Hafashwe abantu benshi mu gikorwa co kurwanya ubwambuzi bushingiye ku kuresha vy'uruhendo muri Afrika

    • Umwanditsi, Wycliffe Muia

Abagera kuri 260 bakekwa kuba abambuzi bakorera kuri internet barafashwe mu gikorwa cakozwe mu bihugu 14 vyo muri Afrika.

Iki gikorwa cayobowe na Interpol ku buryo bw'Ubwongereza, carondera imfatangane z'inkozi z'ikibi zikoresha imbuga hwaniro ngo zisokore amafaranga mu bantu baba baguye mu mutegeko w'ukuresha vy'ububeshi n'ibindi bizwi nka ''sextortion,'' aho abahura n'ivyo vyago bakangishwa ikoreshwa ry'amasanamu atagenewe kuja ahabona.

Abantu barenga 1400 muri Ghana, Kenya, Angola n'ahandi, baramenyekanye, Interpol ikaba igereranya ko bahatakarije amafaranga hafi miriyoni $2,8 (arenga miriyaridi 8 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki).

Urwo rwego ruhuza inzego z'igiporisi kw'isi rwavuze ko rwiyemeje "guhungabanya no kusenyura iyo migwi yikika mu kiza kugira isahure abantu b'intege nke iciye kuri internet".

Muri ico gikorwa co guhwikira abo bantu cakozwe hagati y'amezi ya Mukakaro(7) na Myandagaro(8), igiporisi catoye ico umuntu yogereranya d'usangu twa posita kuri internet (adresse IP), ibikoresho vy'ubuhinga bwa none, indangarubuga n'ibisa n'imyidondoro bifitaniye isano n'abari muri urwo ruhererekane rw'ubwambuzi.

Interpol yavuze ko ivyo vyabashikanye kandi kw'ifatwa ry'udukoresho twa USB, amakarata SIM n'inyandiko za magendo, yongera ica irahagarika ibikorwa remezo 81 vy'ubugizi bwa nabi kuri internet hirya no hino muri Afrika.

Umuyobozi mukuru mfatakibanza w'igiporisi muri Interpol, Cyril Gout yagize ati: "Abakora ubugizi bwa nabi kuri internet baguma baba benshi nko mu gusokora amafaranga mu gukangisha kwerekana amasanamu ategenewe kuja ahabona n'ubwambuzi buciye mu kuresha kw'ububeshi.

Yavuze ko kwiyongera kw'imbuga za internet vyuguruye amahirwe mashasha ku mfatangane z'ubugizi bwa nabi kugira zambure abagwa mu mutego wazo ''bikabatuma batakaza amafaranga kandi bigakomeretsa mu nyifato yabo''.

Abikekwa bagera kuri 68 bafatiwe muri Ghana, aho abategetsi bafashe ibikoresho 835 bamenya n'abantu 108 bakozweko n'ubwo bugizi bwa nabi. Abakora amatohoza ngaho begeranije amafaranga angana na $70.000 ku yashika $450.000 y'agahombo.

Abambuzi aho muri Ghana baronka ayo mafaranga bakoresheje amayeri atandukanye harimwo ubutumwa butari bwo n'amafaranga yo kuriha mu kurungikirwa ikintu kivuye hanze. Barafata ama video atagenewe gushirwa ahabona [nk'ayerekana amenya bariko barayaga ivy'imibonano mpuzabitsina] bagaca bayakoresha mu gukangisha abayarimwo ko bayashira ku mugaragaro.

Mu Senegal igiporisi cafashe abantu 22 bikekwa batora n'urufatangane rw'abantu bigaragaza nk'abasanzwe ari ba rurangiranwa bagaca bafatira ku bigumbagumba vyabo n'imbuga hwaniro n'aho barehereza mu kunyonyeza abantu 120 amafaranga hafi $34.000.

Ibikoresho 65, inyandiko za magendo hamwe n'inyandiko zo kurungika amafaranga zarafashwe muri ico gikorwa co muri Senegal.

Muri Cote d'Ivoire, abapolisi bafashe abantu 24 bakekwa, bafata ibikoresho 29 kandi bamenya abantu 809 bakozweko n'ubwo bugizi bwa nabi. Abambuzi bakoresheje ukwimenyekanisha kw'ububeshi ku mbuga hwaniro kugira bakangishe abo bashaka kwambura, babasaba gutanga amafaranga kugira ntibabashire ku mugaragaro.

Abantu umunani bakekwa barafashwe muri Angola aho abategetsi bamenye abantu 28 bo mu gihugu n'abo hanze baguye mu bugizi bwa nabi, cane cane bashikiriwe biciye ku mbuga hwaniro.

Abambuzi bakoresheje inyandiko z'ubusuma kugirango bakore indangamuntu zitari zo, boroshe ibikorwa vyo guhanahana amafaranga kandi bashobore kunyegeza imyidondoro yabo y'ukuri mu gihe baba bariko baravugana n'abo bashaka kwambura.

Ibindi bihugu vyagize uruhara muri ico gikorwa birimwo Benin, Burkina Faso, Gambia, Guinee, Kenya, Niger, Urwanda, Afrika y'Epfo, Uganda na Zambia.