Russia yahagaritse amajana n’amajana y’abiyamiriza intambara ya Ukraine

Igipolisi c’Uburusiya kivugwa ko cahagaritse amajana n’amajana y’abari mu myiyerekano biyamiriza ingingo ya Kremlin yo gutumako ibihumbi n’ibihumbi vy’izindi ngabo zija kurwana muri Ukraine.

Ishirahamwe ryo mu Burusiya riharanira agateka ka zina muntu OVD-Info rivuga ko abahagaritswe barenga 1.300.

Ahahagaritswe benshi ni mu bisagara vya St Petersburg na Moscou.

Hari abandi batari bake bapfungiwe i Irkutsk no mu bindi bisagara vya Sibérie, hamwe no muri Yekaterinburg.

Amatike y’indege yagurishijwe ku muvuduko inyuma y’itangazo rya Perezida Vladimir Putin.

Amasanamu yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana imirongo miremire ku mbibe, nayo ku rubuga rwa Google ibitigiri vy’abarondera amakuru banditse ngo “ni gute umuntu yova mu Burusiya” vyirashe bwampi.

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya yategetse ko hotumwako ingabo z’integabizoza zababa 300.000 - ariko atari abarikiri – zigategurwa kugira ngo zongerereze inguvu igisirikare c’Uburusiya giherutse gutakaza bikomeye ku rubuga rw’intambara muri Ukraine.

Iyi ngingo yafashwe haciye umusi umwe uturere twa Ukraine twigaruriwe n’Uburusiya dutangaje amatora ya kamarampaka ku bijanye no kwegukira ku Burusiya.

Ni mu gihe kandi, mu majambo yiyamirijwe na Ukraine n’incuti zayo, Putin yashimangiye ko azokoresha “uburyo bwose buhari” mu gukingira ubutaka bw’Uburusiya – ibi bigasigura ko hashobora no kujamwo ibirwanisho vy’ubumara.

Abari mu myiyerekano baragabishwa bikomeye

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Moscou ejo ku wa gatatu vyaragabishije abaca ku mbuga ngurukanabumenyi bahamagarira abantu mu myiyerekano itatangiwe uruhusha, canke abazoyijamwo, ko bashobora gupfungwa imyaka 15.

Bashobora gukurikiranwa mu butungane hisunzwe amategeko ahana abasuzugura ingabo, abakwiragiza “amakuru y’ibinyoma” ku bijanye n’igikorwa ca gisirikare c’Uburusiya muri Ukraine, canke abahamagarira abana kuja mu myiyerekano.

Ibihano ruhasha vy’Ubursiya ku bakwiragiza “ibinyoma” ku ntambara ya Ukraine, hamwe n’abapolisi bakubagura abarwanya imigambi ya Putin, vyatumye imyiyerekano yo kwiyamiriza intambara iba mike cane.

Ariko ishirahamwe Vesna rirwanya intambara ryaratumyeko imyiyerekano mu gihugu cose, rikaba mbere ryaramenyesheje riciye kuri Telegram ko hari benshi bahagaritswe mu gihugu cose.

Videwo yavuye muri Yekaterinburg yerekana igipolisi kiriko gikonganiriza mu modoka n’inguvu nyinshi abari mu myiyerekano.

Vesna yise iki gikorwa "turiyamirije mogila" – “mogila” mu kirusiya rikaba risigura imva.

Pavel Chikov aburanira ishirahamwe Agora riharanira agateka ka zina muntu mu Burusiya, avuga ko kuva ku wa kabiri mu gitondo Agora ryahamagawe n’abantu 6.000 kuri terefone yaryo, Abarusiya barondera amakuru ku vyerekeye uburenganzira bw’abasirikare.

Ni mu gihe amatike y’indege y’abarondera gusohoka baja mu bisagara bikunze kugenderwa nka Istanbul muri Turukiya amwe na Yerevan muri Armenia yaguzwe ku bwinshi, ibiciro vy’amatike yari asigaye navyo bigaca biduga vyirasa bwampi.

Itike y’indege yo kuva muri Moscou ija muri Istanbul canke Dubai yaraduze gushika ku ma euro 9.200 (angana na 9.119 mu madorari y’abanyamerika ) mu bibanza rusangi mu kugenda gusa inyuma y’itangazo rya Putin, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Associated Press.

'Ni ukuri abantu bose bafise ubwoba'

Ingingo ya Kremlin yo gutumako ingabo z’integabizoza ije inyuma y’aho igisirikare c’Uburusiya gitakarije bikomeye muri Ukraine, aho ingabo za Kyiv ziherutse kwisubiza akarere katari gato mu buseruko bwa Kharkiv.

Kuba Perezida Putin agenzura ibimenyeshamakuru vya reta, bituma Abarusiya benshi bashigikira ivyo avuga ko reta "y’iki-Nazi" ya Ukraine na OTAN/NATO ibangamiye Uburusiya, kandi ko Abarusiya bakoresha ikirusiya muri Ukraine bategerezwa gukingirwa. 

Ibitigiri vy’Abarusiya batavuga rumwe na Kremlin kuri Ukraine biragoye kumenya kubera amategeko ruhasha yo kugenzura ibinyamakuru.

Mu Burusiya, abakuru b’intara bashigikiye Putin, ari nabo bategura ibikorwa vyo kwegeranya ingabo z’integabizoza, barabihimiriza.

Alexei Russkikh, buramatari w’intara ya Ulyanovsk, avuga ati: "Ntidushaka gutakaza inguvu, kugaburwamwo ibice canke kurandurwa. Intara yacu, co kimwe n’izindi zose mu gihugu cacu, ifise igikorwa co kurarikira abanyagihugu ibikora vya gisirikare”.

Alexei Teksler, buramatari wa Chelyabinsk avuga ko gutumako izindi ngabo ari nkenerwa mu ntumbero yo “gukingira ubwigenge, umutekano n’ubusugire” vy’Uburusiya.

Ariko Abarusiya bakiri bato babwiye BBC ubwoba bafise kuri aka kamo.

Matvey wo muri St Petersburg avuga ati: "Nahora nibaza ko bitazokwigera bishika.

"Ubu biragaragara ko Putin adashobora gusubira inyuma kandi ko agiye kubandanya intambara yiwe y’ubujuju gushika ku Murusiya wa nyuma”.

"Sinari nkwiye kwinjizwa mu gisirikare muri iki gihe c’ihimiriza, ariko nta kintu cerekana ko ibintu bitazohava biyangara”.

Evgeny w’imyaka 31 aba mu Bwongereza yabwiye BBC ati: "Ni ukuri abantu bose bafise ubwoba, abantu bose bakwiragiza amakuru atandukanye ku vyerekeye aka kamo. Biragoye kumenya ukuri n’ibitari ukuri. Nta n’umwe yizeye reta”.