Hezbollah yaraye isubiye kwatsa umuriro muri Israel

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, David Gritten
- Igikorwa, BBC News
Umuhari Hezbollah wo muri Libani waraye urekuriye mu buraruko bwa Israel ibisasu vya muzinga n'indege zitagira abadereva (drone) 200 vyose hamwe, mu guhora igandagurwa ry'umwe mu ntwazangabo nkuru zawo.
Igisirikare ca Israel kivuga ko umwe mu ntwazangabo zaco yishwe muri iki gihuhusi c'ibisasu cateje imiriro ahatari hake.
Mu kwihora, kivuga ko caciye gikubita "ibibanza vya gisirikare" vya Hezbollah hamwe n'ibindi bibanza mu bumanuko bwa Libani.
Ibinyamakuru vya Libani bivuga ko umuntu umwe yishwe mu gitero ca drone mu gisagara ca Houla cakozwe na Israel.
Iki gitero caje gikurikira kindi cakozwe ku muhingamo wo ku wa gatatu aho harekuwe ibisasu vya muzinga 100, ni kimwe mu bitero bikomeye gushika ubu mu kiringo c'amezi icenda y'imishamirano hagati y'izi mpande, ivyateje ubwoba ko hashobora kwaduka intambara yuzuye.
Intwazangabo ya Hezbollah yishwe mu gitero co mu kirere ca Israel hafi y'igisagara ca Tyre mu bumanuko bwa Libani, Mohammed Nimah Nasser, ni umwe mu bategetsi bakuru b'uno muhari bishwe muri iyi mishamirano.
Igisirikare ca Israel kivuga ko Nasser yari arongoye ishami rya Hezbollah, Aziz Unit, rizwi ko ari ryo rirekura ibisasu vya muzinga biva mu bumanuko bushira uburengero bwa Libani, kikamwagiriza kandi ko ari we yahagararira "ibitero bitari bike vy'iterabwoba".
Kimufata kandi nk'"umugenzi" wa Taleb Sami Abdullah yari arongoye irindi shami, igandagurwa ryiwe mu kwezi guheze rikaba ryatumye Hezbollah irasa ibisasu vya muzinga n'ivya misire birenga 200 ku musi umwe gusa mu buraruko bwa Israel.
Kuva hadutse intambara hagati ya Israel na Hamas muri Gaza ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze, hafi buri musi hama hari ukurasana ku rubibe rwa Israel na Libani.
Hezbollah ivuga ko ibikora mu gushigikira uno muhari w'Abanyapalestina ufashwe mu mugongo kandi na Irani. Israel, Ubwongereza n'ibindi bihugu bifata iyi mihari yompi ko ari iy'iterabwoba.
Gushika ubu, bivugwa ko abantu barenga 400 bamaze kwicwa muri Libani, abenshi muri bo bakaba ari abarwanyi ba Hezbollah, hamwe n'abandi 25 muri Israel, benshi muri bo bakaba ari abasirikare.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yiyemeje kugarukana umutekano mu buraruko bwa Israel.
Ejo ku wa kane, yavuze ati: "Muri uru rugamba rugoye rwo muri Libani, twarafashe icemezo - uwo ari we wese adutera ni umupfu. Iki turiko turagishira mu ngiro".
Izi ndyane zimaze kandi gutuma ibihumbi n'ibihumbi baba mu buraruko bwa Israel no mu bumanuko bwa Libani bata izabo.
Igihe Nasser yariko arashingurwa ejo ku wa kane ku mugwa mukuru wa Libani Beirut, Hashem Safieddine, umutegetsi wo hejuru wa Hezbollah yagabishije ati: “Igikorwa co guhora igandagurwa ry'umutegetsi wacu twakunda cane Hajj Abu Nimah [Nasser]... catanguye mw'ijoro riheze kandi kidatevye.
“Tuzobandanya n'uru rukurikirane rw'ibitero ku bigo umwansi atahora yibaza ko bishobora gushikirwa”.
Umuvugizi w'ingabo za ONU zarungitswe kugarukana amahoro muri Libani, UNIFIL, avuga ko ibi bitero ubu biriko birashika hagati mu gihugu ku mpande zompi, agatera akamo Israel na Hezbollah kwifata.
Kandice Ardiel yabwiye BBC ati: “Dufise impungenge nyinshi...kubera iyo habaye ukurasana, iyo hari ikintu ico ari co cose kibaye, ibintu birashobora kwunyuka bikaba bibi cane iyo hari ukutumvikana".
Mu ndwi ziheze, habaye utwigoro twinshi two kugerageza guhuza impande zompi mu ntumbero yo kugabanya icuka kibi, mu gihe ONU na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bigabisha ko ibintu bishobora kuba nabi cane bikavamwo intambara ishobora kwinjirwamwo na Irani hamwe n'iyindi mirwi yishize hamwe.
Abategetsi ba Israel babandanya bagabisha ko biteguriye intambara ari nka hamwe inzira z'ibiganiro zonanirwa. Ku wa gatatu, umushikiranganji wo kwivuna abansi Yoav Gallant yavuze ko vuba igisirikare kizoba citeguriye "gufata ingingo iyo ari yo yose muri Libani, canke gushika ku masezerano kanaka gihagaze neza".
Hezbollah, umuhari ufatwa nk'umwansi rutura gusumba Hamas, ivuga ko itipfuza intambara yuzuye na Israel, kandi ko izokwubahiriza muri Libani amasezerano ayo ari yo yose yo guhagarika intambara hagati ya Israel na Hamas muri Gaza. Ariko igabisha kandi Israel ko izorwana "ataco yinona" mu gihe hoba intambara.










