Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sudan ibintu vyayangaye, abantu 700.000 bamaze guhunga ingo zabo
- Umwanditsi, Farouk Chothia na Zeinab Mohammed Salih
- Igikorwa, BBC News, London n'umunyamakuru,Omdurman
Igitigiri c’abantu bamaze guta izabo bagahungira hagati mu gihugu muri Sudan kubera intambara hagati y’impande zibiri za gisirikare zikebana cigwije na kabiri ku ndwi iheze gishika ku 700.000, nk’uko bivugwa na ONU.
Ukwo kwiyongera kw’abata izabo kwongereza ubwoba ko intureka zakomeye gusumba n’ubwo hari ibiganiro vyo kwumvikana ku gahengwe biriko birabera muri Arabia Saudite.
Ibitero vy’indege n’intambara zo hasi birabandanya ku mugwa mukuru Khartoum.
Ibigwati bimwe bimwe uko vyakabaye bisigaye bigaragara mu gihe abantu babandanya guhunga ingo zabo.
Khartoum yari isanzwe ibamwo abantu miriyoni 5.4, ariko ico gisagaraca cahora kirwangwa n’amahoro ubu carashegeshwe n’iyo ntambara yadutse ku wa 15 Ndamukiziza (4).
Uwuhaba yabwiye BBC ko yongeye kwumva urwamo rw’amasasu hamwe n’urw’ibitero vy’indege rwumvikana ruri kure.
Abandi bavuze ko indege z’intambara z’igisirikare zariko ziraguruka hejuru ya Khartoum kandi ko intambara zikaze zariko zirabica muri karitiye y’abantu bifise ya Sahafa, hatari kure y’ikibuga c’indege mpuzamakungu, ubu cugaye.
Izo ntambara ziri hagati y’igisirikare n’umugwi umeze bwa gisirikare witwa Rapid Supporty Forces (RSF).
Igisirikare kirongowe na Jenerari Abdel Fattah al-Burhan, uwo mugwi nawo ugategekwa na Jenerari Mohamed Hamdan Dagalo, azwi cane nka Hemedti.
Abantu 600 baramaze kwicwa abandi 5.000 barakomereka muri iyo ntambara.
Intambara zikomeye ziravugwa kandi mu bisagara bibiri bibangabanganwa na Khartoum- Bahri na Omdurman – hamwe no mu ntara ya Darfur mu burengero.
‘’Abantu benshi bataye izabo batse indaro mu ncuti n’abagenzi, mu gihe abandi baba mu mashure, imisigiti n’amazu ya reta,’’ nk’uko bivugwa na Paul Dillon, umuvugizi w’ishami rya ONU riraba abimukira (OIM).
Dillon avuga ko abantu ata mafaranga basigaranye, co kimwe n’ibintu vya nkenerwa cane nk’ibitoro.
‘’Imashini zo kubikuramwo amafaranga (ATM, Automated Teller Machine canke Guichet Automatique) ntizikora kandi na banki ntizikora. Ibitoro biragoye kuronka kandi birazimvye,’’ nk’uko abandanya avuga.
Ku ndwi iheze ONU yavuze ko abantu bashika 100.000 bahungiye mu bihugu bihana imbibe na Sudan, kandi abo bantu bashobora kwiyongera gushika ku 800.000 hamwe intambara zitohagarara.
Abaserukira RSF n’igisirikare bari mu biganiro vya mbere vy’imbona nkubone mu gisagara ca Jeddah co muri Arabia Saudite mu kugerageza kwumvikana ku gahengwe.
Avugisha ikinyamakuru gikorera mu Misiri ku wa mbere, Gen Burhan yavuze ko ‘’agahengwe gahoraho’’ gakenewe i Khartoum imbere y’uko haba ibiganiro vya poritike na RSF.
‘’Turashobora kurondera umwumvikano hamwe twomara kuronka agahengwe gahoraho i Khartoum,’’ niko yavuze.
RSF nibo bagenzura igice kinini c’umugwa mukuru, mu gihe ibitero vy’indege vy’igisirikare bigamije kugabanya inguvu z’ibirindiro vyabo no kubabuza kuronka abaza kwongereza inguvu zabo.