Abantu basubije miriyoni 10 z'ama dorari bihaye habaye akagorane k'ubuhinga muri banki

Ahavuye isanamu, AFP
Banki y'ubudandaji ya mbere nini muri Ethiopia ivuga ko imaze kugaruza hafi ibice bitatu kuri bine vya miriyoni 14 z'ama dorari (hafi miriyaridi 40 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki) yatakaje igihe haba akagorane k'ubuhinga kagatuma abakiriya bashobora kwiha amafaranga asumba ayo baba bafise ku makonte (mu bubiko) yabo.
Abe Sano, umukuru wa Commercial Bank of Ethiopia (CBE) yavuze ku wa kabiri ko hafi miriyoni 10 z'ama dorari zimaze kugaruzwa.
Ibihumbi vy'abakiriya baragarukanye amafaranga ku gushaka kwabo. Sano yagabishije ko abatabikoze bazokurikiranwa n'imanza z'ivyaha.
Amafaranga menshi yatwawe n'abanyeshuri ba kaminuza.
Ku wa 16 ukwezi kwa gatatu, inkuru y'akagorane k'ubuhinga yarakwiragiye ibigo vya za kaminuza - hakoreshejwe ubuhinga bwo guhana ubutumwa bwanditse canke mu guhamagarana kuri terefone - abanyeshure batonda imirongo ku mashini zitanga amafaranga.
Banki ntiyigeze isigura ingorane yashitse iyo ari yo, ariko CBE yavuze ko ata kibazo c'ubugizi bwa nabi cabaye kandi ko abakiriya borema kuko konte zabo ataco zabaye.
Kaminuza nibura zitatu zarasohoye amataganzo zihanura abanyeshure gusubiza amafaranga atari ayabo bashobora kuba barihaye muri banki.
Avugana n'ikiganiro Newsday ca BBC ku ndwi iheze, Abe yavuze ko CBE ija imaze gutangura igikorwa co kurega abakiriya mu giporisi.
''Nta buryo na bumwe bashobora kudusiga kuko kuvana amafaranga muri banki bikorwa ku buryo bwa none kandi ni abakiriya bacu. Turabazi. Biroroshe kubatora kandi bazobazwa ivyo bakoze imbere y'amategeko,'' nk'uko yavuze.
Amakuru ya mbere yavuga ko amafaranga arenga miriyoni 40 z'ama dorari ari yo yari yasohotse igihe ako kagorane kaba.
Umukozi wo muri CBE yabwiye BBC ko bigoye gutora amafaranga yarungitswe mu yandi mabanki kurusha ayashizwe ku yandi makonte ariko muri CBE nyene.
CBE yabonye ko habaye akagorane hamaze guvanwayo canke kurungika amafaranga ahandi incuro 490.000
Abantu barenga miriyoni 38 bafise amakonte muri CBE, ibanki imaze inyaka 82 ishinzwe.










