Nigeria yirukanye Abashinwa mu gikorwa co guhiga abagizi ba nabi bakoresha internet

    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News

Nigeria yirukanye abanyamahanga amajana n'amajana, harimwo n'abanyagihugu 50 b'Abashinwa, mu gikorwa gikomeye co guhagarika mu ndwi iheze imwe mu "migwi minini y'ubugizi bwa nabi burongowe n'abanyamahanga"bifashisha ubuhinga bw'itumatumanako, nk'uko ikigo c'ico gihugu kirwanya ubusuma cabivuze.

Ivyo bishikanye ku 102, igitigiri c'abanyamahanga bahamwe n'ivyaha birimwo ubusuma n'iterabwoba ryifashisha internet, basubijwe mu bihugu iwabo,

Bari mu banyamahanga 192 bafashwe mu gikorwa co gusaka mu muji wa Lagos ku wa gatanu uheze.

Nigeria ni igihugu cabaye rurangiranwa mu busuma bwo kuri internet n'uburiganya buciye ku binyoma bishinguiye ku rukundo.

Ivyaha vy'ubugizi bwa nabi bwifashisha imbuga ngurukanabumenyi vyari mu vyambere vyakozwe muri Nigeria umwaka uheze, nk'uko bivugwa n'umugwi ujejwe gukumira ubugizi bwa nabi bufatiye ku butunzi n'ivy'amahera (EFCC).

Mu myaka iheze, EFCC yarashoboye gufata ahantu henshi abakiri bato bazwi nka "Yahoo Boys", bigira ubuhinga bwabo bwo guhenda abantu bifashishije internet.

Hari kandi n'ibirego vyinshi vy'uburiganya biregwa abanya Nigeria baba mu mahanga - bimwe bimwe vyatowe n'ibiro vy'iperereza vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika (FBI).

Ejo ku munsi wa kane, EFCC yerekanye ku rubuga rwa X ( Twitter) amafoto y'imirongo mire mire y'abanyamahanga bambaye udufukamunwa bari ku kibuga c'indege n'imizigo yabo.

Mu minsi iri imbere hitezwe n'abandi bazohindwa, nk'uko EFCC ibivuga.

Ico gikorwa bataziriye "Eagle Flush", bavuga ko catanguye inyuma y'amakuru baronse bashobora gukorerako.

EFCC ivuga ko muri 192 bafashwe, 148 ni Abashinwa.

Iki kibaye igikorwa c'umukwabu kigira kabiri kuva mu mwaka uheze, gihiga abanyamahanga bafise uruhara mu vyaha bikorerwa kuri internet.

Hafi abashinwa 800 n'aba Filipino 40 barafashwe muri Kigarama umwaka uheze, mu gikorwa co guhasha ubugizi bwa nabi burimwo ububeshi mu rukundo, amafranga yo kuri internet -cryptocurrency , n'ubundi butekamutwe bwo kwiba abantu biciye mu kubasaba gushora imitahe mu bintu bitemewe n'amategeko. Ni igikorwa cabayemwo ubufatanye bwa Nigeria n'ibihugu vy'amahanga.

EFCC ivuga ko irwirirana ry'ubusuma nka ben'ubu muri Nigeria rifatiye ku bushomeri, gushaka gutunga ningonga mu bakiri bato, hamwe n'igisata c'abikorera utwabo cagutse cane kandi kitagenzurwa neza.

Mu mwaka uheze, umukuru wa Meta na Instagram yahanaguye ama konte menshi muri Nigeria y'abantu bariko bagerageza gutega imitego abantu kuri internet.

Abo bakoresha urwenge rwo kwiyita udukumi dushaka urukundo, bagasaba abo batumbereye kubarungikira amafato y'ubwambure bamaze kuyabona bagatangura kubaka amafranga babakangisha kubandagaza-ibizwi nka 'sextortion'.

Izindi konte z'imigwi 5,700 zarahanaguwe, inyuma yo kubona ko zikoreshwa n'abasuma bo kuri internet mu kwigisha abantu ingene batega imitego ben'iyo abandi.

Abahinga n'abategetsi bari baragabishije abakoresha imbuga hwaniro kwiyubara abo bagizi ba nabi bo kuri internet badahengeshanya kwiyongera.