Mendy yishuza Man City imiriyoni 11.5 £, vyabaye ngombwa ko bagenziwe bamugurana amahera yo kubaho

    • Umwanditsi, Simon Stone
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino

Benjamin Mendy yahoze ari umukinyi w'inyuma wa Manchester City avuga ko bagenziwe bahoze bakinana Raheem Sterling, Bernardo Silva na Riyad Mahrez ari bo bamuguranye amahera igihe umurwi wahagarika kumuhemba kubera ivyo yagirizwa vyo gufata ku nguvu n'ihohotera rishingiye ku gitsina, nk'uko sentare ijejwe akazi yabibwiwe.

Uno mukinyi w'inyuma w'Umufaransa yishuza imiriyoni 11.5 z'amapawundi z'umushahara atahembwe igihe yagirizwa ivyo vyaha muri Myandagaro (8) 2021 agaca ahagarikwa na City itamuhemvye.

Mendy w'imyaka 30 yarejejwe mu 2023 mu rukurikirane rw'ibirego vyo gufata ku nguvu no gushaka gufata ku nguvu yagirizwa.

Uno murwi warabandanije umuhemba igihe yahagarikwa ubwa mbere muri Munyonyo (11) 2020, ariko uvuga ko utategerezwa kubandanya umuhemba igihe yagirizwa ivyaha mu gihe amasezerano yo kurekurwa vy'agateganyo - kimwe mu vyari muri yo kikaba kwari ukudahirahira ngo yegere ikibuga c'umupira canke co kwimenyererezamwo vy'uwo murwi - be n'ingingo y'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru yo kumuhagarika gukina, vyasigura ko atari agishoboye gukora akazi yari afitiye amasezerano.

Impapuro za sentare zivuga ko Mendy "ubwo nyene amahera yaciye amuherana" kandi ko vyabaye ngombwa ko aca agurisha inzu yiwe y'i Cheshire kugira ngo ashobore kwishura amagarama yiwe, amafagitire hamwe no gutunga umwana wiwe inyuma y'aho umushahara wiwe uhagarikiwe.

"Raheem Sterling, Bernardo Silva na Riyad Mahrez bose baranguranye amahera kugira ngo amfashe kugerageza no kuriha amagarama yanje no gutunga umuryango wanje", niko Mendy yavuze mu rwandiko rwo kwiregura.

Muri Munyonyo 2022, Mendy yarungikiye ubutumwa bwa Whatsapp Omar Berrada yari ajejwe imigambi mu murwi Man City kuva muri Nyakanga (9) 2020 gushika muri Mukakaro (7) 2024, amubaza igihe yari kuronkerako umushahara wiwe atari bwaronke ariko nta nyishu yigeze aronka.

Umuserukizi wa Mendy Meissa N'Diaye, na we nyene yahawe ijambo igihe sentare yasasa, yavuze ko ku wa 20 Nyakanga 202 yavuganye na Berrada akamubwira ko "igihe urubanza ruzoba rurangiye Benjamin azoca arihwa umushahara wose wari wahagaritswe".

Abajijwe na sentare, Berrada, ubu asigaye ari umuyobozi nshingwabikorwa muri Manchester United, yarahakanye ko atigeze abemerera ikintu na kimwe.

Sentare kandi yarihweje ibirego vy'uko ku ncuro 15 zitandukanye Mendy yaremesheje canke akitabira ibirori ahonyanze amabwirizwa ya Covid-19 canke amasezerano ajanye n'irekurwa vy'agateganyo, canke vyompi.

Abajijwe n'umushingwamanza wa City Sean Jones, Mendy yaremeye ko ingendo yiwe yo kubandanya ategura ibirori yashobora guteza "akaga".

Igihe Jones yabaza Mendy ati: "Ukuri ni uko kubona utavyitayeho vyari kuguteza akaga", uno mukinyi w'inyuma yishuye aciye ku buhinga bwa videwo ati: "Ico gihe, ego".

Mu nzandiko yahaye sentare, Mendy yavuze ko City yamuboneye kuko "abakinyi batari bake, harimwo na kizigenza w'umurwi, bari bitavye ibirori nari nitavye kandi nateguye" ata nkurikizi.

Mendy yavuze ko yanse igisabo yahawe co guhagarika amasezerano yiwe yari afitaniye n'umurwi kubera yashaka "gusubira mu murwi mu myimenyerezo n'abandi bakinyi".

Mu rwandiko rwo kwiregura, yongeyeko ati: "Ndibaza ko bikwiye ko ndihwa umushahara nategerezwa kuba nahembwe iyo ntahagarikwa ku kadenderezo ku vyaha ntakoze".

Mendy yinjiye muri City avuye muri Monaco mu masezerano y'imiriyoni 52 z'amapawundi mu 2017 akaba yarashoboye gutsindira Premier League (ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza) mu 2018, 2019 na 2021.

Aheruka gukinira umurwi wiwe muri Premier League ku wa 15 Myandagaro (8) 2021.

Mendy yavuye muri City igihe amasezerano yari afitaniye nayo arangiriye muri Ruheshi (6) 2023 ubu akaba akinira umurwi Lorient wo mu Bufaransa.

Mendy yarapfunzwe vy'agateganyo mu kiringo c'amezi atanu imbere y'uko arekurwa vy'agateganyo atanze ingwati muri Nzero (1) 2022. Urubanza rwatanguye kuburanishwa muri Myandagaro 2022.

Muri Nzero 2023 yarejejwe ivyaha bitandatu vyo gusambanya ku nguvu hamwe na kimwe c'ihohotera rishingiye ku gitsina

Mu nyuma yarejejwe kandi icaha co gusambanya ku nguvu hamwe n'ikindi co kugerageza gusambanya ku nguvu uwundi mugore mu rubanza rwabaye muri Mukakaro 2023.