Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mali yahagaritse imigenderanire na Ukraine kubera igitero cahitanye abacangero ba Wagner
Mali ivuga ko yahagaritse imigenderanire na Ukraine, inyuma y’aho umutegetsi w’igisirikare avugiye ko iki gihugu cagize uruhara mu ntambara zihaye inkumbi mu kwezi guheze hafi y’urubibe na Algeria.
Ingabo zitari nke hamwe n’abacangero b’umuhari Wagner wo mu Burusiya barishwe mu ntambara zamaze imisi zibahuza n’inyeshamba z’aba-Tuareg barondera kwiyonkora hamwe n’abarwanyi bafitaniye isano na al-Qaeda.
Andriy Yusov, umuvugizi w’igendereza ry’igisirikare ca Ukraine, yavuze mu ndwi iheze ko inyeshamba zari zahawe “amakuru nkenerwa” yazishoboje gukora ibitero.
Umutegetsi wo hejuru wa Mali, Koroneli Abdoulaye Maiga, yavuze ko reta yiwe yababajwe n’aya makuru, aca yagiriza Ukraine guhonyanga ubwigenge bwa Mali.
Iri tangazo rya koroneli Maiga rivuga ko amajambo ya Yusov "yemeza uruhara rwa Ukraine mu gitero c’ubuhemu n’ubunyamaswa cakozwe n’imirwi y’iterabwoba yitwaje ibirwanisho” cahitanye abasirikare ba Mali.
Avuga ko Mali yafashe ingingo yo guhagarika imigenderanire kandi ko ari ingingo ica “ija mu ngiro ubwo nyene”.
Mu ndwi iheze, igisirikare ca Mali caremeje ko catakaje bikomeye mu ntambara zamaze imisi kuva zitanguye ku wa 25 Mukakaro (7).
Izi ntambara zabereye mu bugaragwa hafi ya Tinzaouaten, igisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ku rubibe na Algeria.
Amakuru avuga ko ingabo za Mali n’iz’Uburusiya zaguye mu mutego w’inyeshamba z’aba-Tuareg n’abarwanyi b’umuhari Jamaat Nusrat al-Islam wal-Muslimin ufitaniye isano na al-Qaeda, mu gihe bari barindiriye izindi ngabo ziza kusahiriza, inyuma yo kuva mu gisagara ca Tinzaouaten.
Yaba igisirikare ca Mali canke Wagner – yahindutse ikitwa Africa Corps – nta na bamwe baratanga ibitigiri nyavyo, ariko abacangero ba Wagner bapfuye baharurwa hagati ya 20 na 80.
Iki gitigiri c’aba barwanyi b’uno muhari w’Uburusiya bapfuye ni co ca mbere kinini c’abapfiriye muri Mali kuva utanguye gufasha igisirikare ca reta kurwanya inyeshamba, haraciye imyaka ibiri.
Wagner yaremeje ko umwe mu ntwazangabo zayo yishwe, kajugujugu imwe y’Uburusiya igakororwa mu “ntambara zikomeye”, ikavuga ko batewe n’inyeshamba zababa 1.000.
Ku wa kane w’indwi iheze, inyeshamba z’aba-Tuareg zirondera kwiyonkora zavuze ko zishe abacangero 84 ba Wagner hamwe n’abasirikare ba Mali 47.
Haraciye imyaka irenga cumi reta ya Mali itakaje igice kitari gito c’uburaruko bw’igihugu inyuma y’aho inyeshamba z’aba-Tuareg zitangurije intambara zisaba ko hashingwa igihugu cabo cigenga.
Umutekano w’igihugu warononekaye cane gusumba inyuma y’aho hinjiriyemwo abarwanyi biyitirira idini rya Islam.
Igihe cafata ubutegetsi mu mabogoza yo mu 2020 na 2021, igisirikare cavuze ko vyaterwa n’uko reta yananiwe no gutuza imigumuko.
Abategetsi bashasha ba gisirikare barahagarise ubucuti bwari bumaze igihe kirekire n’igihugu c’Ubufaransa cahoze gitwara igihugu ca Mali mu gihe c’ubukoloni maze biyegereza Uburusiya, mu ntumbero yo gutuza iyi migumuko.