Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa Léon XIV ahamagarira Ekleziya kuba 'urumuri rubonesha mu majoro w'umwijima' mu misa yiwe ya mbere
- Umwanditsi, Frances Mao
- Igikorwa, BBC News
Papa mushasha, Léon XIV, mu misa yiwe ya mbere, yamahagariye Ekleziya Katolika kurwaya ''ishimitse'' ukubura ukwemera.
Mu misa yasomye imyuma y'umunsi umwe atowe nka Papa agira uwa 276 n'uwa mbere aturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yagabishije ko abantu bariko baraheba ukwemera uhubwo bakirukira ''ubuhinga, amafaranga, gushika ku bintu runaka mu buzima, ubutegetsi canke ukwinezereza''.
Léon yavuze ko yatowe kugira abe ''umutware adahemuka'' wa Ekleziya izokora ''nk'urumuri rubonesha mu majoro y'umwiza yo muri iyi si''.
Ugushika ku ntebe ya papa kwa Robert Francis Prevost kwahimbajwe n'abakatorika bangana na miriyaridi 1,4 kw'isi, mu gushwabaduka kw'abantu mu kamwemwe mu gihugu c'amavukiro no muri Peru, aho yakoze imyaka 20.
Mu nkuka yiwe yo ku wa gatanu, papa mushasha yavuze ko hari ahantu henshi aho usanga ukwemera gusigaye gufatwa nk'ikintu ''kitagira umutwe n'amaguru'' – aho ubutegetsi, itunga n'ubuhinga ari vyo vyiganza – kandi ko aho hantu ariho nyenizina hakenewe gushikana ubutumwa.
''Ukubura ukwemera akenshi kujana no gutakaza kwumva ubuzima icari co, gufata minenerwe imbabazi, guhonyanga agateka k'umuntu, ihungabana ry'ingo n'imiryango n'ibindi bikomere vyinshi bisesereza imibereho yacu,'' niko yavuze mw'ijambo yashikirije mu rurimi rw'igitaliyano.
Papa Léon, w'imyaka 69, yari yambaye ikanzu yera y'aba papa ideshe mw'ibara ry'inzahabu ku bitugu no kuva mu gikiriza umanuka, aho yariko ashikiriza ijambo abakardinali bari bicaye mu gasengero ka Sixtine, urubanza rwerekanywe ikibiriraho n'abajejwe intwaro ya Vatikano.
Mw'ijambo ry'intangamarara ritanditse imbere yo kwitsa ijambo ry'Imana, Léon yasavye kandi ko haba ubumwe bwa Ekleziya mu bakardinari biwe, ababwira mu congereza c'Abanyamerika ati: ''Ndazi ko nshobora kwishimikiza umwe umwe muri mwebwe mu nkumfasha urugendo''.
Amayinga atari make yitezwe, uwo Prevost yari asanzwe atazwi cane yashikirijwe isi nka Papa mushasha ku wa kane ku mugoroba mu kibanza citiriwe Petero Mweranda.
Abantu ibihumbi bari gushengera muri ico kibanza bashize akaruru hejuru igihe umwotsi wera waduga mw'ifumbiro rya Vatikano ku munsi ugira kabiri w'amatora yo muri conclave.
Inyuma y'aho gato, uwo Prevost yavukiye i Chicago yaciye aboneka kw'ibaraza ya Bazirika ya Petero Mweranda. Mu majambo yiwe ya mbere yashimikiye kuri Ekleziya ''y'ubutumwa'' yubaka ibiraro, ikora ibiganiro, yama yuguruye''.
Yunze mu ry'uwo yasubiriye, umuhisi Papa Francis, mu gusaba amahoro.
''Dufashe, natwe dufashanye, kwubaka ibiraro biciye mu biganiro, mu guhura, mu kuja hamwe, iminsi yose mu mahoro,'' niko yavuze.
Abategetsi irya n'ino kw'isi ntibatanzwe mu gukeza Prevost kw'itorwa ryiwe, bamwemerera gukorana nawe ku bibazo vy'isi muri ibi bihe vyo kutabona neza iyo ibintu bija. Umukuru wa Reta Zunze za Amerika yavuze ko ari ''iteka ntangere'' kuronka umupapa wa mbere w'umunyamerika.
Prevost, yari yabaye Umwepiskopi wa Chiclayo muri Peru, yagizwe umwepiskopi mukuru n'umukardinari mu 2023. Yatowe na bagenziwe b'abakardinari mu bivugwa ko zabaye ingunga zine zo gutora mw'ibanga rya conclave yabaye haheze amayinga abiri Francis yitavye Imana.
Abonwa nk'uwugendera mu murongo wa papa yahahora yakunda impinduka, yafatwa nk'umuntu yagwanira uburenganzira bwa zina muntu n'abakene akanashimagizwa ku bukerebutsi yatwaranye mu gutuma Ekleziya yiyugurura gusumba.
Abakurikirana ibintu i Vatakano babona ko ingene Francis yazanye Prevost i Roma muri iyi myaka ya vuba, kumbure kwari kugira amutegure kuba umwe mu boshobora kumusubirira.
Uwo mu misiyonari wo mu bene Augustino yamaze imyaka myinshi akorana n'abakene n'abakumirwa muri Peru, aho yaronkejwe ubwenegihugu mu 2015.
Kandi, mu mabanga yahoramwo nka Kardinari Prevost, yaraneguye ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku ntwaro ya perezida Donald Trump, harimwo na poritike ziwe zo kuzibira no kwirukana abimukira.
Ku X mu kwezi kwa kabiri, yigeze kunegura ivyari vyavuzwe n'icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance ko abakristu bokunda imiryango yabo, ababanyi, ikibano n'abenegihugu nka bo muri urwo rutonde, avuga ati: ''JD Vance ivyo avuga si vyo: Yezu ntadusaba kugira urutonde rw'ingene dukunda abandi''.
Nka Papa, arindiriwe n'igikorwa gikomeye co kurongora Ekleziya mu gihe c'amatati akomeye kw'isi. Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ashobora kuba ijwi risubiza hasi ay'amacakibiri agwiriye kw'isi muri iki gihe.
Amajambo azoshikiriza mu gisabisho co ku murango ca Regina Coeli mu kibanza ca Petero Mweranda, n'ikiganiro azoha abamenyeshamakuru ku wa mbere, azokurikiranirwa hafi cane ku bimenyetso vy'ingene ashaka kurongora Ekleziya n'umupapa azoba uwo ari we.