Ubugiriki bwemeje itegeko ryemerera abubakana bafise ibitsina bisa

    • Umwanditsi, Na James Gregory
    • Igikorwa, BBC News

Ubugiriki bubaye igihugu ca mbere c’Abakristu/Abakristo bo mw’Ishengero ry’aba-Orthodox, ari nabo benshi muri iki gihugu, cemeje ku mugaragaro itegeko ryemerera abashaka kwubakana bafise ibitsina bisa.

Ubu, abubakanye bafise ibitsina bisa bazoba bafise uburenganzira bwo kurera abana inyuma y’aho iri tegeko ryemerejwe n’abashingamateka 176, 76 nabo bakarihakana, mu matora yabaye ejo ku wa kane mu nama nshingamateka.

Umushikiranganji wa mbere Kyriakos Mitsotakis avuga ko iri tegeko rishasha “rizokuraho ubusumbane bukomeye".

Ariko ryacanishijemwo igihugu, aho Ekleziya y’Aba-Orthodox ifise inguvu zikomeye mu gihugu, irirwanya yivuye inyuma. Abanywanyi bayo bakoze imyiyerekano ku mugwa mukuru Athènes.

Benshi mu bari muri ino myiyerekano bari bafise ivyapa, imisaraba, batera ibisabisho bongera baririmba imirongo yo muri Bibiliya mu kibanza ndangakaranga Syntagma Square kiri imbere y’ingoro y’inama nshingamateka y’Ubugiriki.

Umukuru w’ishengero rya Orthodox, Musenyeri mukuru Ieronymos, avuga ko iri tegeko "rizokwonona ubumwe bw’igihugu".

Integuro y’iri tegeko yari ikenewe kwemezwa ku majwi arenze 50% y’abatoye bemeza n’abatoye bahakana (majorité simple) mu bashingamateka 300 bagize ino nama nshingamateka y’Ubugiriki.

Mitsotakis yarafashe iya mbere mu kurwanira iri tegeko, ariko yari akeneye gushigikirwa n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi kugira ngo ryemezwe, mu gihe hari abatari bake bo mu mugambwe wiwe barirwanya.

Mw’ijambo yashikirije abashingamateka igihe bariko barariharirako, umushikiranganji wa mbere yagize ati: "Abanyagihugu bataja ahabona ubu bagiye kuja ahabona iruhande yacu, kandi hampande yabo, abana benshi ubu bagiye kuronka ikibanza cabo.

"Iyi mpinduka igiye guhindura ubuzima bwa benewacu batari bake, ata kintu na kimwe cononekanye ku buzima bwa benshi".

Iri tegeko ryakiranywe yompi n’abari mu mihari y’abatinganyi LGBTQ mu Bugiriki.

Stella Belia, umukuru w’umuhari Rainbow Families uhurikiyemwo abatinganyi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: "Iki ni igihe kidasanzwe. Ni umusi w’umunezero”.

Ibihugu 15 muri 27 bigize Umuryango w’ibihugu vya Bulaya biramaze kwemeza amategeko yemerera abubakana bafise ibitsina bisa. Kw’isi, ano mategeko amaze kwemezwa mu bihugu 35.

Gushka ubu, Ubugiriki bwari bukiri inyuma y’ibihugu bibanyi vyabwo ku mugabane wa Bulaya, ahanini kubera Ekleziya irwanya iri tegeko.

Ni co gihugu ca mbere cemeje iri tegeko mu bihugu biri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umugabane wa Bulaya.