Umushikiranganji w’Ubufaransa araharanira uburenganzira bw’abatinganyi muri Afrika

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ugufashanya n’amakungu, Chrysoula Zacharopoulou, asaba ibihugu vya Afrika kwubahiriza uburenganzira bw’abantu bari mu murwi w’abatinganyi, ikizwi nka LGBTQ.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru wa Ghana ejo ku wa mbere, Accra, umupfasoni Zacharopoulou yavuze ko gukingira uburenganzira bw’abatinganyi ari ikintu shingiro c’agaciro gakomeye kandi ko azobandanya abavugira aho azoja hose muri Afrika.

Ati: "Mu gihugu canje no mu Muryango w’Ubumwe bwa Bulaya, turatsimbataza uburenganzira bwa muntu, kandi birumvikana ko mu bushikiranganji bwanje, ari ngombwa ko duhagararira uburenganzira bw’abatinganyi.

“Rero ico novuga ni uko ibi ari indangagaciro zacu kandi aho nzoja hose muri Afrika, nzobandanya mvuga ko dutegerezwa kwubahiriza twese uburenganzira bw’aba-LGBTQ, kuko iki ni ikibazo c’uburenganzira bwa muntu kandi ibi nama ndabivuga”.

Umupfasoni Zacharopoulou, aho ari mu rugendo rw’imisi itatu muri Ghana, ni we mutegetsi wundi mvamakungu avugiye uburenganzira bw’abatinganyi muri Ghana.

Mu ndwi iheze, icegera c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu rugendo yarimwo muri Ghana, na we nyene yarashikirije amajambo nk’aya ku burenganzira bw’abatinganyi nk’uburenganzira bwa kiremwamuntu.

Abashingamateka ba Ghana bariko baraharira ku nteguro y’itegeko rigenga indangagaciro y’imiryango muri Ghana be n’uburenganzira bwa muntu ku vyerekeye imibonano mpuzabitsina (Promotion des droits sexuels humains appropriés et de la valeur familiale ghanéenne) – rihana abamamaza uburenganzira bw’abatinganyi rikongera rigahanisha umunyororo abemera ko bari mu murwi wa LGBTQ.

Ku wa mbere w’indwi iheze, Perezida Nana Addo Akufo-Addo yavuze ko integuro y’iri tegeko yari “yahinduwe” ku ntererano ya reta.