Ni bande batora Papa, baturuka hehe?

    • Umwanditsi, Luis Barrucho
    • Igikorwa, BBC World Service

Papa mushasha atorwa n'abakuru bo hejuru ba Ekleziya -aba kardinali. Bose ni abagabo, kandi bose baba baratiwe nk'abasenyeri. Ubu hari aba kardinali 252. Muri abo 135 nibo bemerewe gutora Papa. Abandi barenza imyaka 80, bisigura ko badashobora gutora n'ubwo bemerewe kuvugana n'abatora uwukwiye kuba Papa.

Mu ba kardinali bemerewe gutora 135 bari munsi y'imyaka 80, babiri muri bo, uwo muri Espagne n'uwo muri Kenya, ntibitabiriye aya matora ku mvo z'amagara, bisobanura ko 133 ari bo bonyene bari gutora muri Conclave.

Iki nico hitigiri ca mbere kinini c'abatora Papa muri kahise ka Ekleziya katolika.

Abenshi muri abo bemerewe gutora bashizweho na Papa Francis,108, nayo abasigaye bari bashizweho n'abamubanjirije, Papa Benedicto XVI na Papa Yohani Paul II.

Abahinga mu mateka ya Vatikano bavuga ko Papa Francis, umupapa wa mbere yakomotse muri Amerika y'Epfo kuva mu kinjana ca 8, yagenye aba kardinali benshi kugushaka ko iragi asize rishobora gukomeza biciye muwo bazotora azomusubirira.

Ekleziya igenda ihinduka.

Mu kiringo c'imyaka 12 papa Francis yamaze, habaye amahinduka ku buryo Ekleziya iserukiwe mu mihingo itandukanye y'Isi.

Ubwa mbere muri kahise, abanya Bulaya ntibakigize ubwiganze mu bakardinali bafise imyaka yo gutora - ubu bagize ibice 39% vy'abatora muri Conclave, mu gihe muri 2013 bari kuri 52%.

Kuri 108 bagifise imyaka yo gutora bashizweho na Papa Francis, 38% bava mu bihugu vya Bulaya, 19% bava muri Amerika y'epfo na Caraibbes, 19% bava mu karere ka Aziya na Pacifique, 12% n'abo muri Afrika yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara, 7% bava muri Amerika ya ruguru, nayo 4% bava mu burasirazuba bwo hagati no mu buraruko bwa Afrika. Igitigiri c'abatari abanya Bulaya bose hamwe ni 73%.

Aya mahinduka yo guserukirwa kw'imihingo y'isi yose ya Ekleziya katolika muri rusangi, ni nko kubandanya inzira yatanguye mu kinjana ca 19, nk'uko bivugwa n'umuhinga wa kahise, Dr Miles Pattenden wo muri kaminuza ya Oxford. Imbere y'ibi, aba kardinali, hafi bose bari abanya Bulaya biganjemwo aba Taliyano.

Pattenden avuga ko Papa Francis yari yizeye ko abatora bazoba baserukiye imice itandukanye y'abanywanyi ba Ekleziya, uko boba bangana kwose.

Ibi ni navyo bisobanura impamvu yashizeho abava mu bihugu nka Mongolia, Algeria na Iran mu gihe ciwe, aho gutora mu bo muri Australia, Pattenden niko abisigura.

Uko aba kardinari batora bihuriye he n'iyo bava?

Iyo bari mu bantu, abakardinali ntibavugira hejuru ngo bemeze ko iyo bava hashobora kugira uruhara ku ngingo bafata, ariko ugiye kubiraba, ico kirashobora kuba kimwe mu bibatuma bafata ingingo kanaka, uko niko Dr Pattenden abivuga.

Avuga ko aba kardinali bava mu bihugu vy'amaj'Epfo y'Isi mu vyiyumviro vyabo babona ko hageze ko haboneka uwundi mupapa wo muri iyo mihingo – cane cane muri Aziya canke Afrika, nayo abanya Bulaya, cane cane Abataliyano, bakumva ko bikwiye ko ubutegetsi busubira iwabo.

Hari kandi no kutumva ibintu kumwe hagati y'abakardinali baba i Roma, ku cicaro ca Vatikano, n'abatari yo.

Abataliyano benshi baba barakoranye igihe kirekire, ugereranije na bagenzi babo bo mu maj'Epfo y'Isi, nk'uko Pattenden abivuga, gutyo rero bagashobora kwumvikana guhuriza ku muntu umwe mu gutora.

Ivyiyumviro vya politike navyo bifise uruhara runini mu gutora.

Pattenden atanga akarorero ku bakardinali bo muri Amerika y'Epfo usanga bashigikiye ivyiyumviro vy'amahinduka.

Agira ati: "Baratandukanye cane n'abakardinali bo muri Afrika, aho muri rusangi bashigikira ivyiyumviro vya kera, kandi gushigikirana mu vyiyumviro nakwo usanga gukwirikira uturere tw'isi."

Uko bigenda mu gutora

Muri Conclave, abakardinali ntibasubira kugirana imigenderanire iyo ariyo yose no hanze, ntibafata terefone, canke ngo basome ibinyamakuru canke baje kuri internet.

Baguma muri Casa Santa Marta – inyubakwa y'amagorofa atanu yo mu muji Vatican, bakaja baragenda kuri Sistine Chapel ahabera amatora yo mw'ibanga.

Buri munsi abakardinali barandika umwe wese uwo yatoye kw'ikarata, igashirwa mw'isandugu imeze nk'ibesani y'ifeza.

Uwutahukana intsinzi ni uwuba yaronse amajwi ageze kuri 2/3.

Mu gihe bakirindiriye ibi vyose abakatolika baba bari hafi mu micungararo y'ikibanza c'isengero Basilika yitiriwe Petero Mweranda, barindiriye kubona ikimenyetso c'akotsi kava muri Sistine Chapel: kaje kirabura, n'ukuvuga ko abakardinali batarumvikana, naho iyo kera Papa aba yabonetse.

Papa mushasha ategerezwa kubanza kwemera ayo mabanga ku mugaragaro imbere y'ikoraniro ry'inama y'abakardinali, araheza agaseruka kw'ibaraza, riri hejuru y'ikibuga ca Basilika yitiriwe Petero mweranda bitarenze isaha inyuma yo gutorwa.

Conclave yabaye ndende kuruta izindi, yamaze imyaka ibiri n'amezi icenda, kuva mu 1268 – ariko muri iyi myaka ya vuba, zikunze kunyaruka, aho muri rusangi zimara iminsi itatu kuva mu myaka ya mbere y'ikinjana ca 20.

Papa Francis n'uwo yusubiriye papa Benedicto XVI batowe muri conclave zamaze minsi ibiri gusa.

Nta wuzwi nk'uwurusha abandi amahirwe

Kuva Papa yitavye Imana, hari benshi banuganuzwe ko bashobora kumusubirira baturuka mu mihingo itandukanye y'isi – harimwo uwo muri Canada, Ubutaliyano, Ghana na Philippines.

Ariko rero, Pattenden avuga ko ikizovamwo bigoye kukimenya ubu.

Agira ati :"Bitandukanye n'amatora yo mu buyobozi bwa politike, aho uwuronse amajwi aba ashikiriye ubutegetsi, ibi vyo birimwo n'ibindi atari kuronka amajwi gusa.

Hari iciyumviro c'uko ishengero rikeneye amahinduka bivuye ku mwumvikano uhuriweko n'abadahuje ivyiyumviro, bisigura ko bidakwiye gukumira ba nyamuke.