Amatora muri Liberia: Prezida George Weah yahamagaye Joseph Boakai amukeza

    • Umwanditsi, Moses Kollie Garzeawu
    • Igikorwa, BBC News, Monrovia

Prezida wa Liberia George Weah yahamagaye uwo bari bahanganye mu matora y'umukuru w'igihugu, Joseph Boakai, amukeza ku ntsinzi yaronse.

Mw'ijambo yashikirije abanyagihugu, yagize ati:"Abanyagihugu ba Liberia bavuze kandi twumvise ijwi ryabo".

Uwashizwe imbere n'abatavuga rumwe na reta afise amajwi ntashikirwa 28.000 mu gihe amajwi yose asa n'ayamaze guharurwa.

Uwo yahoze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru, prezida Weah, yari ku butegetsi kuva mu 2018. Azobisa uwo azomukorera mu ngata mu kwezi kwa mbere.

Yashitse ku butegetsi mu vyishimo vyinshi cane cane ku bakiri bato bitavye ayo matora, akaba yari yatahukanye intsinzi - atsinze Boakai - amurushije amajwi menshi.

Ariko ibifatwa ko yananiwe kugwanya igiturire, iduga ry'ibiciro n'ingorane z'ubutunzi vyarononye ishusho yiwe.

Weah yatanguye ijambo ryiwe ry'iminota itanu avuga "icubahiro afitiye uko amatora yagenze ari vyo vyerekana isura y'igihugu cacu", yongerako ko yavuganye na Boakai yise "prezida yatowe".

Akanama gashinzwe gutegura amatora kari kamenyesheje ko Boakai w'imyaka 78, inararibonye muri politike yaronse amajwi 50.89%, mu gihe Weah yaronse 49.11%.

Avuga kuri uko kubangabangana kw'amajwi, prezida yavuze "vyerekanye ukutabona ibintu kumwe mu gihugu cacu" aca ahamagarira abanye Liberia bose "gukorera hamwe mu gushika ku mwumvikano... ubumwe ni bwo buza imbere ku muvyeyi wacu Liberia".

Ikiringo kirekire c'intambara yahitanye abantu bagereranywa ko bashika 250.000 carangiye haraheze imyaka 20.000.

Igihe ivyavuye mu matora vya nyuma vyatangazwa kuri uyu wa gatanu, vyatumye haba ivyishimo ku mugwa mukuru Monrovia.

Abashigikiye Boakai baciye bakoranira ku biro vy'umugambwe wiwe muri ico gisagara, bafise icizere ko batahukanye intsinzi.

Bahamagariye prezida Weah gukura meza, bongera baririmba "twatsinze umutamvyi wa Buga" - bavuga uruvyino rwakoreshejwe cane mu myiyamamazo yiwe.

Akanama kajejwe gutegura amatora kavuga ko kamenyesheje ibimaze kuva mu majwi 99.58% amaze guharurwa mu matora ya kabiri yabaye ku musi wa kabiri.

Amatora agira kabiri hagati ya Weah na Boakai yabaye inyuma y'aho ata n'umwe muri bo aronkeye ibice 50% vy'amajwi mu matora ya mbere yabaye mu kwezi guheze. Abahiganwa bari 18.

Muri ayo matora, prezida ni we yari yaronse amajwi menshi, akaba yarusha Boakai amajwi 7.000.

Ni yo matora ya prezida ya mbere akomeye abaye muri Liberia kuva habaye intambara muri ico gihugu.

Ukwiyamamaza kwa Boakai kwashimikiye ku gutabara igihugu gitwawe nabi n'ubutegetsi bwa Weah.

Prezida yariyamirije ibivugwa na Boakai, avuga ko hatewe intambwe igaragara, harimwo kwiga ku buntu ku banyeshure bari muri kaminuza.

Bubaye ubugira kane haba amatora y'umukuru w'igihugu kuva intambara irangiye.

Abihweza ibintu n'ibindi bo mw'ishirahamwe ry'ubutunzi ry'akarere k'uburengero bwa Afrika, ECOWAS, bavuga ko ayo matora ya kabiri yabaye mu mahoro, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Ariko harabaye imishamirano ahantu hamwe hamwe yatumye haba "abakomereka n'abaja mu bitaro" mu ntara nka Lofa, Nimba, Bong na Montserrado, nk'uko iryo tororokanirizo ry'amakuru risubiramwo abarorerezi b'amatora.