Ukraine yatakaje igisagara cari kimaze igihe kigoswe mu buseruko

Ingabo za Ukraine ziri mu kimodoka c'intambara muri Siversk mu ntara ya Donetsk. Ifoto yo mu bubiko

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Siversk isigaye ari umunyota inyuma y'intambara zikarishe zari zimaze amezi atari make
    • Umwanditsi, Alex Smith and Jaroslav Lukiv
    • Umwanditsi, Mohamed Madi
    • Yakoze inkuru ari, Kyiv

Ingabo za Ukraine zavuye mu gisagara ca Siversk kiri mu buseruko bwa Ukraine cari kimaze igihe kigoswe, mu gihe Uburusiya bubandanya butera intambwe nubwo ari ntinto.

Igisirikare ca Ukraine catangaje ejo ku wa kabiri ko cafashe iyo ngingo "mu ntumbero yo kurokora ubuzima bw'abasirikare bacu hamwe n'uburyo bwo kurwana", congerako y'uko ingabo z'Uburusiya "zadusumbije igitigiri c'abasirikare".

Ifatwa rya Siversk ritumye Uburusiya bwegereza cane ibisagara vya nyuma vya Sloviansk na Kramatorsk bigize "igihome c'intamenwa" bigisigaye mu minwe y'ingabo za Ukraine mu ntara ya Donetsk.

Uburusiya bwatanguje intambara yeruye kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, ubu bukaba bugenzura hafi 20% y'ubutaka bwa Ukraine.

Mw'itangazo, igisirikare ca Ukraine kivuga ko ingabo z'Uburusiya zabandanya "n'ibitero vy'urutavanako" mu karere ka Siversk "nubwo zahatakarije cane".

Rivuga ko ingabo za Ukraine "zakubise umwansi agashaya mu ntambara ya Siversk".

Imbere y'igitero c'Uburusiya, Siversk yari ituwemwo n'abantu 11.000.

Mu ndwi zibiri ziheze, Uburusiya bwatangaje ko bwari bwamaze kwigarurira iki gisagara – ariko Ukraine yarabihakanye ico gihe.

Siversk isigaye ari umunyota inyuma y'intambara zikarishe zari zimaze amezi atari make

Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) ubu igenzura hafi 75% vy'intara ya Donetsk, hamwe n'ibice hafi 99% vya Luhansk ihana urubibe na yo. Izi ntara zigize ikizwi nka Donbas.

Ikarata yerekana uturere turi mu minwe y'igisirikare c'Uburusiya muri Ukraine

Perezida Vladimir Putin abandanya agabisha ingabo za Ukraine ko ari ngombwa ko ziva mu karere ka Donbas kose canke naho Uburusiya bukigarurire ku nguvu, akaba aterekwa ivy'umwumvikano kuri aka karere.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine amaze igihe ku gitsure gikomeye aterwa na mugenziwe wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump amusaba guhebera Uburusiya Donbas yose, mu biganiro vy'amahoro bibandanya birongowe na Washington

Gushika ubu, Zelensky aracarahira akarengwa ko atarota ahebera ubutaka Uburusiya, ahubwo agasaba ko hafatwa ingingo zikomeye z'ugukingira Ukraine imbere y'amasezerano ayo ari yo yose.

Ibiganiro vy'amahoro – bigizwe n'imibonano hagati y'abategetsi ba Amerika n'intumwa za Ukraine n'iz'Uburusiya bamwe bamwe ukwabo -vyarabandanije mu mpera z'indwi iheze, ariko ntacavuyemwo.

Nk'uko bivugwa na Zelensky, Amerika yari yasavye ko hoba agahengwe ka Noweli ariko Uburusiya bwamiriye kure iki ciyumviro.