Haiti: Imirwi yitwaje ibirwanisho yateye ibohero itorokesha impfungwa 4.000

    • Umwanditsi, Na Henri Astier
    • Igikorwa, BBC News

Imirwi y’abitwaje ibirwanisho yateye kw’ibohero rikuru ku mugwa mukuru wa Haiti, Port-au-Prince, barekuza impfungwa.

Umunyamakuru wo muri ico gihugu yabwiye BBC ko igice kinini c’izi mpfungwa zababa 4000 zatorotse.

Mu batorotse harimwo abari muri iyi mirwi y’inkozi z’ikibi bafise uruhara mw’igandagurwa rya Perezida Jovenel Moïse mu 2021.

Kuva mu myaka mike iheze, indyane muri iki gihugu ca mbere gikenye ku mugabane wa Amerika zariyongereye.

Imirwi yitwaje ibirwanisho ifise intumbero yo kwomora Umushikiranganji wa mbere Ariel Henry igenzura 80% y’umugwa mukuru Port-au-Prince.

Ibintu vyasubiye kwunyuka ku wa kane igihe umushikiranganji wa mbere yafata urugendo rwamushikanye i Nairobi ku kibazo co kurungika ingabo mpuzamakungu zizoba zirongowe na Kenya muri Haiti.

Umwe mu bakuru b’imirwi yitwaje ibirwanisho Jimmy Chérizier (azwi ku ritazirano rya "Barbecue") yatangaje igitero giteguwe neza co kumwomora.

"Twese hamwe, imirwi yitwaje ibirwanisho mu bisagara vyo mu ntara zo hagati mu gihugu hamwe n’iyo ku mugwa mukuru, twunze urunani", niko uno yahoze ari intwazangabo mu gipolisi avuga, akaba azwi ko ari inyuma y’ubwicanyi butari buke ku mugwa mukuru Port-au-Prince.

Mu kurasana kwabaye, abapolisi bane barahasize ubuzima abandi batanu nabo barakomereka. Ibiro vy’ubuserukizi bw’Ubufaransa muri Haiti bisaba abantu kwirinda ingendo hagati no mu micungararo y’umugwa mukuru.

Igipolisi co muri Haiti gisaba igisirikare gufasha gukomeza umutekano ku mabohero, ariko iri bohero ryatewe mu masaha yitereye yo ku wa gatandatu.

Ejo ku wa Mungu, imiryango y’iri bohero yari icuguruye kandi nta n’umwe yari ahari mu bajejwe umutekano, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters. Ritangaza ko abantu batatu bariko baragerageza gutoroka bari barambaraye hasi bapfuye.

Umukozi wo muri iryo bohero yabwiye abanyamakuru ba Reuters ko impfungwa 99 - harimwo abahoze ari abasirikare ba Colombia bapfunzwe ku ruhara rwabo mw’igandagurwa rya Perezida Moïse – zahisemwo kuguma mu vyumba vyabo muri iryo bohero ku gutinya kwicwa mu gihe haba ukurasana.

Kuva Perezida Moïse yishwe , indyane zariyongereye. Ntarasubirizwa kandi nta matora arigera ahaba kuva mu 2016.

Mu masezerano yari yashitsweko hagati y’abanyaporitike, hategerezwa kuba amatora, maze Henry akaba yategerezwa gutanga imihoho ku wa 7 Ruhuhuma (2), ariko ibi ntivyabaye.

Muri Nzero (1), ONU yavuze ko abantu barenga 8400 bakorewe amabi n’imirwi yitwaje ibirwanisho muri Haiti, harimwo abishwe, abakomeretse n’abanyurujwe – ni incuro zirenga zibiri ugereranije n’umwaka wa 2022.