Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cameroun: Leta ivuga ko umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi azaburanishwa ashinjwa imvururu zo mu matora
- Umwanditsi, Paul Njie
- Igikorwa, BBC Afurika, i Yaoundé muri Cameroun
Minisitiri w'ubutegetsi bw'igihugu wa Cameroun Paul Atanga Nji avuga ko umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Issa Tchiroma Bakary azaburanishwa ku birego byuko yashishikarije rubanda gukora "imyigaragambyo irimo urugomo nyuma y'amatora".
Abigaragambya nibura bane biciwe mu gukozanyaho hagati y'abashinzwe umutekano n'abashyigikiye abatavuga rumwe n'ubutegetsi, nyuma y'amatora yo muri Cameroun yo ku itariki ya 12 y'uku kwezi kw'Ukwakira (10). Perezida Paul Biya, w'imyaka 92, yatsindiye manda ya munani yikurikiranya.
Tchiroma Bakary ashimangira ko yatsinze amatora. Ishyaka riri ku butegetsi rya Biya, ryitwa RDPC (Rassemblement Démocratique du Peuple Camerounais), rirabihakana.
Uguhashya abigaragambya kurimo urugomo kwakozwe na polisi n'abashinzwe umutekano kwahangayikishije amahanga.
Umuryango w'Abibumbye (ONU), umuryango w'Ubumwe bw'Afurika (AU) n'umuryango w'Ubumwe bw'Uburayi (EU) basabye ko habaho kwifata.
Ku wa kabiri, Minisitiri Nji yashinje Tchiroma Bakary gutegura icyo yise imyigaragambyo "inyuranyije n'amategeko" yatumye abantu bapfa, ndetse amunenga ku kuba yaratangaje ko yatsinze amatora.
Yongeyeho ko "abafatanyacyaha" ba Tchiroma Bakary "bacuze umugambi wo kwigomeka", na bo bazaburanishwa.
Paul Biya, wageze ku butegetsi mu mwaka wa 1982 ndetse ubu akaba ari we Perezida wa mbere ushaje cyane ku isi, yatsinze amatora yo ku wa 12 Ukwakira n'amajwi 54%, naho Tchiroma Bakary abona amajwi 35%, nkuko akanama ka Cameroun ko kurinda iremezo ry'itegekonshinga kabitangaje.
Tchiroma Bakary nta cyo yari yasubiza ku cyemezo cya leta cyo kumuburanisha, ariko mbere yabwiye BBC ko atazemera amajwi y'amibano (yibwe) - ndetse ko nta bwoba afite bwo gutabwa muri yombi.
Ku munsi watangajweho ibyavuye mu matora, yavuze ko abagabo bitwaje imbunda barashe ku bigaragambya bari bateraniye hafi y'urugo rwe i Garoua, mu majyaruguru ya Cameroun, bakomeretsa abasivile nibura babiri bibaviramo gupfa.
Ku wa kabiri, Minisitiri w'ubutegetsi bw'igihugu yahishuye ko hazakorwa iperereza ku rugomo rwabaye mbere na nyuma y'itangazwa ry'ibyavuye mu matora.
Nta mubare nyawo atanze w'abigaragambya biciwe mu gukozanyaho n'abashinzwe umutekano, yagize ati: "Muri ibi bitero, bamwe mu bagizi ba nabi barahapfiriye."
Nji yongeyeho ko abashinzwe umutekano benshi na bo bahakomerekeye cyane.
Nubwo Nji yashimangiye ko ubu ibintu mu gihugu hose biri ku murongo, hari ibice bimwe by'igihugu bikirimo abigaragambya, cyane cyane mu mujyi wa Douala, mu majyepfo ashyira uburengerazuba, no mu mujyi wa Garoua.
Muri iyo mijyi, ku wa kabiri abigaragambya bashyize za bariyeri (barrières) mu mihanda, ndetse batwika amapine mu mihanda.
Abasesenguzi baburira ko urugomo rwa nyuma y'amatora rushobora gushora iki gihugu mu makuba ya politike.
Amakuru y'inyongera yatawe na Natasha Booty na Michel Mvondo