Mu kwahukana, Kanye West yategetswe guha Kim Kardashian ibirezo vya 200.000$ ku kwezi

Kanye West yategetswe guha Kim Kardashian ibihumbi 200 vy’amadorari y’Abanyamerika ku kwezi nk’ibirezo vy’abana mu masezerano yo kwahukana.

Uyu muraperi rurangiranwa hamwe n’icamamare ku mboneshakure bazosangira kurera abana babo bane.

Kardashian yuguruje urubanza rwo kwahukana mu 2021 inyuma y’imyaka umunani abana na West yahavuye ahindura izina akitwa Ye.

Ibi bibaye inyuma y’aho amakompanyi atari make ahagarikiye gukorana na Ye kubera ukutumvikana ku bintu bitari bike harimwo amajambo y’urwanko ku Bayahudi.

Mu kwa gatatu batangarijwe ko batakarikumwe , mbere na Kardashian ariyambura izina “West” mu mazina yiwe.

Ivyo kugabura amatungo be no kurera abana navyo nyene vyaratorewe umuti muri sentare nk’uko biri mu mpapuro za sentare zashizwe ahabona ku wa kabiri.

Impande zompi zizoza ziravugana ku ngingo zikomeye ku vyerekeye imibereho y’abana babo, nk’uko izo mpapuro zibivuga.

Amafaranga azokoreshwa ku vyerekeye umutekano n’amashure vy’abana bazoyariha bompi.

Vyongeye, Ye yiteze kuriha 200.000$ ku kwezi nk’ibirezo vy’abana – kubera, nk’uko ikinyamakuru New York Post kivyandika, abana bazomara igihe kinini kwa Kardashian.

Bafitaniye abana bane: North w’imyaka 9, Saint 6, Chicago 4, na Psalm 3.

Mu nzandiko zitari nke yasohoye imbere y’aha, Kardashian w’imyaka 42 yavuga ko yipfuza cane ko bahukana, akongerako ko ibi “bizofasha Kanye kwemera” ko uyu mubano warangiye.

Imbere y’aha, Ye w’imyaka 45 yararwanije uyu mugambi wo kwahukana.

Muri ano mezi ya vuba, yarateje impari, mbere n’amakompanyi atari make aramukurako icizere, harimwo Adidas, Gap, na Balenciaga.

Uyu muraperi yaraneguwe bikomeye mu ntango z’uno mwaka inyuma y’aho yitabiriye indwi yahariwe umuderi, Semaine de la mode de Paris, yambaye agapira kanditseko icivugo ngo "White Lives Matter" – amajambo akoreshwa n’abazungu babona ko ari bo basumba abandi (White Supremacy).

Mu nyuma yavuze ko abamunegura bahabwa amafaranga n’akarwi k’Abayahudi gakorera mu kinyegero, amajambo asanzwe akorehwa mu kurwanya abayahudi.

Mu ntango z’ino ndwi, Ye yatangaje imigambi yiwe yo kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu 2024.

Yaheruka kwiyamamaza mu 2020, ariko yaronse amajwi 70.000 gusa.