Bishasha hagati ya Israel na Hamas: OMS/WHO ivuga ko ibitaro bikuru vya Gaza bitagikora nk'ibitaro

Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS/WHO rivuga ko ibitaro vya Al-Shifa mu gisagara ca Gaza bitagishoboye kubandanya ibikorwa vyavyo.

Bivugwa ko abantu baharurwa mu bihumbi bugaraniwe muri ibi bitaro bitagifise umuyagankuba kubera ibitero muri ako gace.

Umukuru wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga ko "urwamo rw’amasasu n’ibibombe vya buri mwanya” muri ako karere hafi y’ibi bitaro "vyatumye ibintu biyangara mu gihe vyari bisanzwe bimeze nabi”, kandi ko “Al-Shifa itagikora akazi kayo nk’ibitaro”.

Amakuru ava muri ibi bitaro avuga ko abarwayi bari hagati ya 600 na 650 barwariye muri ibi bitaro, mu gihe abakozi hagati ya 200 na 500 hamwe n’abataye izabo bababa 1500 bahahungiye bugaraniwe muri vyo.

OMS isubiramwo akamo kayo isaba ko “intambara ihagarara vuba bwango”, kandi ko “abasivire n’abakozi bo mu buvuzi bokingirwa”.

Umuvugizi w’igisirikare ca Israel (IDF) Daniel Hagari avuga ko Israel "yuguruye amayira yateguwe ava mu nyubakwa z’ibitaro” mu buraruko bwa Gaza yerekeza mu bumanuko kandi ko yavuganye n’abarongoye ibitaro Al-Shifa mu ntumbero yo "gufasha kwimura abarwaye n’abakomeretse”.

Yavuze kandi ko Israel "yiteguye gufasha" kwimura inzoya zitari nke ziri muri ibi bitaro ubu ziri mu kangaratete” kugira kibimurire mu bindi bitaro.

Hagati aho, ishirahamwe ry’ubutabazi rivuga ko abana batari bake bavutse bataragera bakivurirwa muri ibi bitaro bidakunda ko bimurwa.

Mw’itangazo yasohoye ejo ku wa Mungu, umukuru w’ishirahamwe Medical Aid for Palestinians (MAP), Melanie Ward, yashikirije amakenga kuri ibi bivugwa na Israel.

Ward avuga ko "uburyo bwonyene" bwo kurokora izi nzoya ari uko Israel "ihagarika ibitero n’igotwa rya Al Shifa, kugira ngo igitoro gishike muri ibi bitaro, kandi kugira ngo abavyeyi b’izi nzoya bashoboye kurokora basubire kubona abana babo".

Hagari yavuze kandi ko igisirikare ca Israel casize amalitiro 300 y’igitoro hafi y’ibi bitaro nijoro kugira ngo bishobore kugikoresha, ariko ko Hamas "yabujije kandi igatera ubwoba ibi bitaro" ko bitohirahira ngo bigitore.

Mu masaha make aheze, Hamas yasohoye itangazo ihakana ko itigeze ibuza abarongoye ibi bitaro gutora ico gitoro.

Hagati aho, mu gihe ibi bitaro vyaherewe n’ibitoro, umukuru w’igisata kijejwe kubaga kuri ibi bitaro Al-Shifa, Dr Marwan Abu Saada avuga ko aya malitiro 300 ataco avuze kuri ibi bitaro, kuko ashobora gukora mu kiringo c’inusu y’isaha imwe gusa.

Avuga ati: “[Amalitiro 300] ntaco avuze. Ashobora kwatsa imoteri yacu mu kiringo c’iminota 30 gusa”, akavuga ko amamoteri y’ibi bitaro Al-Shifa akoresha amalitiro 24.000 ku musi.

Mu misi 30 iheze, vyabaye ngombwa ko abakozi ba Al-Shifa bimba imva rusangi zine kugira bahambe abapfuye batagira benebo, mu gihe ibindi biziga 100 bikirambaraye hanze mu kigo c’indembe.

Ati: “Ibi ni isoko ry’ingwara z’ivyaduka n’izandukira. Aka ni akaga”.

Ni mu gihe ishirahamwe ONU ritangaza ko abaforoma batatu bakora kuri ibi bitaro Al-Shifa boba barishwe kubera "ibitero vya bombe n’ukurasana" mu micungararo y’ibi bitaro vyiyongereye.

Mu makuru yatanze ejo, ONU ivuga ko inyubakwa nyamukuru z’ibi bitaro zononekaye - harimwo “icumba gitanga umwuka wa oxygene, amatanki n’ikinogo vy’amazi, icumba kivurirwamwo abafise ingorane z’umutima, hamwe n’icumba c’ukwibarukiramwo.

Israel yagiriza Hamas ko ikorera mu kuzimu musi y’ibi bitaro vya mbere binini vya Gaza, ivyo Hamas ihakana.

Abajijwe nimba Hamas ikorera hagati muri ibi bitaro vya Al-Shifa, Dr Marwan avuga ko ibi birego ari “ikinyoma ceruye”.