Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare ba Ukraine bapfa buri musi bagera ku 200 - umuhanuzi wa Zelensky
Umuhanuzi wo mu rwego rwo hejuru wa prezida wa Ukraine yabwiye BBC ko abasirikare ba Ukraine bari hagati ya 100 na 200 bicirwa ku rubuga rw'intambara buri musi.
Mykhaylo Podolyak yavuze ko Ukraine ikeneye amajana n'amajana y'ibigwanisho bikomakomeye mu kwongereza ubushobozi ku rubuga rw'intambara ibahuza n'Uburusiya mu karere ko mu buseruko ka Donbas.
Yavuze kandi ko Ukraine ititeguye gusubira mu biganiro vy'amahoro n'Uburusiya.
Ingabo za Ukraine ziriko ziraterwa amabombe urutitsa mu gihe ingabo z'Uburusiya ziriko ziragerageza kwigarurira akarere kose ka Donbas.
Podolyak agira ati: "Ingabo z'Uburusiya zikoresha ikintu cose uretse ibigwanisho vy'ubumara ku rugamba, harimwo n'ibikoho bikomakomeye, ibikoho bitera za rokete hamwe n'indege."
Yasubiyemwo akamo ka Ukraine ku bihugu vya Buraya ko gusaba ibindi bigwanisho vyinshi, avuga ko "ubusumbane bukomeye" hagati y'igisirikare c'Uburusiya n'ica Ukraine, ari yo mpamvu haba abapfa benshi ku ruhande rwa Ukraine.
Yavuze "ugusaba ibigwanisho bikomeye si ukwigirisha... ariko n'intumbero dukeneye gushikako uravye uko ibintu vyifashe ku rubuga."
Yongeyeko yuko Ukraine ikeneye ibigwanisho bitera rokete nyinshi ica rimwe biri hagati ya 150 na 300 kugira babangabanganwe n'Uburusiya - igitigiri kinini batari bwigere baronka gushika ubu.
Podolyak yavuze kandi ko ibiganiro vy'amahoro bishobora gusubira mu gihe gusa Uburusiya busubije uturere bwigaruriye kuva buteye ico gihugu itariki 24 z'ukwezi kwa kabiri.
Igitigiri c'abasirikare bari hagati 100 na 200 ba Ukraine bapfa buri musi kiri hejuru cane n'ivyahora bigereranywa.
Ku musi wa kane, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Oleksii Reznikov, yavuze ko Ukraine ibura abasirikare 100 buri musi, abandi 500 bagakomereka.
Uko gutanga ibiharuro bitandukanye vyerekana ingene bitoroshe kuronka inkuru nyazo ziva ku rugamba.
Uretse uko gutakaza abantu benshi, Reznikov yemeza ko igitigiri kinini c'abasirikare na bo bicwa.
Reznikov agira ati: "Uburusiya bubandanya guhangana n'abantu benshi n'inguvu nyinshi kandi buratakaza abantu benshi."
"Ariko buguma bufise inguvu zo gutera intambwe ku rugamba mu turere tumwe tumwe."
Muri ico gihe nyene, umukuru w'intara ya Luhansk yavuze ko abarusiya "bariko barapfa nk'isazi" ariko akanasubiramwo ivyavuzwe na Podolyak ko Ukraine ihanganye n'ingorane "zikomeye cane" z'ibura ry'ibirwanisho bikomakomeye.
Abarusiya bariko bashira inguvu nyinshi mu bitero vyo ku gisagara ca Severodonetsk.
Ku musi wa gatatu, prezida Zelensky yavuze ko "kazoza ka Donbas kariko kararondererwa ngaho" kandi abategetsi bavuga ko iyo ntara yahinduwe umunyota n'ibitero bikomeye vy'Uburusiya vyiganjemwo za Misile.
Kuri izo ntambara, hiyongeyeko abagwanyi b'abongereza babiri hamwe n'umunye Maroc bagwana ku ruhande rw'igisirikare ca Ukraine baciriwe urubanza rwo gupfa ku musi wa kane na sentare itemewe n'amakungu y'iciyita Republica y'abanyagihugu ya Donetsk.
Bagiriwe n'icaha co kuba abacangero no "gufata ibigwanisho bagamije gufata ubutegetsi ku nguvu."