Kubera iki abagore baja kenshi mu bwiherero kurusha abagabo?

    • Umwanditsi, Michelle Spear
    • Igikorwa, The Conversation*

"Turasubiye guhagarara? Ivyo nivyo wumva abantu bidoga kenshi iyo bafashe ingendo hamwe nk'umuryango, aho kenshi baba babwira abagore. Haba mu bikino vyo kuri tereviziyo canke mu biyago vya minsi yose, abantu barakunze gutebura bavuga ko abagore bakarigwa no gushaka kuja ku mwanda muto kuko bafise urura ruto. Ariko none niko baremye?

Inyishu ngufi ni : siko bimeze. Isuzuma ryimbitse ryerekana ko bituruka ku bintu vyinshi - kandi igitangaje- bikagirana isano n'uko umuntu ateye, uko ibihimba vyiwe biremye, n'uko yabayeho muri rusangi. Abagore barashobora gushaka kuja ku musarani kenshi, ariko urura rwabo ntirutandukanye n'urwo abagabo mu bunini.

Agasaho kabika umukoyo gakozwe n'inyama iteye nk'umupira (ballon) ishobora guhobahoba n'ukuvuga ko gashobora kwaguka canke kakaba gatoya.

Ivyo bishoboka kubera ibintu bibiri. Ico bita muscle détrusor na épithélium de transition.

Détrusor ni nk'agahu kanyerera gakingira ako gasaho kajamwo umukoyo canke vessie. Kubera kagaruka cane bifasha ubwo bubiko bw' umukoyo kugaruka, ariko umuntu atarinze kwumva mu mubiri ko "kuzuye." Iyo umuntu akeneye kuja kwihagarika, gaca kipfunya kugira ngo gasohore umukoyo wose uri muri ako gasaho.

Agahu k'imbere muri ako gasaho, ari ko épithélium de transition, nako gakwirikira imero y'agasaho kabika umukoyo, kagaruka canke kipfunya, ari nako gakingira ibindi bice vy' intimatima y'agasaho k'umukoyo, kugirango ubumara buri muri wo ntibubishikire mu gihe uwo mukoyo uba urindiriye gusohoka.

Kubw'ubwo buhinga buhambaye, agasaho k'umukoyo karashobora kwiyagura canke kakagabanuka, ubuzima bwose, kadatabutse canke ngo gatakaze ubushobozi bwo kugaruka, canke 'gatabaze bitari ngombwa.'

Ku bijanye n'uko gateye, agasaho k'umukoyo k'abagabo n'ak'abagore dufise ivyo duhurijeko kuruta ibidutandukanya.

Twompi dushobora kubika umukoyo uri hagati ya mililitiro 400 na 600. Ibikikije ako gasaho k'umukoyo bishobora gutuma umuntu yumva ashaka kuja kwihagarika, aho niho ubudasa butangurira.

Ku bagabo, agasaho k'umukoyo gahagaze hejuru y'agasaho k'intanga (prostate) kakaba imbere y'urura rusohora umwanda mukuru (rectum).

Ku bagore, kari mu kigobeko ko mu ntantu, ahantu haga, kagasangira ico kibanza n' igitereko hamwe n'igisabo c'umugore. Mu gihe aba yibungenze, uko igitereko kigenda caguka gishobora gusita agasaho kabika umukoyo, ari nayo mpamvu aheza agashaka kuja kwihagarika kenshi, aho ashobora kugenda uko iminota 20 iheze mu gihe inda imaze kurenza amezi atandatu

No mu gihe umugore adakuriwe, kutagira ikibanza gihagije c'ako gasaho k'umukuyo bishobora gutuma akomeza gushaka kuja kwihagarika kenshi kuruta abantu b'abagabo.

Ivyirwa vyakozwe vyerekana ko bakunda kwumva bashaka kuja kwihagarika cane n'aho umukoyo utaba wuzuye nko ku bagabo, kumbure biturutse ku misemburo, canke kamere k'imyakura yabo, ndetse n'uko amagufa yabo yo mu ntantu ameraniye n'ako gasaho k'umukoyo mu kukemerera kwiyagura.

Inyama zifashe agasaho k'umukoyo, insogi, n'igitereko zigize ico bita 'planchet pelvien', ni ingirakamaro cane. Ku bagore, imitsi y'izo nyama irashobora kuregera kubera imvyaro, guhindagurika kw' imisemburo, canke ndetse n'igihe, ivyo bigashobora kwonona mu mubiri uburyo utunganya igihe co kwigumya no kurekura umukoyo.

Kwigumya mu bisanzwe bituruka ku mutsi bita sphincter urétral externe, ni urugori rw' imitsi rufise uruhara rwo gucunga ako gasaho, rugafasha kwihangana kugeza umuntu abonye ko bishoboka kuronka ubwiherero.

Urwo rugori ruri muri za nyama n'imitsi ziri mu mafyigo no mu ntantu, kandi, co kimwe n'ibindi bice vyose, zirashobora gutakaza ubukomezi canke zikimenyereza.

Ikindi kandi, ingwara zifatira mu myanya y'umwanda muto, zikunze kuboneka ku bagore gusumba abagabo, kubera bafise umuheha (urètre) mugufi, zishobora gutuma agasaho kabo k'umukoyo gahora kikanga ko kuzuye, bigatuma n'ubwo umuntu aba yakoze akomeza kugumana ako kamenyero ko kuja kwihagarika.

Gupfa kuhicisha 'ntawomenya'

Akamenyero ko kuja mu bwiherero si kamwe ku bantu bose, bivanye n'imico yabo. Ariko ku bakiri bato, abakobwa bigishwa kuja ku mwanda muto 'hamwe vyogenda ukundi' canke kwirinda kuja mu bwiherero rusangi bukoreshwa na benshi (toilettes publiques) gusohora umukoyo utaruzura agasaho, gutyo bikagabanya ubushobozi bwabo bwo kwihangana no gutuma kagaruka gushika aho ubushobozi bwako bugarukira.

Ariko ku bagabo biratandukanye kuko bo bafise ubwinyagamburiro bunini, canke bakunze kubwigwa ko bashobora kurindira bakigumya.

Uwumaze kubona uko ubwiherero bujamwo na benshi buba busa, wewe arazi ko kwitwararika isuku bituma umuntu agira uko avyitwaramwo ku bijanye no kurindira kuja kwihagarika.

Uko igihe gihera, umuntu aratinda akamenyera. Ntushobora guhindura uko agasaho kawe kangana, ariko urashobora kwiga no kukamenyereza kwihangana.

Kumenyereza agasaho kawe k'umukoyo, n'ubuhinga buca mu kugenda wongerereza buhoro buhoro ikiringo umara hagati yo kuja kwihagarika kabiri.

Ivyo biratuma usubiza ku gipimo gishasha, igihe kiri hagati yo gukorana kw'agasaho kawe k'umukoyo n'ubwonko bwawe, bigatuma wongereza ikiringo co kwihangana, ukagabanya akamenyero ko kwumva warengewe ukeneye guca ushoka wirukanga kwihagarika vyihuta, uko agasaho kawe k'umukoyo karungitse ubutumwa mu bwonko bwo kukubwira ko hageze.

Ibi akenshi babiroranisha n'akamenyero ka ya mitsi yo mu ntantu canke plancher pelvien, bukaba ari bwo buryo butuma ushobora gutegeka agasaho k'umukoyo kawe, cane cane ku bantu bafise ikibazo co kutihangana bita incontinence. Abagore bashobora kuba badafise agasaho gato gusumba abagabo, ariko bafise ubwinyagamburiro buto haba ku bijanye n'umubiri wabo,canke uko ibintu bimeze mu kibano.

Ikindi gihe wasubiye kubona umuntu arangamije ikirere kubera abonye mugenzi we asaba ashimitse guhagarara kugira ngo arondere ubwiherero, uramwibutsa ko atari ikibazo co kudashaka kwihangana, canke kugira agasaho gato. Ni ikibazo c'uko umuntu aremye, uko yakuze amenyerezwa hamwe n'imisemburo yiwe.