Burundi-Amatora: Ekleziya Katolika irerekana utunenge twinshi twaranze amatora y'abashingamateka

Abasenyeri ba Ekleziya Katorika mu Burundi

Ahavuye isanamu, EGLISE CATHOLIQUE DU BURUNDI

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuza

Mw'itangazo, Ekleziya Katolika y'Uburundi ivuga ko indorerezi zayo zabonye utunenge twinshi mu matora y'abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine ikibaza "nimba bidatosekaza ibiharuro bitangazwa."

Bonaventure Nahimana, umwungere mukuru wa Diyoseze ya Gitega ari na we arongoye inama y'abapisikopi b'i Burundi yasomye iryo tangazo avuga ko amatora yabaye mu mutekano ntangere kandi ko n'umugwi ujejwe gukurikirana amatora CENI wayakurikiranye neza, ukaza uranatanga intumbero aho bikenewe.

Ariko yadomye urutoke ku tunenge twinshi twayaranze.

Ivyo Ekleziya Katolika inegura

  • Hari ibiro vy'amatora vyuguruwe imbere y'isaha itegekanijwe n'amategeko, abaserukira abitoza n'indorerezi batarashika ngo bibonere ko amasandugu agaragara, bumve n'ingene abahagarikiye amatora barahira.
  • Hari aho ibiro vy'amatora vyuguruwe kw'isaha mugabo abaserukira abitoza n'indorerezi bakabanza gutaramugwa; hanyuma binjiye bagasanga amasandugu ari mu kwuzura ku buryo butangaje.
  • Hamwe hamwe abahagarikiye amatora ntibubahirije ukudahengama kwategerezwa kuranga abari mu mugwi wigenga w'amatora, nko guhatira abandi gutora aho bo bipfuza, kubatorera ku gahato canke kubaherekeza mu bwiherero bw'amatora.
  • Hari aho barekurira bamwe bamwe gukoresha amakarata menshi, bamwe bagatora bisubiriza, abandi bagatorera abatabatumye.
  • Hari bamwe mu baserukira abitoza no mu ndorerezi batswe uburenganzira bahabwa n'amategeko. Uri abataramugwa, uri abankirwa kwinjira mu biro vy'amatora; hari rero n'indorerezi zategekwa gushira igikumu ku vyegeranyo kandi bitarekuwe n'amategeko.
  • Hari aho batemereye abaserukira abitoza gukurikirana ingene amajwi aharurwa kandi babifitiye uburenganzira.

Inama y'abepisikopi b'i Burundi ivuga ko "dufatiye kuri ivyo tuvuze abarorerezi bacu babonye bitagenze neza, turabona ko impinga ikiri ndende muvyo gutunganya neza amatora, kandi turibaza nimba bidatosekaza ibiharuro bitangazwa."

Amatora y'abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine yabaye ku musi wa kane w'indwi iheze igenekerezo rya 5 ukwezi kwa Ruheshi(6) 2025.

Kuri uyu wa gatatu itariki 11 Ruheshi, ni ho umugwi ujejwe gutegura amatora wamenyesha ibiharuro mfatakibanza vyayavuyemwo.

Ibi bivugwa n'abepiskopi ntibitandukanye cane n'ibivugwa n'abanegura aya matora, aho nk'imigambwe CNL, Uprona n'urunani Burundi bwa Bose bavuga ko yaranzwe n'inenge ziyatesha agaciro.

Urunani Burundi bwa Bose rworwo rushika kure, aho rusaba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro, ari nayo yemeza burundu ivyavuye mu matora, kutemeza ibiharuro vyatangajwe ku wa gatatu, mbere rugasaba reta y'Uburundi gutegura ayandi matora "yigenga, adakumira kandi yoba mu muco".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Eka n'ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, rivuga ko ryavuganye n'abatari bake, harimwo mbere n'abo mu mugambwe uri ku butegetsi, aho berekanye ko amatora yabayemwo inenge zikomeye.

Hagati aho, umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH wowo uvuga ko, n'aho ayo matora "yaranzwemwo utunenge tumwe tumwe", muri rusangi yagenze neza kandi yubahirije amategeko.

Hariho kandi n'indorerezi mvamakungu zari zarungitswe n'amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, Inama Mpuzamakungu ku karere k'Ibiyaga Binini (CIRGL), bakaba bavuze ko amatora yagenze neza. Ariko, nta tunenge dukomeye nk'utu bashira ahabona.

Umurwi CENI wo uvuga ko amatora yagenze neza, ukaba waraye utangaje ibiharuro mfatakibanza vyerekana ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ari wo wayatsinze ku rugero rwa 96.5%.

Ibiharuro ntabanduka bizoshikirizwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.

Umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD - FDD ni wo watahukanye intsinzi y'amajwi 96,51%, ukaba ugiye kumara imyaka itanu iri imbere ari wo wiharije inama nshingamateka, ari nka hamwe iyo sentare yoyemeza.