Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Man City yaguze myugariro Benjamin Mendy
Man City yaguze Benjamin Mendy kuri miliyoni 52 z'amapawundi imukuye mu ikipe ya Monaco ahita aba myugariro uhenze kurusha abandi bakinnyi ba myugariro bose ku isi.
Mendy yasinye kontaro y'imyaka itanu akinira Man City.
Ni Umufaransa w'imyaka 23 y'amavuko ukina mu bakabiri ku ruhande rw'ibumoso.
Abaye umukinnyi wa gatanu uguzwe na Man City kuri iyi mpeshyi.
Atumye umubare w'amafaranga Man City imaze gutanga mu kugura abakinyi kuri iyi mpeshyi ugera kuri miliyoni zirenga 200 z'amapawundi.