Umwamikazi Elizabeth II na Africa: Ibihe bikomeye vy'ingoma yiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi Elizabeth II yagendeye ibihugu birenga 20 vyo muri Afrika ku ngoma yiwe, igihe ingoma y'Ubwongereza yariko irarangira, ukwikukira nakwo kuriko kurashwara Afrika. Ubucuti budasanzwe bwarabandanije biciye mw'ishirahamwe rya Commonwealth, umwamikazi yari arongoye. Yari imigenderanire ikomeye - rimwe na rimwe igoye - imigenderanire iri hagati y'ingoma y'Ubwongereza hamwe n'igihe c'ubukoloni.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuganwakazi Elizabeth yavugiye ijambo imbere y'inzu ya reta i Cape Town, muri Afrika y'Epfo igihe yashikana imyaka 21, yiyemeza ko ubuzima bwiwe bwose azokorera ishirahamwe rya Commonwealth. "Ahantu hose nagiye muri iki gihugu ciza ca Afrika y'Epfo.... abavyeyi banje, mwenewacu nanje nyene twarakunzwe cane n'abanyagihugu baco, gushika aho twiyumva nk'abantu bari muhira ngaha, nk'uko umenga twabanye na bo ubuzima bwabo bwose.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuganwakazi Elizabeth agaragara ngaha mw'ihoteli Treetops muri Kenya ari kumwe n'umugabo wiwe, Duke wa Edinburgh. Mu nyuma akiri muri urwo rugendo, yumvise amakuru ko se wiwe, Umwami George VI yatanze kandi ko ategerezwa kuba umwamikazi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uru ni rumwe mu ngendo zibiri umwamikazi Elizabeth yagize muri Nigeria. Yafashwe ifoto ngaha ari kumwe n'umutegetsi Oba Adenji-Adele II i Lagos. Yaragendeye kandi Calabar, Enugu, Jos, Kaduna, Kano na Port Harcourt.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi Elizabeth ariko aratambana na Kwame Nkrumah, prezida wa mbere wa Ghana inyuma yo kwikukira, yaza n'imbere mu muhari w'abashaka kwikukira. Yatamvye umuziki wateguriwe urwo rugendo wiswe Welcome Your Majesty.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi Elizabeth n'umuganwa Philip bafashwe ifoto bari kumwe n'igikomangoma Haile Selassie wa Ethiopia i Addis Abeba, mu rugendo rw'akazi. Ico gikomangoma carahungiye mu Bwongereza hagati ya 1936 na 1941 inyuma y'aho Ubutaliyano bwigaruriye igihugu ciwe aza kugaruka ku ngoma mu 1941 igihe Ubwongereza na Commonwealth batsinda Ubutaliyano.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi Elizabeth na prezida El Tigani El-Mahi bariko barava ku kibuga c'indege ca Khartoum mu modoka. Urugendo rwiwe muri Sudani harimwo n'umuhingamo w'isiganwa ku ngamiya hamwe n'urugendo rwo kuraba ibikorwa vyo kwubaka urugomero rw'umuyagankuba rwa Roseires kuri Nil Bleu, rwarangiye mu mwaka ukurikira.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi ari kumwe na prezida Julius Nyerere atanguye urugendo rw'akazi rw'imisi itatu. Imyaka 18 imbere y'aho, Dr Nyerere yari yashikanye Tanganyika yahoze ikoronijwe n'Ubwongereza ku ntahe yo kwikukira, aca aba uwa mbere akibereye umushikiranganji wa mbere hanyuma aba prezida w'ico gihugu wa mbere. Uko imyaka yagenda, yagiye yanka cane Ubwongereza n'Uburaya. Ariko, reta y'Ubwongereza yamubona nk'umuntu afise inguvu zo guhoyahoya mu karere karimwo ibihuhusi vyinshi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida wa Zimbabwe yarahawe ikidari n'umwamikazi mu 1994. Ariko igihe imishamirano yongerekana hagati ya Zimbabwe na reta y'Ubwongereza ku mugambi w'isubirwamwo ry'itangwa ry'amatongo, Zimbabwe yarikuye muri Commonwealth mu 2003 - hanyuma Mugabe aca yakwa ico kidari mu 2008.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi Elizabeth yafashwe ifoto ashitse ku kibuga c'indege ca Durban. Yari mu rugendo rw'akazi rw'imisi itandatu muri Afrika y'Epfo, hakaba habaye igihe c'imvura ciza mu myaka 10, aho yaciye atazirwa Motlalepula canke "umwamikazi w'imvura".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi ari kumwe n'umukuru w'igihugu wa mbere wa Afrika y'Epfo w'umwirabure, Nelson Mandela, bivugwa ko bakundana cane. Umwamikazi yarandikiye amakete prezida Mandela aho yakoresha "Umugenzi wawe nyawe, Elizabeth R" kandi bisa n'uko yamuhamagara "Nelson", mu gihe bivugwa ko na we yamuhamagara bisanzwe "Elizabeth" aciye ku ruhande amategeko agenga ubwami.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwamikazi yaragendeye Nigeria ubugira kabiri mu 2003. Ico gihugu cari carahagaritswe muri Commonwealth kubera kutubahiriza agateka ka zina muntu ku butegetsi bwa gisirikare bwa Sani Abacha mu 1995, gisubira kwemererwa kugaruka mu 1999, hagarutse ubutegetsi bwa gisivile. Umwamikazi na prezida Obasanjo bagaragara ngaha mu birori vyo kwugurura inama y'abakuru b'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe Commonwealth i Abuja.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu rugendo rwa nyuma ku mugabane wa Afrika, uwo mwamikazi amaze umwanya muremure ku butegetsi yarahuye n'umwe mu baprezida bamaze imyaka myinshi ku butegetsi, Yoweri Museveni, na we ari ku butegetsi kuva mu 1986. Yari yarigeze kugendera Uganda imbere y'aho - mu rugendo rwa mbere rw'akazi muri Afrika nk'umwamikazi mu 1954.










