Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump asa n'uwuhaye Putin igihe ntarengwa c'indwi zibiri ku bijanye na Ukraine
- Umwanditsi, Brandon Drenon na Tom Bateman
- Igikorwa, BBC News, Washington DC
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika asa n'uwuhaye mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin igihe ntarengwa c'indwi zibiri, akagabisha ko ashobora kumuhindurira ari nka hamwe yobandanya amuzirika ku katsi.
Mu gihe Uburusiya bwongereje akariro mu bitero vyabwo kuri Ukraine, Trump yabajijwe ejo ku wa gatatu muri Maison blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) nimba yibaza ko Putin yoba ashaka kurangiza intambara.
"Ivyo ntavyo nokubwira ubu, ariko nzobikumenyesha inyuma y'indwi nka zibiri", niko Trump yabwiye abanyamakuru, ibiri mu rukurikirane rw'amajambo ya Trump yo kunegura ku mugaragaro Putin.
Kuva ku wa Mungu, Trump amaze kwandika ubutumwa butari buke ku mbuga hwaniro avuga ko Putin yari "yasaze" kandi ko "ariko akina n'umuriro", inyuma y'aho Uburusiya bwongerereje ibitero kuri Ukraine.
Ibi bitero vy'amabombe vyakozwe n'Uburusiya bivugwa ko ari bimwe mu bitero vya mbere bikomeye kandi vyihaye inkumbi kuva intambara itanguye, ubu ikaba iri mu mwaka wayo ugira kane.
Ibitero ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, vyahitanye abantu nibura 13 binakomeretsa n'abandi baharurwa muri mirongo, harimwo n'abana.
Gushika ejo ku wa gatau, nta kimenyetso na kimwe cerekana ko vyoba biriko biragabanuka.
Mu majambo ya Trump aho yishura ku kibazo c'uko yibaza nimba Putin yoba koko ashaka kurangiza intambara, Trump yagize ati: "Nzobikubwira mu ndwi nka zibiri.
"Mu ndwi zibiri. Tuzomenya nimba Putin ariko canke atariko aradukinisha.
"Hanyuma nimba ariko aradukinisha, tuzomuhindurira gato".
Aya majambo ni ikimenyetso c'uko Trump ariko ararambirwa, mu gihe utwigoro twa Maison Blanche two kurondera ko hoba amasezerano y'amahoro hagati y'Uburusiya na Ukraine tubandanya tuba impfagusa gusumba.
Muri utu twigoro, harimwo ikiyago co kuri terefone camaze amasaha abiri hagati ya Trump na Putin, inyuma y'aco Trump akaba yavuze ibiganiro "vyagenze neza cane".
Putin yavuye muri ico kiyago avuga ko yari yiteguye gukorana na Ukraine mu gutegura "urwandiko ku masezerano y'amahoro ashobora gushikwako muri kazoza".
Iki kiyago cabaye indwi imwe imbere y'uko Uburusiya bugomorera za ndege zitajamwo abadereva (drone) amajana n'amajana n'ibisasu vya misire biharurwa muri mirongo ku mugwa mukuru wa Ukraine, nk'uko bivugwa n'igisirikare ca Ukraie kirwanira mu kirere.
Kandi Uburusiya nta rwandiko burasohora.
Gushika ubu, amajambo ya Trump yo gukanga asa n'ayatarashobora gutera ubwoba Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) kugira ngo bwemere ivyo abusaba. Gushika uno musi, Trump ntaco arakora ku majambo nk'aya yo kugabisha aherutse gushikiriza.
Kuva ashitse ku butegetsi, Trump amaze gufata ingingo ziraba Ukraine yonyene, mu gihe Washington (ubutegetsi bwa Amerika) yariko irondera gushira ibi bihugu mu mugambi w'agahengwe gasabwa na Trump.
Muri izi ngingo harimwo iy'imisi umunani yo guhagarika imfashanyo ya gisirikare no guhanahana amakuru y'igendereza na Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) muri Ntwarante (3).
Hagati aho, ubutegetsi bwa Amerika nta kintu gikomeye burasaba Uburusiya ko bwokwemera guheba.
Maison Blanche irahakana ivyo yagirizwa ko yorohereza Moscou canke inanirwa no kwerekana ububasha bwayo, ikavuga ko ibihano intwaro ya Biden yafatiye Uburusiya bigikora.
Ariko gushika ubu, uburyo ivyitwaramwo nk'umuhuza bisa nk'aho vyahaye inguvu Kremlin gusumba.
Inyuma y'ibi bitero vy'ubu, Trump yanditse kuri Truth Social ko "hari icabaye" kuri Putin, amajambo Kremlin ivuga ko yari yuzuye agashavu.
Mu misi yakurikiye, ibitero vy'Uburusiya kuri Ukraine vyarabandanije. Trump yarongereje ijwi mu majambo yiwe yo kunegura. Ku wa kabiri, yavuze ko Putin yariko "arakina n'umuriro" kandi ko Uburusiya bwari kuba bwarashikiwe "n'ibintu vyinshi bibi" iyo Trump adafata ikibazo mu minwe.
Umujenama wa Kremlin yishuye ku vyo Trump aherutse kwandika kuri Truth Social ati: "Twashitse ku mwanzuro ko Trump atamenyeshwa bihagije ibiriko biraba vy'ukuri".
Umujenama wa Putin, Yury Ushakov, yabwiye imboneshakure ya reta y'Uburusiya Russia-1 ko Trump ategerezwa kuba atazi "ibitero vy'iterabwoba bikomeye Ukraine idasiba gukora ku bisagara vy'Uburusiya vyibereye mu mahoro".
Ku wa gatatu, umukuru wa reta y'Ubudagi mushasha, Friedrich Merz, yabwiye Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ko Berlin (ubutegetsi bw'Ubudagi) izofasha Kyiv guhingura ibisasu vya misire biraswa kure kugira ngo yivune ibitero vy'Uburusiya.
Kremlin igabisha ko ingingo iyo ri yo yose yoza ikuraho ingingo zibuza Ukraine gukoresha ibisasu vya misire biraswa kure yoba ari impinduka mbi ishobora kubangamira utwigoro two gutorera umuti iyi ntambara biciye mu nzira ya poritike.
Imbere y'Uburusiya bwigize ndanse, Trump akunze kwiyorosha mu vyo asaba, aho yahevye ico yahoze ashimikirako c'agahengwe k'imisi 30, ikintu cemewe na Ukraine yonyene, akaja mu vyo aherutse gusaba vy'umubonano na Putin yibaza ko bishobora kuvamwo inyishu.
Putin n'umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov baherutse gusaba ibindi vyiyongera ku vyo bari basanzwe basaba kuva America isubiye kuvugana n'Abarusiya mu kwa kabiri.
Muri ibi harimwo ugusaba ko Ukraine iheba bimwe mu bice vy'ubutaka bwayo bitanari no mu minwe y'Uburusiya, kandi ko Amerika yokwemera ko Crimée/Crimea ari igice c'Uburusiya.
Michael McFaul yahoze aserukira Amerika i Moscou avuga ko ibi ari "ikinini c'isumu" kizanywe n'Uburusiya: Kuzana amananiza Kyiv idashobora na gato kwemera kugira ngo Ukraine iboneke ko ari yo nkwezi y'amarere mu maso ya Trump.
Iyi ntambara imaze guhitana ubuzima bw'abantu ibihumbi mirongo, isiga igice kitari gito c'ubuseruko n'ubumanuko bwa Ukraine ari umunyota. Moscou igenzura hafi ica gatanu c'iki gihugu, harimwo na Crimée yihagiye mu 2014.
Zelensky yagiriza Moscou gutevya umugambi w'amahoro akavuga ko ataco irakora ku rwandiko rujanye n'umugambi w'amahoro yemeye mu biganiro vy'i Istanbul muri Turukiya. Peskov ashimangira ko uru rwandiko ruri "hafi yo kurangira".