganzira bw'Abatutsi b'abanye-Congo n'izindi nkehwa ivuga ko batotezwa, gushika ubu ikaba imaze kwigarura ibice bitari bike vy'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo.
Iri tangazo risaba "impande zose kwubahiriza ihagarikwa ry'intambara ryatangajwe n'inama ya EAC na SADC, M23 n'izindi mpande zose guhagarika kubandanya ziyagurira uturere mu buseruko bwa DR Congo".
Utwigoro tw'amahoro twatangujwe n'abarongoye ibihugu vy'akarere ntaco turashobora gushikako.
Impande zompi zamye zagirizanya guhonyanga amasezerano ya Luanda yarondera kugarukana amahoro muri ico gihugu kimaze imyaka hafi 30 kiri mu ndyane zigenda zisubiriza.
Reta y'Urwanda irashima iyi ngingo, ivuga ko ari "intambwe ikomeye mw'ishirwa mu ngiro ry'uno mugambi w'amahoro wa EAC na SADC" nk'uko vyandikwa ku rubuga rwa X n'umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Olivier Nduhungirehe.
Urwanda rwagirizwa ko ari rwo rufatiye umuriro inyeshamba za M23, ivyo rwagumye ruhakana, rukavuga ko rworwo rufata ingingo zo gucungera umutekano w'ubutaka bwarwo, mu gihe rwagiriza reta ya Congo ko ifasha inyeshamba z'umuhari FDLR zirwanya reta ya Kigali.
Hagati aho, umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare c'Urwanda Liyetena Jenerali Mubarakh Muganga yari yitavye inama y'abarongoye ibisirikare vy'iyi miryango yompi yabaye ejo ku wa 24 Ruhuhuma i Dar es Salaam nyene, nk'uko vyari vyasabwe n'iyo nama y'abakuru b'ibihugu, mu ntumbero yo kwigira hamwe inzira yofatwa n'iyi miryango yompi mu gutorera umuti iki kibazo c'umutekano muri ako karere.
Vyitezwe ko ku wa 28 z'uku kwezi hakorana inama nshikiranganji rusangi hagati y'iyi miryango mu ntumbero yo kwiga integuro y'ihagarikwa ry'intambara.
Kuva iyi ntambara yaduka, Perezida Felix Tshisekedi wa Congo yabandanije atabaza ibihugu vy'incuti kugira ngo bimufashe kwiganzura inyeshamba za M23 ariko gushika ubu ntaho arashika.
Mu 2022, amasezerano ya Nairobi yategetse ko ingabo z'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko, EACRF, zirungikwa mu buseruko bwa Congo kugira ngo zije hagati y'impande zihanganye, kugira ngo nazo ziteho umugambi w'amahoro.
Hagati aho, reta ya Congo yahavuye izisaba gukura akarenge mu mpera za 2023 izagiriza ko ataco zariko zirafasha, mu gihe Perezida Tshisekedi yazisaba kumufasha mu kurwanya M23, ariko zozo zikavuga ko intego yazo yari iyo kuja hagati.
Ico gihe nyene, niho reta ya Tshisekedi yitabaza ibihugu bigenzi vyo mw'ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vya Afrika y'ubumanuko, SADC, kugira ngo biyifashe kurwanya uno muhari w'inyeshamba wariko wigarurira uturere.
Ibihugu vya Afrika y'Epfo, Tanzania na Malawi vyararungitse ingabo mu buseruko bwa Congo, zifise inshingano yo kurwana na M23 ziri kumwe n'ingabo z'Uburundi, ingingo itakiriwe neza n'igihugu c'Urwanda cagirizwa ko gifashe mu mugongo M23 nk'uko reta ya Congo, ishirahamwe ONU n'ibihugu rutura, bivyemeza.
Ariko nticabujije ko M23, ibandanya yiyagurira akarere yari yafashe, ubu ikaba iherutse gufata ibisagara vya Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, hamwe na Bukavu, umugwa mukuru w'intara ya Kivu y'Epfo.