Korea ya Ruguru yabaye irahagarika burundu amasezerano ya gisirikare ifitaniye na Korea y’Epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Phelan Chatterjee & Jean Mackenzie
- Igikorwa, BBC News
Korea ya Ruguru yafuse amasezerano yari amaze imyaka itanu hagati yayo na Korea y’Epfo yari afise intumbero yo kugabanya icuka kibi hagati y’ibisirikare vy’ibi bihugu, icerekana ingene ukutumvikana hagati yavyo kuriko kwiyongera.
Vyose vyatanguye igihe Korea ya Ruguru ivuze ko yarungitse mu kirere ikigendajuru maneko ku wa kabiri kandi ko vyagenze neza.
Ibi vyatumye Korea y’Epfo ifata ingingo yo guhagarika vy’agateganyo ano masezerano, inavuga ko yari gutangura kurungika indege za maneko ku rubibe rw’ibi bihugu vyompi.
Ubutegetsi bw'i Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) bwahagurukiye guhagarika burundu aya masezerano no kurungika ingabo be n’ibirwanisho bikomeye gusumba ku rubibe.
Mw’itangazo, buvuga buri: "Kuva ubu, igisirikare cacu ntikizogengwa n’amasezerano ya gisirikare yo ku wa 19 Nyakanga/Nzeri hagati ya Korea ya Ruguru na Korea y’Epfo''.
Yiyemeje ko izohagarika ingingo zose ''zafashwe mu ntumbero yo kubuza imishamirano ya gisirikare mu bisata vyose, harimwo ku butaka, mu mazi no mu kirere'', kandi ko izorungika ''ingabo zifise ibirwanisho bikomakomeye hamwe n’ibikoresho bishasha vya gisirikare'' mu karere kari ku rubibe.
Mu masaha yitereye yo ku wa kabiri, Korea ya Ruguru yarekuye igisasu kivugwa ko gitekeye ikigendajuru maneko kizwi nka Malligyong-1, inahayagiza iki gikorwa ivuga ko ''cagenze neza''.
Korea y’Epfo yatangaje mu nyuma ko iki kigendajuru cari cinjiye mu nzira yaco (orbit) ariko ko hari hakiri kare kumenya nimba koko cariko kirakora.
Leta ya Korea y'Epfo yariyamirije irungikwa ry’iki kigendajuru - mbere mu gatondo k’ejo ku wa gatatu baciye yiyemeza gutangura ubwo nyene ibikorwa vyo kugenzura urubibe, bishobora guyiha akaryo ko gukurikirana ibirindiro n’ibirwanisho birasa kure vya Korea ya Ruguru.
Ibi bihonyanga amasezerano ya gisirikare yo mu 2018 ashinga akarere katemerewe gucamwo indege – yateweko igikumu n’abategetsi b’ibi bihugu vyompi mu ntumbero yo kugerageza kugabanya icuka kibi hagati yavyo no kwirinda intambara yokwaduka.
Ariko Korea ya Ruguru imaze guhonyanga aya masezerano incuro zitari nke mu myaka ibiri iheze, mu kurekura ibisasu vya misire no kurasa ibisasu vya muzinga mw'ibahari amaja muri Korea ya Ruguru.
Muri Kigarama/Ukuboza, yararungitse indege zitagira abadereva (drone) zajabutse urubibe zinjira muri Korea y’Epfo, mbere imwe ikaba yarashitse mu kirere ca Seoul.
Ibi biri mu nsiguro Seoul itanga mu gufuta bimwe mu biri muri ano masezerano – vyari vyaramaze guhonyangwa na Korea ya Ruguru.
Ni co gituma bamwe mu bahinga babona ko ukwidohora ku mugaragaro kwa Pyongyang muri ano masezerano bishobora kudahindura ikintu kinini.
Jo Bee Yun wo mu kigo Korea Institute for Defence Analysis, avuga ati: "Bitumwe n’uko ubwa mbere ho Korea ya Ruguru yari yararenze kuri ayo masezerano, hamye hari ivyago vyo gushobora co gusekana”.
N’aho impande zompi zagirizanya kwunyura ibintu zikama zihiga kwishurana, Jo Bee Yun avuga ko ibi ari ya ngendo y'''ingere ku yindi muri poritike'' idashobora gutuma haba ''itana mu mitwe rya gisirikare''.
Inkurikizi yavyo ishobora kuzova ku co Korea ya Ruguru izokora.
Chun In-bum, intwazangabo y’umukukuruke ku rwego rwa Liyetena Jenerali mu gisirikare ca Korea y’Epfo avuga ko Korea ya Ruguru ishobora kuba ishaka “kugora Korea y’Epfo nk’uko nayo ishaka kugora Korea ya Ruguru”.
Abona ko Korea ya Ruguru izotangura yerekana ibirwanisho rutura ku rubibe, be no mu kugurura ayandi madrone ashobora no kwinjira ku butaka bwa Korea y’Epfo.
Umushikiranganji wa Korea y’Epfo ajejwe kwivuna abansi Shin Won-sik yagabishije ko ari nka hamwe Korea ya Ruguru yokwitwaza ihagarikwa ry’ano masezerano igakora ivyo gusotora, Seoul izoca ''ubwo nyene iyihana kandi n’inguvu nyinshi gushika kw'iherezo.''
Avuga ko azokurikiranira hagufi inyifato ya Korea ya Ruguru kandi ko azovugana na Perezida Yoon Suk-yeol ibijanye n’ingingo zofatwa igihe azogarukira avuye mu rugendo mu Bwongereza.
Pyongyang ishimangira ko iki kigendajuru maneko kiri mu vyo ''ifitiye uburenganzira mu vyo kwivuna abansi'' - ariko ciyamirijwe bikomeye na Korea y’Epfo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubuyapani.
Guhingura ikigendajuru maneko gikora ni ikintu gihambaye mu mugambi wa gisirikare w’imyaka itanu wateguwe n’indongozi yayo Kim Jong Un muri Nzero (1) 2021.
Ubu buhinga bushobora guha Pyongyang ubushobozi bwo gukurikirana uruja n’uruza rw’ibirwanisho n’ingabo za Amerika na Korea y’Epfo mu karere kose ka Korea, gutyo igashobora kubona ikintu gishobora kuyibangamira. Bushobora kandi guha Korea ya Ruguru ubushobozi bwo gukora ibitero vya nikleyeri idahusha.
Ibinyamakuru vya Korea ya Ruguru bivuga ko indongozi y’iki gihugu Kim Jong Un yamaze gutangura kwihweza amasanamu y’ibirindiro vy’igisirikare ca Amerika ahitwa Guam yarungitswe n’iki kigendajuru gishasha. BBC ntirashobora guhinyuza iyi nkuru.










