Kwunamira Umwamikazi: Intumwa za China zankiwe kwinjira mu ngoro ya Westminster

Umwamikazi

Ahavuye isanamu, Reuters

BBC yamenye ko intumwa z’Ubushinwa zankiwe kwinjira kugira zisezere ubwa nyuma Umwamikazi Elizabeth II.

Umukuru w’inama nshingamateka y’Ubwongereza Sir Lindsay Hoyle yanse ubusabe bw’izi ntumwa bwo kwinjira mu cumba hari isandugu y'ikiziga c’Umwamikazi mu ngoro ya Westminster, kubera ibihano Ubushinwa bwafatiye abashingamateka batanu n'abakenguzamateka babiri, nk’uko vyanditswe ubwa mbere n’ikinyamakuru Politico.

Vyitezwe ko isandugu y'ikiziga c’Umwamikazi Elizabeth igumizwa muri ico cumba gushika umusi azoshingurirwako, bikaba bitegekanijwe ko ari ku wa mbere.

Mu mwaka uheze, Ubushinwa bwafatiye Abongereza icenda – harimwo abashingamateka indwi – ibihano vyo kutinjira mu Bushinwa n'ugubafatira amatungo kubera bagirije Pékin/Beijing guhohotera aba-Islam bo mu bwoko bw’aba Uighur.

Iki catumye umuserukizi w’Ubushinwa mu Bwongereza abuzwa kwinjira mu nama nshingamateka – ingingo ubu yafatiwe intumwa zashaka gusezera ubwa nyuma Umwamikazi Elizabeth.

Imigenderanire hagati y’Ubwongereza n’Ubushinwa isanzwe itifashe neza, iyi ngingo yo kuzibira intumwa zabwo ikaba isa n’iyije gusongera isibe.

Hagati aho, icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa yitezwe kwitabira ibirori vyo gusezera uyu Mwamikazi ku wa mbere bizobera mu rusengero rwa Westminster Abbey , ujabutse ibarabara uva ku ngoro y'inama nshingamateka.

Nk’uko biri mu gitabo c’amategeko agenda inama nshingamateka na nkenguzamateka kizwi nka Erskine May, mu 1965 Umwamikazi Elizabeth II yaremeye ko igenzurwa ry’ingoro ya Westminster ryogabanganywa hagati y’umutegetsi azwi nka Lord Great Chamberlain – asanzwe agenwa n’umwami canke umwamikazi – hamwe n’abakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nta hantu na hamwe havugwa ibijanye no kugenzura abinjira mu bihe nk’ibi vyo gusezera ubwa nyuma umunyacubahiro, ariko iyo hageze gutanga “ubutumire ku banyacubahiro mvamahanga kugira ngo bashikirize ijambo ku nama nshingamateka na nkenguzamateka mu ngoro ya Westminster”, aba batatu bategerezwa kuvyumvikanako.

Mu kw’icenda kw’umwaka uheze, Sir Lindsay n’umukuru w’inama nkenguzamateka Lord McFall babwiye uwuserukira Ubushinwa mu Bwongereza ko adashobora kuza mu nama nshingamateka kubera ibihano vya Pékin.

Ico gihe, iyi ngingo yaraneguwe na reta y’Ubushinwa ivuga ko ari “agasuzuguro n’ubuhemu”.

Ku wa kane, uyu murwi w’abashingamateka n'abakenguzamateka indwi , harimwo abashikiranganji Iain Duncan Smith na Tim Loughton bo mu mugambwe w’aba Conservateurs/Conservative, basavye bashimitse umushikiranganji w’imigenderanire gufuta ubutumire bwahawe Perezida Xi w’Ubushinwa bwo kwitaba ibirori vyo gushingura Umwamikazi.

Bavuga ko bitoba “bibereye na gato” ko reta y’Ubushinwa iserukirwa, kubera urugero rw’ihonyanga ry’agateka ka zina muntu.

Laughton yabwiye BBC ati: "Ntushobora kugiriranira imigenderanire myiza n’igihugu gikora amabi nk’ayo gikora, ataho atandukaniye n’ihonyabwoko ku ba-Uighur, ihohotera ribandanya muri Tibet kuva imyaka 60/70 iheze, co kimwe n’ivyo tubona bibandanya muri Hong Kong”.

Ibihugu bitari bike vyo mu Burengero vyarafatiye ibihano abategetsi b’Ubushinwa kubera ivyo bwagirizwa ko buhonyanga agateka ka zina muntu ku nkehwa z’aba-Uighur.

Ubushinwa bupfungiye aba-Uighur mu makambi yo mu ntara ya Xinjiang iri mu buraruko bushira uburengero, ahavugwa iyicarubozo, kubakoresha ku gahato hamwe n’ihohotera rishingiye ku gitsina.

Ubushinwa burahakana ibirego vy’ihohotera, bukavuga ko aya makambi ari inyubakwa “z’inyigisho” akoreshwa mu ntumbero yo kurwanya iterabwoba.

Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa ari ku rutonde rw’abashitsi muri ibi birori vyo gushingura Umwamikazi ariko nta wuzi ko azovyitaba.

Abategetsi b’Ubwongereza biteze ko ico gihugu ahubwo kizoserukirwa n’icegera c’umukuru w’igihugu, Wang Qishan.

Umuvugizi w’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere avuga ko hari amasezerano asanzwe ahari ko ibihugu bifitaniye imigenderanire n’Ubwongereza bitumirwa mu birori vy’igihugu vyo gushingura abanyacubahiro.